article comment count is: 0

Cibitoke : bivuga igitoke nk’uwivuga uwamugabiye

Urwarwa rurakanywa gose mu ma komine atari make y’intara ya Cibitoke. Nk’uko  iryo zina rivyerekana, himbuka ibitoke cane, bikiyongera ku masaka n’ibindi  bihagwiriye vyose bivamwo urukanywa. Ivyo bituma n’abahaba kurusoma biborohera cane kuko ruboneka kandi rufise akamaro mu kibano. Kukaba nkako, kuva na kera na rindi gusangira akarwa vyahuza imiryango bikunga ubumwe mu miryango. 

Aho hambere ibirabo ntivyari bigwiriye. Inzoga yanyobwa aho ihiye.  Ubu ububare bumaze kugwira, umutoto uwusanze umanitse ku nzu aho badandaza akarwa, bisigura ko hari inzoga y’ibitoke kandi ihiye. 

Mu ntara ya Cibitoke, n’ubu niko bikiri. Twaratembereye ku Munyika  muri komine Rugombo y’intara ya Cibitoke, Tugeze neza na neza kw’ibarabara rya kabiri, niho twabona umutoto ku nzu iri iruhande y’ibarabara. Twaciye twinjira guhonja ingene imeze dusanga bafise inzoga igishushe kuko niho bari bakiyivana mu gihogero (aho batara inzoga kugira ishe). Imbere y’ibare, hari za ntebe ndende zishinze mu kuzimu. Ariko ku rundi ruhande rw’inzu, hari izindi ntebe zisanzwe. Ahejeje kuduha icupa niyo twaciye tuja kwicara inyuma y’inzu kuko izuba ritari bwahashike. Twahasanze abandi bariko basoma bakutsa, twongera dutera ryarenga. 

“Izina ni ryo hantu ?”

Fidèle Simbare,  ni umugabo ahumuye aba iruhande ya paruwase Munyika. Agira ati “Twobura inzoga gute  ibitoke vyariraye mu ntara yacu ?Ibirimwa bivamwo inzoga biragwiriye mu Rugombo cane. Mbere ikomine yacu isangiye izina n’inzoga y’ibitoke igwiriye mu gihugu kuko henshi bayita ‘’Urugombo’’. Yogerako ati: « Erega twarahatswe. Iyo bigenda uko bamwe babishaka, tuba twarishwe n’inyota kuko bavuga ko ari ukurima ibindi biterwa vya kijambere vyimbuka cane ibitoke tugaheba. Ahubwo inzoga tuba tuyiterana iyaba ibiterwa nk’umuceri, itomati n’ibindi bitatwaye ahahora harimwa ibitoke. Ibigobe vyinshi vyahoramwo ibitoke ubu birimwo ivyo biterwa. Ubu icupa riba rigurwa amajana 3 gusa ( rigurwa FBu 600) ». Nico gituma benshi iyo bavuye ku bikorwa vya misi yose baca gusangira irengwe, mbere ubiravye umengo vyacitse nk’umugenzo. 

Mu vyo yatuyagiye yongeyeko ko aho hambere mbere itagurishwa, ahubwo kanaka ahishije inzoga yatumira incuti n’abagenzi bagasoma, bagasogongera, hama bagataha bishongora bati “Naka agana neza”. Aho hambere kandi umukuza w’urwarwa runovu ntiwahara mu nzu kuko wawusanga iruhande y’ikirambi, se rugo yataha akawuteramirako. “Vyashoboka kubera ibitoke vyari bigwiriye”, niko Simbare abisigura. 

Siméon Sahiwacu, asazwe aba aho nyene ku rya kabiri kuri dorosare C we yibukije ko atari ibitoke bikorwamwo inzoga gusa. Avuga ko n’inzoga y’impeke ikorwa mu masaka igwiriye. Hariho rero n’inzoga yitwa Umungazi yahavuye ibuzwa n’abajejwe intwaro yakorwa mu bitumbatumba vy’ibigazi navyo nyene bigwiriye aho mu Rugombo. Ntawokwibagira kandi ko mu nzoga zabujijwe harimwo na Kanyanga yakorwa mu makororo (ibiharurwa vy’imyumbati) canke ibigori. Ivyo biterwa vyose biragwiriye mu ntara ya Cibitoke kuko yimbuka cane. Uhatembereye ku wamungu, usanga abantu baho basayangana ataco binona, basoma inzoga zo mu bwoko butandukanye, nk’uko twabibonye. 

Imiriyoni 118 avuye mu rwarwa !

Usimbiye mu bice bimwebimwe vy’intara ya Cibitoke uca ubona ko Sahiwacu adahuguza, kuko nka komine Mugina harimwo ibitoke vyinshi bihingurwamwo urwarwa. Usangayo ubwoko bwavyo bwinshi nka Mugomozi, Metro 5, Igisubi, n’ibindi. Mugina kandi niho hari isoko nini mu Burundi bwose y’urwarwa. Ikaba iri aho bita mu Nyeshenza. Iyo komine kandi yinjiza amahera atari make kubera inzoga y’ibitoke. Nk’akarorero, yinjije amafaranga ashika imiriyoni 118 mu mwaka wa 2018-2019. Urugombo  ruva mu Cibitoke rukaba rucuruzwa mu mihingo myinshi y’igihugu nka za Kayanza, Ngozi, eka mbere n’i Gitega rurashikayo, nkuko abo twari duteramanye ku rya 2 rya Rugombo ku Munyika babituyagiye. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion