Isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe indimi kavukire, kuwa 21 Ruhuhuma. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko mwe n’izo ndimi ziguma zizimangana uko umwaka utashe. Mbega Abarundi bohomba iki Ikirundi coja muri uwo mugwi ? Hokorwa iki kugira ngo urwo rurimi ntiruduce […]
#YagaIkirundi
« Uri umwo ? Uradeya ? Ni akavubu ? » : Ikirundi kiri kune kikaba gutanu
Mu gihe Uburundi buri mu bihugu bike kw’isi bifise ururimi kavukire rumwe, hari uduce tumwe tumwe usanga dufise Ikirundi twisangije ; nabibonye mu ntara kama ya Kumoso.
Nize ikirundi bantwenga, kingaburira batangaye
Ncinjira kaminuza, hari abantwenze ngo nize ibitagira akamaro mu buzima. Ni nde yababeshe ? Ikirundi kirambeshejeho, jewe n’abanje. Sinibagira iyo navuye.
Uko ikibanza c’Ikirundi cahindaguritse kuva 1962 kugeza 2020
Kuva igihugu c’Uburundi cikukira, ururimi rw’Ikirundi rufashwe nk’ururimi rw’igihugu. Ariko, hambavu y’urwo rurimi, turafise izindi ndimi zikoreshwa mu buzima bw’igihugu. None izo ndimi, ko zikoreshwa zose muri rusangi, zibanye zite ? Ikirundi gifise ikibanza ikihe uno musi ? Umwihwezo.
Ururimi rw’ikirundi : inkingi y’imico n’akaranga vy’Uburundi
Uyu munsi, abatari bake mu rwaruka barumva umuntu avuze ikirundi kiryohoye nabo bakibaza ko ariko aravuga ikirundi kigoye. Niho bamwe bamwe usanga baca bamubwira ngo : « Kura ikigamba ngaho! » Ariko rero, yaba indimburo canke amayagwa y’ikirundi, niba bigishobora gukoreshwa kandi bikagumana […]