Kuwa 20 Munyonyo uko umwaka utashe, Ekleziya Katorika irahimbaza umusi mpuzamakungu yahariye ubumisiyonari. Ariko abantu benshi, na canecane abakiri bato, ntibazi ingene imenyeshamana ryatanguye mu Burundi. Tugaruke ku muzo w’abamisiyonari ba mbere mu gihugu ca Mwezi.
Izina Cardinal Lavigerie, risigura ikintu kinini ku bemera muri Afirika yo hagati. Uwo ni we yatanguje umuryango w’Abapatiri bera, ari nawo watanguje amamisiyoni menshi muri Afirika yo hagati, yafashije mw’isasagazwa ry’inyigisho menyeshamana mu Burundi. Asomye ivyegeranyo vy’abagenzuye n’abarondankomoko bize Afirika, ku bwiwe, vyari ngombwa ko “imishaha yiziziwe n’umwijima, ubunyamaswa n’ubunyeshamba ironka abayirokora”; nk’uko tubisoma mu gitabu c’umutsindo citwa “L’instauration d’un royaume chrétien au Rwanda (1900-1913)” ca Gamaliel Mbonimana.
Kugira iryavuzwe ritahe, abapatiri bera ba mbere bashitse mu Burundi mu mwaka w’1879. Ariko ntiborohewe na gato. Bashitse mu Burundi, imyaka ya mbere bagishika mu gihugu bahuye n’ingabo zidasanzwe z’abatware batwara ico gihe, zirababurabuza bimwe bikomeye.
Batanguye kwinjirira mu Rumonge
Nk’uko vyandikwa na Jean Perraudin mu gitabu ciwe Naissance d’une Eglise, Bavuye ahitwa Ujiji muri Tanzaniya, abapatiri bera baragerageje kwinjira mu Burundi. Kuwa 15 Rusama 1879, abapatiri babiri Deniaud na Dromaux barinjiye mu Burundi bitabagoye na gato. Nyabuna, bakiriwe neza n’igishika cinshi n’umutware yatwara akarere ka Rumonge yitwa Bikari, mbere yemeye n’utuganuke bamuhaye.
Ariko budakeye na kabiri, atinye ko umwami Mwezi Gisabo yovyumva akamumerera nabi, na rirya n’abo bantu yari yakiriye batayoboka ubutware bwiwe, ntiyatevye kubahinduka. Mu ntambara yabahuje, abapatiri bera babiri barahasize ubuzima basogoswe amacumu, uwundi arakomereka cane. Niko guta bakomoka bakaja ahandi.
Vyanse mu Rumonge baja mu Buyogoma
Aho vyankiye ko bacumbika mu Rumonge, nk’uko Julien Gorju abivuga, abapatiri bera bakiranywe igishika n’umutware Rusavya yatwara agace ka Uzige, uno musi hitwa i Bujumbura. Ariko bahamaze akanya gato, baba mu kibanza citiriwe umweranda Michely.
Hakurikiye iyubakwa ry’imisiyoni za mbere mu Burundi. Mu 1898, ku ruhusha rutanzwe na Musenyeri Gerboin, abapatiri bera baciye bimukira mu ntara kama ya Buyogoma, neza na neza i Muyaga. N’aho nyene, kuhacumbika ntivyaboroheye, kubera umutware Muzazi yabarwanije cane, gushika igihe Abadagi baziye kubaterera agacumu k’ubumwe bakamurwanya gushika atsinzwe, baca bashobora kwubaka umushinge w’imisiyoni yabo.
Inyuma y’iy’i Muyaga, haciye hubakwa iyindi misiyoni y’i Mugera (1899), Buhonga (1902), Kanyinya (1905), Rugari (1909) n’i Buhoro (1912).
Nabo ababikira bera, aba mbere bahonyoje ikirenge mu Burundi muri Mukakaro 1905. Mu 1906, haheze umwaka umwe gusa, haciye hubakwa ikigo cabo ca mbere mu Buhonga. Ico kibanza bagitoye kuko cari cegereye ikambi y’Abadagi yari i Busumbura, kandi vyaborohereza iyo bakeneye imiti, ikabasanga hagufi. Kuwa 05 Myandagaro 1908, imisiyoni y’i Muyaga nayo yaciye ironka ababikira bera, nayo iy’i Mugera ibakira kuwa 14 Gitugutu 1911.
Abamisiyonari b’Abaporoti bo baje bate?
Muri ya ntumbero nyene yo kwigisha ijambo ry’Imana, mu 1911, abamisiyonari b’abaporoti baturuka mu gihugu c’Ubudagi bubatse imisiyoni mu Kibimba, i Musema no ku Muyebe. Ariko kubera Abadagi baciye bakurwa n’Ababiligi, nk’uko umuhinga mu vya Kahise Emile Mworoha abivuga, n’izo misiyoni ntizaragamye.
Uwo muhinga asigura ko izindi zasubiye kwubakwa mu 1925. Izo nazo zari iz’Abaventisi b’Umusi w’7, baciye bifatira uturere twa Bubanza na Ngozi. Mu 1928, haciye haza idini ryitwa The Danish Baptist church; naho mu 1935, haza iryitwa Église Méthodiste Libre, rishika ricumbika muri ya misiyoni yo ku Muyebe. Uwo mwaka nyene, Ishengero ry’Abagenzi ryacumbitse ku misiyoni yo mu Kibimba, mu gihe Angilikani nabo bariko bubaka imisiyoni zabo i Buhiga n’i Matana.
Mu mwaka w’1935 niho nyene abamisiyonari b’Abapentegoti bakomoka mu gihugu c’Ubusuwede bashika mu Burundi. Baca bubaka imisiyoni zo mu Kayogoro (Makamba) n’i Kiremba mu 1935, iy’i Gishiha (Vugizo) mu 1936 no ku Mugara (Rumonge) mu 1940. Muri uwo mwaka nyene (1940), niho haza idini ryitwa The World Grace Testimony . Amasengero yubatswe n’iryo dini yaciye yitwa “Eglises Emmanuel”.
Twobamenyesha ko mu gihe c’umuzo w’abo bamisiyonari, n’igihe bariko barakira Abarundi muri ayo madini mashasha, n’ayandi madini atari ay’Abakirisu yari ahari. N’ikimenyamenya, gushika mu 1960, mu Burundi hari Abayisilamu 350.000, abitwa aba “Orthodoxes” 525, Abayahudi 300 hamwe n’Abahindi 180.
Comment et pourquoi ils ont été renvoyés du territoire burundais en 1968 et comment ils ont été accueillis à leur retour!
La paroisse de 1898 ne portait pas le nom de St Michel mais Saint Antoine de l’Uzige (Buzige). La paroisse St Michel viendra beaucoup plus tard et elle n’est pas exactement au même endroit que la première.
Nimuzemuratubwiranyen twentavyotuz