article comment count is: 0

Uburundi ntibuzwi mu mabi gusa

Ingorane Uburundi  buhitiyemwo kandi n’ubu zikaba zitararangira zatumye abantu benshi, abarundi  ubwabo  n’abanyamahanga batinya iki gihugu. Ariko Apollinaire Nkurunziza, naho abona izo ngorane, aragaruka agashima akanishimira ivyiza bikogwa n’abarundi bamwe bamwe mbere bigahayagizwa no mu makungu.

Benshi mu baba mu gihugu hagati baratinya cane kumanuka mu gisagara ca Bujumbura aho badasiba kwumva ku maradiyo no mu binyamakuru ko atamisi ihera hadapfuye abantu. Bakabona rero ko kuba canke kuja muri ico gisagara ari ukwiheba. Mbere bamwe bamwe baragera aho bagereranya Bujumbura – umugwa mukuru – n’igisagara “Mogadisho” co mu gihugu ca Somaliya, aho hazwi cane kubugizi bwa nabi bukorwa n’abayoboke ba wa murwi Al-Shebab.

Vyongeye, no kubaba muri uwo murwa mukuru w’Uburundi ntibama batekanye kuko batamenya umunsi n’isaha umutekano uhungabanira. Umuntu adahitanywe n’igrenade itewe n’ababisha agatwarwa n’igipolisi kiba kije gutabara no gutohoza. Ivyo rero bigatuma umuntu yamana impungenge z’umutekano wiwe, gutyo umwidegemvyo wiwe ukagabanuka.

Ishusho y’Uburundi mu makungu

Kubera ko ubuhinga bwa none bwateye imbere cane, ikintu kibi cose kibaye mu Burundi kiba gishitse ku mbuga gurukanabumenyi uko zitandukanye. Ababisoma, baba abarundi baba hanze canke abanyamahanga, bikabatera ubwoba bwinshi cane. Maze abatari bake bakibaza ko mu Burundi ata muntu ashobora kurengana, ko amabarabara adahita, ko abantu badashobora guhurira hamwe – nkakera  – kugira basangire utuyoga. Bagaheza bakabona ko Uburundi ari igihugu c’abagizi ba nabi gusa, ko atakintu ciza cova ku barundi. Ivyo bigatuma n’abarundi ubwabo iyo bari mu mahanga batinya kwemanga ko bavuka mu Burundi.

Ariko nubwo biruko, Uburundi ntibwamye bumenyekana mu bibi gusa. Bufise ivyiza vyinshi vyabumenyekanishije mu makungu. N’uyu munsi rero hakaba hari vyinshi biratwa ku Burundi. Ingoma zerekana akaranga n’umuco vy’abarundi uyu munsi zikaba zaremejwe nk’itunga ndangakaranga ry’isi nzima. Uburundi bwamye bumenyekanira kubakinyi mu nkino zitandukanye nk’urukino rw’umupira w’amaguru, karate, kunagana, ukwiruka hamwe no gusimba urukiramende, tennis hamwe n’ibindi.

Mu gihe rero n’ubu hari abibaza ko Uburundi bwatabagaye, Francine Niyonsaba, Diane Nukuri, Antoine Gakeme, n’abandi baherutse kwerekana ko Uburundi bukiriho kandi bushoboye: aho bashoboye gutsinda amahiganwa yo gusiganwa, bagakora muyo bameze, bakereka abandi ubworo bw’ikirenge. Gutyo ibendera ry’Uburundi riraduga, ururimbo ruhayagiza igihugu rurasaminara, amakungu arakoma amashi.

Ni naho umuntu yokura icizere c’uko, nkuko vyamye na mbere hose, Uburundi buzogumya izina ryiza bwamanye, naho buca muri vyinshi kandi bigoye. Bwisubize ishusho nziza mu makungu, maze bubandanye gutazirwa rya zina ryiza: Uburundi igihugu c’amata n’ubuki.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion