Mu misi iza mu kiyaga ca Tanganyika uburovyi bugiye guhagarikwa mu kiringo c’amazi atatu kandi mu bihugu vyose bisangiye ico kiyaga. Ibitaguye neza abari babeshejweho n’umwuga wo kuroba hamwe n’imiryango yabo ndetse n’abihereza agafi muri rusangi. Umve uko bavyakiriye.
Sylvain Toussanga, umunyamabanga ntayegayezwa mw’ishirahamwe rijejwe gukurikirana ibikorwa vyo mu kiyaga Tanganyika (Autorité du Lac Tanganyika) ni we yemeza ayo makuru. Mu kiganiro twagiranye, uwo mutegetsi yamenyesheje ko « kwugara ikiyaga Tanganyika mu kiringo c’amezi 3 bizorangurwa hagati mu kwezi kwa Rusama uyu mwaka gushika mu kwezi kwa Myandagaro ». Arongerako ati : « Ni ingingo yapfunditswe mu nama y’ibihugu bihurira ku kiyaga ca Tanganyika ari vyo Uburundi, RD Kongo, Tanzaniya na Zambiya ». Ku bwa Toussanga, iyo ngingo izotuma hatuzwa ibikoresho vy’uburovyi bitemewe n’amategeko kandi amafi aronke umwanya wo kurondoka, yiyongere kandi akure. Toussanga agahamagarira abanyagihugu kuba baritegurira ico kiringo mu kubika amafi no kwijukira ubworozi bwayo.
Abafungura n’abadandaza agafi bati : « Karabaye »
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Rumonge, bavuga ko mu gihe iyo ngingo yoja mu ngiro boba bagiye kwicwa na kigoyi. Ndayikunda* ni umukenyezi w’imyaka 35 adandaza indagara kw’isoko nkuru ya Rumonge. Ntabona neza ingene bigiye kugenda. Akibaza ati : « bintu vyaraduze igiciro kw’isoko. Ibiharage bigeze ku 3 000 kuduga. Waja kw’isoko ukagura indagara z’1 000 ugakoza ubugari hanyuma ukaba urabayeho. Tugiye kubaho gute? Iyo ngingo yoba irabangiriwe ».
« Ubushomeri bugiye kwiyongera n’ubusuma bugwire ». Ivyo bivugwa na bamwe mu barovyi bo ku mweha wa Rumonge. Abo barovyi, igice kitari gito batigeze biga, bavuga ko ikiyaga Tanganyika ari co kibatunze n’imiryango yabo. Regisi* afise imyaka 45, akoze akazi ko kuroba imyaka 15. Araganya agira ati : « Bubaye ubwa mbere iyo ngingo yo kwugara ikiyaga amezi atatu ifatwa. Abarovyi ntitubona ingene tugiye kubaho muri ico kiringo cose. Reta yoba irabangira kuko hashobora kuba n’ubusuma ».
Butoyi* nawe ni umwigeme afise imyaka 24 aba mu Kanyosha hafi y’aho bita kwa Nicayenzi. Tumubajije ico yibaza kuri iyo, yabanje gutangara aca atubaza igituma bazokwugara. Tumusiguriye igituma, yaci avuga ati : « Turagowe urufi rugiye kuzimba gose gusumba uko vyahora, ni twagira Imana rukaboneka ».
Urarura ariko…
Uwo muti watowe ntiwashimwe n’abatari bake mu bakorera muri ico gisata. Ariko ikigaragara, n’aho urura, ni uko ‘utegerezwa kunyobwa’. Butoyi Gabriel arongoye urunani rw’abarovyi n’abadandaza b’amafi mu Burundi wewe avuga ati : « ingingo yo guhagarika uburovyi amezi atatu ni nziza izotuma amafi arondoka. » Yongerako ati : « Muri ayo mezi atatu, abarovyi boba bariyungunganya mu bindi bikorwa kugira ubuzima buzobandanye ».
Mwomenya ko ikiyaga ca Tanganyika kirimwo ubwato burenga 3 000 ku ruhande rw’Uburundi. Cari gisanzwe cugarwa rimwe mu kwezi mu kiringo c’indwi, ari co bita « Indenga ». canke « Umukehwa ». Itohoza ryo mu 2014 ryari ryerekanye ko igitigiri c’abarovyi bakorera mu kiyaga Tanganyika cagera ku 15 311. Nta nkeka ko muri iyi myaka yababa 9 ico gitigiri ciyongereye.