« Amanama y’amashirahamwe mpuzamakungu akorewe mu gihugu hagati yoja arakorwa mu kirundi ». Ni akamo k’umushikiranganji ajejwe ivy’intwaro yo hagati mu gihugu. Rivardo Niyonizigiye ati : « bene kubisaba nibabe akarorero ! »
Ninde atonezerwa ururimi rw’amavukiro rukoreshwa mu bikorwa vyose vy’igihugu ciwe? Ntivyoba bibereye ijisho atarugabano ruvuye ku rurimi ruri hagati y’abize n’abatize ? Canke hagati y’abize aha n’abize hariya ? Ntiryoba ari iteka twese dukoresha ikirundi kiduhuza, maze izindi ndimi zigakoreshwa mu kuvoma ubumenyi bw’ahandi tubuhindura mu rurimi rwacu twumva twese ?
Ibaruwa umushikiranganji w’intwaro yo hagati no gukundisha igihugu aheruka kwandikira ba buramatari, ryaranshimishije mu gice caryo gisaba gukoresha ikirundi mu manama. Ku bwanje, nabona akamo nk’ako gakwiye guterwa n’ibindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu. Iryo baruwa ntiryari rikwiye kwega amashirahamwe mpuzamakungu gusa.
Twaramugajwe n’izindi ndimi
Uno musi utumye Umurundi aba mu Burundi kuvuga ikirundi kitavanze, bisa nk’uko ari amananiza. Muriko muraganira n’umuntu mu kirundi, uramaramara. Ibice vyinshi vy’ikiyago usanga vyiganjemwo izindi ndimi. Usanga ururimi ruriko rurakoreshwa ari urutaratorerwa izina. Aha simvuze amajambo asigaye avugwa mu manza, kuko asigaye yarataye akanovera kubera ugutituka kw’ikirundi.
Ejo bundi nari mu giteramo c’icuramayagwa, maze n’abo twari kumwe twiha umwimenyerezo wo kuvuga ikirundi kitavanze. Vyaradutaye ku w’amazi twese. N’abagerageje warabona ko bibagora cane.
Hari amajambo menshi yamaze kwinjira mu rurimi rw’ikirundi ukamengo ni ayacu. Gutyo rero, bisigaye bigoye kwibuka gukoresha utujambo nka : « kuri ubwo », « gurtyo » canke ayandi ; uza wumva ngo : « donc », « so », yose akaba aturuka mu zindi ndimi. Ubu nta mwana azi gusaba « ikigongwe » canke « imbabazi » mu kirundi. Wumva ngo : « pardon! » canke ati « sorry! ». Maze rero n’abaririmvyi bakayashira mu ndirimbo zabo ziri busamirane imyaka n’iyindi.
N’ayo manama umushikiranganji yavuze mw’ibaruwa ryiwe, uzosanga agoye kuba mu kirundi ijana kw’ijana kuko ntankeka ko n’abo Barundi bazoyagirisha bazoguma batira amajambo mu zindi ndimi nk’uko tubimenyereye mu buzima bwa minsi yose.
Nta mutezi w’ubureza atabwibanje !
Twokwishimira kubona abakuru b’igihugu bafise umugenzo wo kuvuga amajambo mu kirundi, ndetse n’ibimenyeshamakuru n’ibindi bisata vy’igihugu ko hari aho bikoresha ikirundi. Ivyo ni vyiza cane kandi biratanga inguvu.
Ariko impinga iracari ndende. Turacakeneye ko amategeko agenga igihugu ategurwa mu kirundi maze agaheza agahindurwa mu zindi ndimi. Turakeneye ikirundi mu bisata vy’ubutunzi, ubuhinga bwa none, n’ibindi. Aho hose ukwitanga kw’Umurundi wese kurakenewe ariko leta ni yo ikwiye kutubera akarorero.
Mu gihe c’ubukoloni, Uburundi bwahawe igifaransa ciyongera ku kirundi, maze zompi zitwa indimi ngengagihugu. Ariko uravye kuva ico gihe, ikirundi cagumye gisubira inyuma. Izo ndimi zari zahawe ibibanza bingana (mu mvugo) ariko igifaransa cagumye ciganza.
Na nya baruwa ry’umushikiranganji nyene ririmwo agahaze: jeho nagira nti ko yari aryandikiye ba buramatari b’Abarundi, kuki yaryanditse mu gifaransa ?
Ndashigikiye iyubahirizwa n’ikoreshwa ry’ururimi rwacu, ariko leta ni yo ya mbere ikwiye kutubera akarorero, nimba koko yibaza ko ivyo bishoboka. Natwe ndazi ntitwoteba kuyikurikira.
Soma kandi:
- Abarundi bavukira hanze ntibamenye ikirundi ni uruhombo !
- Kazoza k’ikirundi mu gisagara ca Bujumbura
- Abashinwa bari bakwiye kwubaha imico n’imigenzo vy’ikirundi
Nivyizacn Ndabishimye
Nivyo kabisa kandi n’ingingo nziza. Namwe ngaha kuri runo rubuga rwanyu nukuza murandika inkuro zose mu kirundi.
Vyarivyo Muga Bizogorana Kuko Indimi Mvamakungu Zaratwiganziye Aho Nabo Hejuru Bazicanga.
Intererano,ivyo kenshi birava k’ubavyeyi bakino gihe batitaho indero y’ikirundi, nukuvuga n’abariko bararuka ubu bataronse uwubigisha imico n’akaranga k’ikirundi igihugu cacu kizosigara kirangwa n’akajagari. Hakwiye igwizwa ry’ibitabu vy’ikirundi
Ururimi Rw’ikirundi Nirwo Ntimatima Y’amateka Y’igihugu Cacu C’ Uburundi. Tugerageze Kurubungabunga Tuuruteze Imbere Mu Gucura Majambo Mashasha Y’ikirundi Ajanye N’ibihe Tugezemwo.
Jewe ntamyaka myinshi mfise ariko ndababazwa n’ingene ata kirundi kicitabwaho, jewe ndakunda gusoma ibitabu vy’Ikirundi harimwo inyigisho nyinshi. None ntakuntu mumashure Hokwigishwa akaranga kikirundi ? Kuko vyofasha cane nkomungo zubatse ndetse no murwaruka
Ego nivyo. Tangure rero