Igisagara ca Bujumbura ni co gisagara ca mbere kinini kandi cubatswe neza mu gihugu c’Uburundi. Ukwo imyaka ihera, nikwo naco cagiye kiratera imbere muri vyinshi, eka no mu kwaguka nyene. Umuntu rero afatiye k’ukwo iterambere mu nyubako y’ico gisagara ririko […]
Iterambere
Mu Burundi umuntu yoshobora kubeshwaho n’utugenegene?
Mu Burundi hari abanyatugenegene batandukanye. Muri bo benshi barazi guhingura neza utugenegene twabo ariko ikibabaje n’ukwo usanga ahanini umenga batahira umuruho bakuye mu bikorwa gusa kuko badaheza ngo baronke agahimbazamusyi kababereye nk’ukwo umukozi wese yama aberwa n’impembo. Naho biri ukwo, […]
Amashengero menshi n’iterambere mu Burundi
Mu Burundi, abantu barenga mirongo icenda kw’ijana baremera Imana kandi bakayisenga nk’uko vy’ibonekeza ku minsi y’amasabamana. Ariko rero umuzo w’amashengero menshi hari benshi bawunegura kuko uhakwa kutorohereza iterambere ry’igihugu. Oscar Niyonkuru aratuyagira ukwo abona ibintu aho aherereye akagirako aterera n’ivyiyumviro […]
Terefone “Android”: iterambere ritanezereje bose
Iterambere ni ryiza cane ku gihugu n’abakibamwo. Uko ibintu bigenda birahinduka, niko hagira abo bizanira akunguko ariko ntibikunze kunezereza bose nk’uko Désiré Sezikeye aduha akarorero ku muzo w’amaterefone “Android”.
Tanganyika n’itunga rikomeye ku Burundi
Tanganyika n’ikiyaga kizwi kw’isi yose. Eka mbere hariho n’abakizi batazi ibihugu bigikikuje. Nk’uko Oscar Niyonkuru abituyagira, ico kiyaga n’itunga rikomeye ku Burundi hamwe n’ibindi bihugu bigisangiye naho kititwararitswe nk’uko bikwiye.
Ugutembera ni ngirakamaro mu buzima
Abantu benshi barakunda gutembera bakabona ibindi bice vy’isi eka mbere bakanahamenyera vyinshi. Biramaze kwibonekeza ko ugutembera ari ngirakamaro kuko ivyo wigira muyindi mihingo biragufasha kwiyungunganya mu buzima bwa minsi yose nk’uko Rénovat Ndikumwenayo abituyagira.
Bujumbura iriko iratera intambwe mw’isuku
Mu gihe ibisagara biriko biratera imbere usanga n’isuku ridasigara inyuma, umuntu arashobora kwibaza ukwo igisagara ca Bujumbura cifashe. Aminadab Havyarimana aratuyagira ukwo abona ibice bitari bike vyo hagati mu gisagara ca Bujumbura biriko biratera intambwe mw’isuku akagirako anahanura icokorwa kugira […]
Twikorere imigambi maze twiteze imbere!
Abarundi barayamaze ngo “nta mwuga udakiza”! Umuntu yihweje uko ibihe bigenda birahinduka mu buzima bw’abantu bwa minsi yose, usanga bikenewe ko n’abantu ubwabo nyene baza barahindura ukwo babaho. Prosper Niyonkuru aratanga akarorero k’ukwo abahejeje amashure bokwitegurira imigambi maze bakiteza imbere.
Tuyage mu rupfasoni ku mbuga ngurukanabumenyi
Mu mibano y’abantu, mu buzima bwabo bwa minsi yose, usanga vyama ari ngombwa ko baganira, bagatererana ivyiyumviro, bakabazanya ibibazo, eka mbere bagahana n’impanuro. Ariko rero, nk’uko Oscar Niyonkuru abituyagira, hari benshi bataramenya kuyaga mu rupfasoni, na cane cane abayagira ku […]