Abarundi barayamaze ngo “nta mwuga udakiza”! Umuntu yihweje uko ibihe bigenda birahinduka mu buzima bw’abantu bwa minsi yose, usanga bikenewe ko n’abantu ubwabo nyene baza barahindura ukwo babaho. Prosper Niyonkuru aratanga akarorero k’ukwo abahejeje amashure bokwitegurira imigambi maze bakiteza imbere.
Mu myaka mike iheze, umunyeshure agize amahirwe yo kwiga kaminuza agatako akayimara ntiyashobora kubura akazi. Ico gihe, abo banyeshure barubahwa aho bavuka eka nabo nyene bakiyubaha. Uko kwiyubaha rero kwatuma habaho no kugaya ubuzi bumwe bumwe na cane cane ubw’amaboko kuko bari bazi ko bazokorera mu biro, abandi nabo bakaja kwigisha. Ivyo rero vyatuma abiyumvira kwiyungunganya mu kwikorera utwabo bataba benshi kuko baba biteze akazi Leta izobaha.
Ariko rero, uko iminsi ihera ni ko n’ibintu bitera bihinduka. Abiga muri za kaminuza, zaba iza Leta canke izigenga, baragwiriye akazi nako ntikiyongera maze ubuzi buca burakena. Ikivyerekana n’uko hasigaye hibonekeza benshi batagira akazi kandi barahejeje kaminuza. Naho vyifashe uko, abacizeye ko Leta ari yo itanga akazi gusa ntibabuze.
Akarorero k’abariko bavyifatamwo neza
Bivanye rero n’iryo hinduka, hariho abamaze gutahura ko atakazi kaba kabi kandi ari ngombwa ko umuntu wese yokwironderera ico akora kikamufasha. Oda Niyonkuru n’umunyeshure yiga muri kaminuza y’ Uburundi mu gisata c’inyifato n’imibano mu kigo co mu Kamenge. Naratangaye nsanze ariko arajisha ibitambara vyo gushariza ku meza mu gihe abandi bari baryamye abandi nabo bari kwitemberera. Naciye nicara tuba turaganira.
Natanguye ndamubaza igituma yemera gukora akazi kagayitse kandi yiga kaminuza. Yanyishuye ati : « Burya nta kazi na kamwe kagayitse, kandi urazi ko bavuga ngo ‘nta mwuga udakiza’. Urabonako agafashanyo Leta iduha ko katagikwiye, vyabaye ngombwa ko nemera kujisha kugira ndonke ikinyunganira hako nja gusega. Ikindi naco, urabona ko n’abaheza amashure batakironka akazi vyoroshe. Sinshigikiye rero abiyumvira ko hariho akazi kagayitse, igikuru n’uko wogakora kakakuzanira inyungu ».
Narabandanije ndamubaza nimba mu vyo ajisha harimwo ibintu vy’agaciro vyoshobora kumuzanira amafaranga menshi. Yishuye ati : « Sinkora jenyene hariho n’abandi dukorana. Tujisha udutambara two gushariza ku ntebe z’imido, n’utwo ku meza hamwe n’amashurwe yatwo. Turongera kandi tukadesa amashuka yo kwifuka hamwe n’ibitambara vyo gushariza ku meza mu kubicapako amashurwe meza. Turajisha n’inkofero hamwe n’ibishakafu vy’abagabo. Ivyo vyose ni ibintu nkenerwa cane ku bantu bagira imanza. Twebwe rero ntamafaranga menshi turonka kuko ata bantu benshi batuzi kuko tutagira aho dukorera hazwi kandi hameze neza. »
Naramubajije n’ingorane bahura nazo. Na we ati : « Hambavu yokubura aho dukorera hazwi, turagira ingorane z’ibiciro vy’ inyuzi dukoresha kuko biguma biduga. Ikindi n’uko bidutwara umwanya munini kandi atamahera menshi baduha. » Ndamubajije kobimworohera kubifatanya n’ivyigwa, yavuze ko bitoroshe kubifatanya ariko ko ikintu ukunda utakiburira umwanya. Mu mwanya abandi baba baruhutse, nabo ngo baca baba barabiteramiyeko.
Ico abanyeshure bari bakwiye kumenya
Nihweje rero ibikorwa vy’abo bigeme hamwe n’ivyiyumviro vyabo, narabonye ko bafise kazoza kandi bishobora kubafasha. Birakwiye rero ko abanyeshure baciyumvira ko hariho ubuzi bugayitse bohindura ivyiyumviro hanyuma bagafatira akarorero kuri bene abo biyungunganya bakikorera udukorwa duto duto ariko tukabatunga. Kandi vyoba vyiza benshi batanguye kwiyumvira ico bazokora imbere yo guheza amashure yabo nk’uko Oda n’abo bakorana babigenjeje.
Uwifuza ko dukorana nambwire ndamwereke uko yo twokora kugira twiteze imbere bivuye mumaboko yacu ninguvu zacu! Naratembereye ibihugu bigera kuri 13 yaba ivyo muri Afrique nivya Asia ndetse na Europe nasanze hose hari Abashomeri ariko muburundi ikitwishe nukugaya akazi nukwisuzugura ntibagiye nokwisuka mubikorwa vya Politique twizeye ko ariho hari ubukiriro! Bene wacu nimuze twicare hamwe twitegurire tunitunganirize imigambi yacu! Gutyo mumwaka umwe gusa tube aba milliardaires ndetse turonke twongere duhe akazi abarundi benshi mugihe gito. Uwifuza ko twoja hamwe nandondere aha kuri facebook « Mujitahdi Rashidi » andondere kuri Watsapp 72133020 canke antelephone kuri 72412921. Murakoze nanyakure kuri +
Izompanuro nizo nanje ndipfuza ico nokora kugira niteze imbere