Haheze amayinga yababa abiri abanyeshure barangije amashure yisumbuye batanguye ivyigwa vyabo vyo mu ma kaminuza, ku bashoboye kuronka ubwo burenganzira. Hagati y’umusi w’ukurangiza ishure ryisumbuye n’umusi w’uguhonyoza ikirenge mw’ishure kaminuza, urugendo ni rurerure. Kubera iki ? Bene kuharuhira bokworoherezwa gute […]
Inyigisho
Amabanga y’abubatse: hari abagabo bakwiye kwigishwa uko bigenda
Imico n’imigenzo ifatiye kw’idini iri canke ririya, rimwe na rimwe iratuma haba ingo zubakwa, ariko zidafatiye ku rukundo. Ivyo bigatuma ivyiza uwubatse yokwitega mu rugo atabironkayo. Zayinabu* yaratwiganiye amagorwa aterwa n’uwo bubakanye, iyo hageze amabanga y’abubatse. Ng’iyi inzira y’umusaraba ariko […]
« Ukunanirwa ni intambwe idushikana ku ndoto zacu»
Umwaka ugiye kurangira. Benshi muri twebwe twawutanguranye imigambi myinshi. Bamwe vyagenze neza, abandi barananiwe. Igikunda gushika ni uko bene kunanirwa baca bihebura. Si uko vyategerezwa kugenda. Ng’uku uko twategerezwa kubona « uruhombo » mu vyo dukora.
Ikirundi si ururimi rukenye: habe na mba!
Hari abavuga ko ururimi rw’ikirundi rukenye ugereranije n’izindi ndimi zikoreshwa mu nyigisho n’ibindi bikorwa vy’igihugu nk’igifaransa n’icongereza. Ariko hari ibintu vyinshi bigaragaza ko ivyo atariko biri.
Ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi badakunda ikirundi
Ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryemera ikirundi nk’ururimi kavukire rumwe rudende rwa nege. Ariko, indimi mvamahanga ziriko zituma urwo rurimi rwibagiranwa. Ng’ibi ibintu bitanu vyerekana ko Abarundi tudakunda ururimi rwacu.
Ingene ihiganwa ry’ukwandika Rumuri riteza imbere abaryitabira
Haraheze imyaka ishika kuri ine ihiganwa ry’ukwandika ryitiriwe Rumuri rivutse. Iryo higanwa ryugururiwe abanyeshure bose bo muri za kaminuza aha mu Burundi ngo riratera iteka abaryitabira bose nk’uko tubiyagirwa na Aminadab Havyarimana inyuma y’ikiganiro yagiranye na bamwe mu bagiye bararonka […]
Burundi: ng’uku uko umugabo w’ubu akwiye kumera mu rugo
Uko ibihe biha ibindi, umugabo w’umurundi ngo agenda ahinduka mu nyifato yiwe mu rugo. Déo Ndayishimiye aratwiganira uko abibona mu kibano, agashimikira ku gishingantahe c’umusore Samweri Kajuru.
Abakurambere ni “karahara mu ruganda ntibacura”
Iruhande y’ugukingira ibidukikije, ukugwiza umwimbu n’uguteza imbere igisata c’imibano, akaranga n’imico kama ni inkingi ntasubirizwa mw’iterambere ry’igihugu. Kubwa Egide Nikiza, « ico gisata ntigishobora gutera imbere inararibonye zidahawe ikibanza kizikwiriye ». Arabisigura.
Kwigisha abana ku buntu: umugambi ubangamiye akanovera k’indero mu Burundi?
Kuva mu mwaka w’2015, umugambi wo gushigikira itunganywa ry’inyigisho mu mashure, hamwe no guteza imbere akanovera k’ubumenyi buhabwa abigishwa warahagaze. Ndereyimana Félix aratuyagira ku kamaro k’ikigega mfashanyigisho c’uwo mugambi, hamwe n’ingaruka z’iyugara ryaco.