Ubushikiranganji bujejwe indero n’inyigisho mu gihugu buheruka gutanga itegeko ku bayobozi b’amashure ko bategerezwa kwigisha abanyeshure ururirimbo ruhayagiza akarere ka Africa y’Ubuseruko. Urwo ruririmbo ruje kwiyongera kuri zibiri zahahora. Umwigisha Félix Ndereyimana ati « ukwigisha izo ndirimbo bitunganijwe nabi », akagirako yerekana ivyohinyanyurwa.
Bamwe n’abandi bahava bibaza ko ndiko ndagarariza ingingo y’ubushikiranganji igamije gukundisha igihugu n’akarere urwaruka. Habe n’intete ! Co kimwe n’urwo rwego, ndatahura cane akamaro ko kwigisha no kwama turirimbisha ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu, imisi yose mu gatondo, imbere y’uko abaregwa binjira mu masomero. Eka noneho, rimwe na rimwe birashika nkiyumvira ko n’abakozi bose baba bakwiye kwama babigenza gutyo.
Ariko kandi, ndavye uburyo ico gikorwa gitunganijwemwo aho mperereye, ndabona ko hari ibikwiye guhindurwa.
Izo ndirimbo zitwara umwanya w’ivyigwa
Igihe twari tukiririmba ururirimbo « Burundi bwacu » ruhayagiza igihugu, ntivyari bwigere biboneka ko umwanya wahariwe kuduza ibendera winjiranamwo n’uwo gutangura ivyigwa buri musi. Ubu rero, aho hongereweko izindi ndirimbo zibiri, ibintu biriko biramera nabi. Izo ndirimbo ni uruhayagiza akarere ka Afrika y’Ubuseruko, hamwe na Sagamba Burundi rw’umuririmvyi Ngabo Léonce. Nk’akarorero aho nsanzwe nigisha, ubuyobozi bw’indero mu ntara ya Gitega bwarategetse abayoboye amashure bose ko izo ndirimbo zitegerezwa kuririmbwa buri gatondo, mu mwanya wagenewe kuduza ibendera ry’igihugu. Abo bayobozi nabo, mu ntumbero yo kwubahiriza iriyazwe n’abakuru, bategetse abanyeshure ko bokwama bashika ku mashure isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo ine n’itanu z’agatondo. Ivyo biraheza bigahungabanya urutonde rw’ibikorwa vyo mu miryango, kuko bano bana basanga bibaye ngombwa ko baziduka umuseke buri musi.
Vyongeye, akenshi na kenshi izo ndirimbo baheza kuziririmba hafi isaha zibiri z’agatondo, noneho umwanya wagenewe icigwa ca mbere ukaba utakayeko iminota irenga mirongo itatu. Jewe ubwanje, ndemeza ko ntacoroherwa gutanga icigwa co kw’isaha ya mbere, kuko abigishwa bagira kwinjira mw’isomero bacerewe, bikanafata umwanya munini kugira umuntu abakure mu mpwemu y’indirimbo abazana mu murongo w’ivyigwa. Ubu rero ngeze aho niyumvira iyo tuja, hamwe izo ndirimbo zoguma zihabwa ikibanza gihambaye kurusha ivyigwa nyezina.
Birashoboka ko uwo mwanya uva mu ndinganizo z’ivyigwa
Uwobona ukuntu ibintu bisigaye bikorwa, yogira ngo abarezi ubwacu ntitugitahura akamaro n’ikibanza bibereye inyigisho zo mu masomero. Kuko na none, akajagari dusigaye twigishirizamwo, nta kuntu kokworohereza umunyeshure kwakira ubumenyi buhagije. Nkaheza nkibaza rero nimba abajejwe gufata ingingo mu gisata c’indero n’inyigisho batabona ikibereye gukorwa.
Ku bwanje, mu rutonde rw’inyigisho hasanzwe harimwo umwanya wagenewe utugenegene n’ukwidagadura; mbona rero ko bene guhagararira ishirwa mu ngiro ry’ingingo y’ubushikiranganji botegeka abayobozi kuririmbisha izo ndirimbo mw’iyo myanya navuze aho hejuru. Atari uko, tuzosanga icakama gisigaye kivoma, akajagari kadusage, noneho uwari yiteze gusomera atahire kurumanga.
Ivyo ni ivyo mubonye n’ibindi biracaza uno musi ni izo, ejo bazoshirako uruhayagiza umugambwe hama uruhayagiza umukuru w’igihugu,mwibaza ko akajagari ari ako gusa?Hari ivyigwa birengeye ubushobozi bw’ababnyeshula eh mama igiswahili, igifaransa, icongereza n’ikirundi kavukire bataba barakimenya,tuciga igifaransa twagitangurira mu mwaka wa gatatu, icongereza mu w’umunani kandi twaramenya neza kandi izo ndimi n’abariko barazigisha nabo nyene siko bazizi cane eka semerera mugabo sinzi……
Mu Misi Hazokwongekwako Ururirimbo Ruhayagiza Umukuru W’igihugu Hamw N’uruhayagiza Intara. Uwaramvye Azobona
Ntakuvuga ko hari ibikwiye guhinduka utatanze n’akarorero kavyo kuko utabivuze ntivyokwizana .