Mu Burundi, iyo bavuze «abanyabururi», womenga bavuze umurwi w’abandi bantu badafise amamuko amwe n’abandi Barundi. Womenga n’abantu bisa, eka mbere bisangije vyose. None vy’ukuri, ivyo ni vyo canke si vyo? Vyoba vyaturutse he? Vyinjiye gute mu kibano c’Abarundi? None ivyo […]
Eddy Korineza
Burundi : leta ntishoboye gutanga akazi, ariko yofasha urwaruka kukitunganiriza
Nta wuyobewe ko ubukene bw’akazi ari ingorane ihanze urwaruka rwo mu Burundi muri rusangi. Ariko ivyabaye ejo bundi mu migwi ijejwe gutunganya amatora mw’ico gihugu, vyatumye Korineza Eddy yiyumvira ko leta itokura akarenge burundu mu vy’ugutanga akazi, ahubwo ko yofasha […]
Kaminuza y’Uburundi: ukwitwa “Rumuri” ni kimwe, ukubigendera ni ikindi
Turamaze kwumva ngo “Rumuri rumurikira igihugu mw’iterambere”, aho bakaba bashaka kuvuga kaminuza y’Uburundi. Afatiye kw’itituka ry’uburanga bumwe bumwe bw’ico kigo, Korineza Eddy arerekana ingene iyo kaminuza itera itakaza izina ryayo rya Rumuri.
« Igipolisi kizira igiturire » : umugambi wahereye mu civugo gusa ?
« Igipolisi kizira igiturire », ico ni co civugo kimaze umwaka urenga gikoreshwa n’urwego rw’igipolisi mu bisata vyaco bitandukanye. Ukibona aho vyanditse, uca ubona ko ari uruganda sindamusiga rwo gutuza ingeso yo kurya ibiturire mu rwego rw’igipolisi. Yamara Korineza Eddy wewe agira […]