article comment count is: 7

« Amashure atazoshikana amanota 20% mu kibazo ca leta azoca afutwa »

Ubushikiranganji bujejwe indero, amakaminuza n’ubushakashatsi buheruka gufata ingingo ko “amashure yigenga atazoshikana umwimbu wa 20% mu kibazo ca leta kirangiza inyigisho zo mu mashure shingiro, azoca afutwa burundu”. Nijimbere Thierry akaba akenguruka iyo ngingo, akidogera uburyo mwe n’ayo mashure akora.

Haraciye imisi itari mike, umushikiranganji w’indero, amakaminuza n’ubushakashatsi asohoye itangazo ryo kugabisha amashure y’abigenga atazoronka umwimbu ushika kuri 20% muri ca kibazo ca leta kirangiza ishure nshingiro.

Kubw’umushikiranganji, mwe n’ayo mashure azoba agaragaye k’ata bumenyi ashoboye guha urwaruka ruyigamwo, mbere akazoca yugarwa burundu.

Iyo ngingo narayishimye cane, ngira nti ubushikiranganji buragarukiye akanovera k’inyigisho. Aho ni mu gihe hari amashure amwe amwe woyoberwa kw’afise intumbero y’ugutanga ubumenyi canke ko ari urudandazwa rwigendera gusa.

Imvo z’umwimbu muke ziri kune ziri gutanu

Ukutagira ibikoresho bikwiye (nk’ibitabu n’ibindi) vyo gutanga ubumenyi, ukudaha akazi abigisha babifitiye ubushobozi buhagije (kuko kumbure bobahemba agashahara kanini), ukurera “tambuka uza ino” ngo bikunde abanyeshure bahurumbire mwe n’ayo mashure, izo ni zimwe mu mvo nasanze zishobora gutuma ishure ryigenga rironka umwimbu muke mu bibazo vya leta. Biratangaje cane nko kubona mw’ishure abana barangiza umwaka bafise amanota yababa 80%, ariko mu kibazo ca leta hakabura n’umwe yoronka amanota 50%! Ivyo bisigura ko haba hari agahaze mu nyigisho abo banyeshure baba barahawe.

Ku rundi ruhande, hari abagwizatunga benshi bagiye barikika muri wa mugambi wa leta wo kwigisha abana ku buntu, mbere baca bubaka amashure ngo noneho bariko bafasha leta, kandi bishakira kwigwiriza amatungo yabo. Mwe n’ayo mashure rero, biragoye ukuntu yotora ikibazo ca leta, kuko na none intego yayo si ugutanga ubumenyi; ahubwo ni utuzu tw’idandarizo.

Iyo ngingo ije hageze

Muri rusangi, ntawuyobewe uruhara ishure rifise muri kazoza k’umwana, mbere n’ak’igihugu. Rifise agaciro kanini karengeye cane n’ako abayobozi b’amashure yigenga bokwibaza.

Ko rero twosanga hari amashure amwe amwe umengo ajejwe kuronsa impamyabushobozi abatazikoreye, ivyo bigira ingaruka ku bana kandi ni uruhombo ku gihugu.

Ku bwanje, ubushikiranganji bwarakoze mu gufata ingingo yo kugarukira akanovera mu mashure shingiro, ariko kandi ndasaba ko mwe n’izo ngingo zokora ku nzego zose z’inyigisho, nko mu makaminuza, vyofasha mu kuronsa igihugu incabwenge zibushitse.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (7)