Hamwe urwego rushinzwe ururimi rw’Ikirundi rwovuka, ntibwoba bubaye ubwa mbere. Kwoba ari gushira mu ngiro ivyiyumviro vyariho, haheze imyaka irenga mirongo itanu. Urwo rwego rwarigeze kubaho, n’aho mu nyuma vyagenze nabi rurahagarara. Ido n’ido ry’ubuzima bw’urwo rwego n’icatumye ruzimangana.
Ikirundi
#UrwegoNshingwaKirundi : ico ari co n’indinganizo yarwo
Mu ntumbero yo kugarukira ururimi rw’Ikirundi, icihutirwa kandi ata n’umwe akideha, ni uko hojaho urwego nshingwakirundi. Ni rwo rwovyitaho kurusha, rukabiha intumbero, kandi rukabibazwa. Urwo na rwo rutegerezwa kuba rutunganijwe hakurikijwe integuro mpuzamakungu, kugira rushobore kugira ico rushitseko. Muti none […]
#UrwegoNshingwaKirundi : « Karahara mu ruganda ntibacura »
Haraheze imisi duhimbaje umusi Uburundi bwaronswa intahe y’ukwikukira. Imwe mu nsiguro y’iyo ntahe ni uko igihugu gikomorerwa uburenganzira bw’ukwishira n’ukwizana mu gutunganya ivya co. Imwe mu nkingi z’iyo ntahe, naho nyene ab’ubu tutabizirikana, ni ururimi kavukire: Ikirundi. None, inyuma y’imyaka […]
Ikirundi mw’imenyeshamakuru : hariyo ba “Rwicakokize”
Uku kwezi twaraye turangije kwaranzwe no gusubira kuzirikana ku rurimi rw’Ikirundi. Twaraciye ku mayange ibirubangamiye, icokorwa kugira rutere imbere, n’abokora kugira ruhabwe ikibanza kirubereye. Ariko, ivyo vyose kugira bishoboke, hari igisata gikwiye kubigiramwo uruhara rudasanzwe : imenyeshamakuru. Uno musi, ico […]
Burundi : twohomba iki hamwe ururimi rwacu rwozimangana ?
Isi irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe indimi kavukire, kuwa 21 Ruhuhuma. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko mwe n’izo ndimi ziguma zizimangana uko umwaka utashe. Mbega Abarundi bohomba iki Ikirundi coja muri uwo mugwi ? Hokorwa iki kugira ngo urwo rurimi ntiruduce […]
« Uri umwo ? Uradeya ? Ni akavubu ? » : Ikirundi kiri kune kikaba gutanu
Mu gihe Uburundi buri mu bihugu bike kw’isi bifise ururimi kavukire rumwe, hari uduce tumwe tumwe usanga dufise Ikirundi twisangije ; nabibonye mu ntara kama ya Kumoso.
Nize ikirundi bantwenga, kingaburira batangaye
Ncinjira kaminuza, hari abantwenze ngo nize ibitagira akamaro mu buzima. Ni nde yababeshe ? Ikirundi kirambeshejeho, jewe n’abanje. Sinibagira iyo navuye.
Uko ikibanza c’Ikirundi cahindaguritse kuva 1962 kugeza 2020
Kuva igihugu c’Uburundi cikukira, ururimi rw’Ikirundi rufashwe nk’ururimi rw’igihugu. Ariko, hambavu y’urwo rurimi, turafise izindi ndimi zikoreshwa mu buzima bw’igihugu. None izo ndimi, ko zikoreshwa zose muri rusangi, zibanye zite ? Ikirundi gifise ikibanza ikihe uno musi ? Umwihwezo.
“Ndahakanye ko mama yakwa ijambo kubera imico”
Mu Burundi, iyo serugo yitavye Imana, umupfasoni asize ntaba afise uruhusha rwo guhaguruka ngo avuge ijambo kw’izina ry’umurango. Ategerezwa kurondera umuntu w’umugabo mu muryango, akaba ari we avugira urugo. Akarenganyo gasasiwe indava kugeza iyo; intahe ya Annick Ndihokubwayo* irabigaragaza.