Imvugo “kurya ikiremve ucirasheko” irakoreshwa mu rurimi rwacu, haba mu bato canke mu bakuze, kandi ntitanguye vuba. Muti none yoba ikomoka hehe, isigura iki ? Félix Tunguhore, umwigisha muri kaminuza akaba n’umutohoji ku rurimi rw’Ikirundi arabidutomorera.
Uwo mwigisha atangura kudusigurira ico ari co ikiremve. Avuga ko yari amaraso bavoma ku nka babanje kuyirasa bakoresheje irago. Irago na ryo kari akuma gato, gasongoye kurya kw’icumu, bashusha bakakarasa nk’umwampi inka babanje kuyishira mu rugorwe, kuko ibabara bayirashe. Baba bayugaraniyeyo, ku buryo itaronka isaganirizo bakayifata n’amahembe, bagaca bayirasa ahegereye mu muhogo ku mutsi munini. Si uwo ari we wese yarasa, vyakora uwuzi gutumbereza neza. Baba bateze icombo bategesha amaraso avuye.
Ayo bakeneye akwiye, baca bagenda bakayateka, agahinduka akamera nk’ayafatana nka kurya kw’ikinyigimbe. Aho baraheza bakayafungura. Ikiremve rero, bagifungura conyene canke bakakironderera inkozo, ariko mu vyo barondera amata ntiyajamwo. Carazira gukoza ikiremve amata. N’inka iyo bayibaze, amaraso barayatega nayo nyene bakayateka ariko izina rica rihinduka. Ntibaba bakiyise ikiremve, buba ari ubuseri. Ikiremve kiva ku nka ikomeye, ubuseri nabwo ni amaraso yava ku nka yamaze kwicwa.
Kurasa ikiremve ntibabikorera igihe cose bavyiyumviriye. Barashinga ikiringo baravye ibikenewe muri uyo mwanya. Babigira bafise ico bagamije. Imvo nyamukuru zatuma barasa inka, hari nk’iyo inyana yanse kwima yaguma ivyibuha, bikaba ngombwa ko bagabanya amaraso yayo. Bayirashe rero vyayikaburira kwima. Ahandi, ni iyo inka yagumbashe. Vyarashika inka ikagumbaha inyuma yo kuvyara inyana imwe canke ishuri imwe. Vyarafasha ko isubirana itoto igasubira kugira ubushobozi bwo kurondoka.
Naho biri uko, ikiremve yari indya iryoshe cane kandi y’abifise. Iyo tuvuze kurya ikiremve ucirasheko rero, iyo ni imvugo ngereranyo isigura ko ari ukurya ibivuye mu nguvu zawe. Umwigisha Tunguhore ati : “Kugira uronke ico wihembuza ni uko uba warushe, ukaronka ico waharaniye, wabiriye akuya hamwe wiruhutsa ubonye ivyamwa ukavuga uti ashi”.
Kurasa ikiremve bihuriye he n’ugukora ?
Ku bwa Tunguhore, isano rihari ni uko vyose bifise intumbero nziza ariko bikava mu kubabara. Ni bwa bubabare uvuga uti bugiye kuvamwo inyungu. Nk’uko inka iza kubabara mugabo bikayifasha kuzorondoka, kandi hakaba n’abaja kubukura mu cibo bakarya indya iryoshe, n’umuntu araruha ariko arakora ariko akanezerwa yimbuye. Ari naho bayamaze bati “Icamwa c’umugisha camurwa ku giti c’umuruho”. Kuko umuntu aba yababaye kurya inka ibabara, akagira amabavu, yamara akaba azi ko azokwimbura, bigaheza bikamutera intege. Ni nk’impembo ivuye mu muruho.
Insiguro yo kurya ikiremve isa n’iyo ba sokuru bakoresha aho bagira bati « Uwushaka umuce acika ijoro« , ahandi ngo « Uwushaka umubira abira akuya« , canke ngo « Ntawurya akatamugoye« . Izo mvugo zose zigahurira ku ciyumviro co guhimiriza no gukaburira abantu gukora cane, no kunezerererwa ivyo waruhiye.
Cet article s’avère nécessaire car il contient une idée très importante dans la mesure où il nous invite à vaquer aux activités génératrices de revenus.En français ,on dit que » le travail ennoblir l’homme ». Il faut manger à la sueur de notre front.
Biraryoshe kurya ivyo wabiriye akuya
Wubahwe mutama
Murakoze
Ico nkundira Yaga ntanarimwe bahuruduka. ba publia ivyakamaro gusa.Mwubahwe benewacu