article comment count is: 8

Amakuba adasanzwe y’abigeme bakiri bato iyo bari mu butinyanka

Aha mu Burundi, ukuyagira ahabona ibijanye n’ubutinyanka, womengo ni ugushira isoni, bisaba kwiherera, nahone ukavuga urushi ruri ku munwa. Yamara abigeme bacu babiboneramwo amakuba adasanzwe. Ndorukwigira Franck Arnaud arabituyagira.

Ejo bundi nabaye ndi mu rugendo rw’akazi mu ntara ya Cibitoke, muri komine ya Mabayi. Kubw’ukutahamenya, narazimiye, maze nza kuhakurwa n’umwana w’umwigeme, ari nawe yahavuye amperekeza akanyereka inzira inshikana aho nari ndoye. Ni ko kugenda turaganira.

Uno yambwiye ko afise imyaka 16, akiga mu mwaka w’umunani w’ishure shingiro. Nanje ngira amakenga yo kumubaza igituma atari kw’ishure, kandi umuntu angana uko akenshi aba yiga. Uri uwundi ati: “sigaho wa muntu, burya biragoye. Ni vya bindi nyene vyama bidusivya buri kwezi, we ntuzi ivy’abakobwa?”

Nca mbona gutahura ko ari ubutinyanka, kuko iyo mvugo nari maze kuyumva. Noneho ndamubaza nimba koko ivyo bishikira buri mwigeme wese bigana. Nawe yongera ati: “harya ubukene nabwo ni ingwara. Buri mwigeme wama usanga akeneye n’imiburiburi amafaranga yababa ibihumbi bibiri vya buri kwezi, kugira ngo agure udutambara two kwikingira ngo amaraso ntiyandagare, mu bihe vy’ubutinyanka. Iyo rero udakundanye n’umudandaza kanaka, rimwe na rimwe ukemera kuryamana na we kugira uronke utwo dutambara twa kijambere, birakugora cane. Benshi duca duhitamwo gufata ibishambara vyaheze ku bitenge vy’abavyeyi bacu, akaba ari vyo dutegesha ayo maraso.”

Arabandanya ati: “yamara utwo dushamabara ntitwama dukora neza. Ni kenshi nama nabonye aho twananiwe, maze ukabona amaraso ariko aratemba ku maguru. Nko ku bigeme b’abatwa, bo usanga benshi ata n’agahuzu ko musi bifitiye, bisa nabi cane. Bano baraheza bakaha amababi y’ivyatsi, akaba ari yo bakoresha. Maze ivyo bikabatera ukwiyagaza mu gitsina kwa buri mwanya canke kwama uruherehere, ndetse n’umunuko w’ivyo bishambara, vyose bikabaviramwo uburwayi bw’ivyo bihimba.”

Ingaruka mbi ni nyinshi

Uwo mwigeme arongera ati: ″iyo amaraso yanduje impuzu ndi kw’ishure, canke akaguma atemba ku maguru, birantera isoni kuko abandi banyeshure baca baguma bandaba, nkamaramara, nkumva nkumiriwe cane. Bituma ntiga neza, ari na co gituma mw’ivyo bihe, nca nigumira muhira″. Maze ivyo bigatuma agira umwimbu muke cane mw’ishure.

Masumbuko Yohani, umwarimu wo ngaho i Mabayi, aravyemeza. Agira ati: «na cane cane mu mashure yisumbuye, barasiba mw’ishure, bakagaruka batubwira ko bahora barwaye. Wasaba urupapuro rwo kwa muganga ruvyemeza, bakarubura. N’ukwirukanwa barirukanwa, aho simvuze abo biviramwo imbanyi batifuza, kubera barondera amahera y’udutambara twa kijambere mu busambanyi. ″ Muganga Eliya wo ku bitaro vy’i Mabayi nawe akamwunganira ati: ″ ingwara zo mu bihimba vy’irondoka zariyongereye, kubera ubwo buryo budashemeye bakoresha mw’ivyo bihe vy’ubutinyanka″.  

Ku bwanje, ubushikiranganji bwo gufatana mu nda bwari bukwiye kwifatanya n’ubw’indero, maze bakiga ingene abo bigeme batifise boronswa utwo dutambara ku mashure bigako, canke ku mavuriro abegereye. Mbega si ko ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bubigenza mu gutanga imisegetera, canke bugakorana n’amashirahamwe mu gukwiragiza udukingirizo, iyo bashaka kugwanya ibiza vya malariya na sida?

Aha twomenyeshako ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana UNICEF ryemezako ibice 17,1 kw’ijana gusa vy’abigeme b’Abarundikazi biga mu mashure shingiro n’ayisumbuye ari bo bashobora kuronka udutambara tubereye gukoreshwa mu bihe vy’ubutinyanka. Nayo ibice 70,2 kw’ijana bobo, ngo barasiba mw’ishure biturutse kw’ivyo bihe.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (8)

  1. Ndashimiye cane Mr Franck kurico kiyago; birababaje ko bashobora gusiba ku mashure kubera kubura utwo dutambara twagenewe ico gikorwa na cane cane ko bamwe babirondera mu buryo butaribwo; birakwiye ko ubushikirangaji bwiyumvira kurico kintu kuko hashobora kuvamwo na cancer du vagin; ariko natwe dukomeze gufashanya murabo twigana;tubana;dusengana;….. tuzi ko bibagora kuronka utwo dutambara.
    Merci