article comment count is: 0

Umunsi wo gushigikirana uzoshobora koko gukuraho ugusegerereza ?

Ku wa gatandatu wa nyuma w’ukwezi kwa Mukakaro, buri mwaka, hagiye kuza harahimbazwa umunsi wahariwe ugushigikirana mu gihugu cose. Uwo munsi uzohimbazwa irya mbere kw’igenekerezo rya 28 Muakaro, 2018. Imwe mu ntumbero z’uwo munsi ni ukurandurana n’imizi ingeso y’ugusegerereza. Benshi rero baribaza uko ivyo bizoshoboka.  

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu na mugenzi we wo gushigikirana bibutsa ko umugirwa wo gushigikirana Abarundi bari bawusanganywe kuva kera na rindi. Bararimira hamwe, ivyo bita «guhinda ikibiri», barasenyera inkwi abageze mu za bukuru, bakabavomera amazi, eka bagakora n’ibindi. Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kuwa kabiri, igenekerezo rya 24 Mukakaro, umushikiranganji wo gushigikirana yavuze ko umwe wese azotanga ico ashoboye : «Ivyambarwa, imfungurwa z’ubwoko bwose, umunyu, amasahani, amafranga, n’ibindi n’ibindi».

Kugira ugusegerereza bigabanuke

«Igihe c’uko abana bavuga ngo banse kwiga kubera ukubura gufashwa kiriko kirarangira. Ba bana bitwaza ubunebwe bakaja mw’ibarabara bigiye guhera», ivyo vyemezwa n’umushiranganji w’ugushigikirana. Hama mugenzi we w’intwaro yo hagati mu gihugu akamwunganira ati : «Kimwe mu bibazo bitegerezwa gutorerwa inyishu kubera uwo mugirwa wo gushigikirana ni ugusegerereza».

Iruhande y’uko gufasha abatishoboye, uwo mushikiranganji ategekanya ko abarongoye amakomine bazoronswa inyigisho kugira bashobore gushiraho ubuzi : «Uwutishoboye yokwiyandikisha muri komine avukamwo. Uwugifise inguvu zo gukora azohabwa ico akora, gutyo komine izoheza imuhe ico akeneye». Ku bwiwe, ngo uwo mugambi wo gushigikirana uzotuma ibibazo biri mu ma komine bitorerwa inyishu ku rwego rw’amakomine, abavuka muri yo babigizemwo uruhara mu guterera agacumu k’ubumwe : «Uwutishoboye ntategerezwa kuva muri komine akaza i Bujumbura kuraba umushikiranganji».

Urwananiye ngoma

Ugufasha abageze mu zabakuru, abatagira ababaserukako bari ku musego, impfuvyi, n’abandi batishoboye ni ivyo gushima. Kukaba nka ko, umuco w’ikirundi urabuza abakiri bato kwirengangiza abageze mu za bukuru na kare ngo «uwutakuriye imvanda ntumurya imvi ».

Uko gushigikirana ni vyiza, ariko bikwiye gutunganywa neza ku buryo bitocika itegeko canke ngo hagire ico abajejwe intwaro baka cerekana ko umuntu yagize ico atanga canke ataco yatanze. Na cane cane ko, iruhande y’uko gushigikirana, Abarundi basabwa gutanga intererano yo gutunganya amatora yo mu mwaka wa 2020.

Ariko kandi n’amakenga ntabuze : ni gute abarongoye amakomine bazoshobora kuronderera ubuzi abahora biyerereza mu gihe bitarashobora Leta, yo igizwe n’abafise ubumenyi n’ubushobozi bikwiye ? Mbe nka wa mugani ngo « so akwanka akuraga ivyamunaniye ».

 


Soma kandi : Burundi: nankana ugusegerereza vyohezwa n’agasho ?

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion