article comment count is: 0

Akazi ko mu nzu gakwiye itegeko rikagenga mu Burundi

Aha mu Burundi, umuntu aribaza ico umuryango kanaka wisunga mu gutanga akazi ko mu nzu. Mbega uyo mukozi we araheza agafatwa gute ? Amateka n’amategeko amugenga mu kazi ni ayahe ? Ivyo ni ibibazo bidashobora kuronka inyishu kugeza ubu nk’uko Prosper Niyonkuru abituyagira.

Hari ku munsi wa mbere, igenekerezo rya 13 Myandagaro, nko mu gihe c’isaha indwi z’umuhingamo. Nariko ndataha ngeze muri karitiye Nyakabiga ya 3. Niho nasanga umurwi w’abantu bashengereye umusore umwe. Uno uyo muhungu yaboneka ko yoba afise nk’imyaka cumi n’indwi. Aho yararyamye hasi, bamwe bamuhembuza ifanta hamwe n’umukate, bikaboneka ko inzara yari imuremebeje, kuko n’ukuvuga vyaramugora cane. Abatari bake bari bagumye bamucako birenganira bibaza ko ari muri babandi biryamika bashaka gusega gusa.

Ido n’ido ry’uko vyari bimeze

Amaze guhembuka niho yatuganirira ivyiwe. Akavuga ati : «Maze iminsi itatu ndara mw’ibarabara kandi ntafungura. Naje mu gisagara nje kurondera akazi. Umuntu twari twavuganye ko aza kuntegera, nagize ngo ndashitse mu gisagara, ndamubura. Naragerageje kumuhamagara kuri ngendanwa yiwe nsanga irazimije. Nta handi nari mfise nja, nta n’uwundi muntu tuzinanye yari kuntora muri kino gisagara, kandi nta n’irindi tike ryo gusubira inyuma nari mfise. Ni ko guhitamwo kuba mw’ibarabara».

Abari ngaho bose barumiwe, noneho batangura kwegeranya udufaranga bafise, uri uwutanze ijana, amajana atanu, igihumbi, gutyo abona kuronka ikimwunguruza. Ariko  naho yayaronka, ntaho yari afise aja, kuko yari asanzwe agwaye kandi ari ku miti ya malariya. Aho hose yamara iminsi atarya, yaguma afata iyo miti.

Ikibereye gukorwa

Ikihari kandi kibabaje, ni uko bene abo bantu bahura n’ayo makuba bakunda kwibonekeza aha mu gisagara. Kuko ntiryari ribaye irya mbere canke ira kabiri mpura n’umuntu afise ingorane nk’izo. Uwo yamanutse i Bujumbura hari uwamutumyeko, ariko ntiyaronka uwumwakira. Hari rero n’abandi usanga birukanwe mu kazi batategujwe, abandi sebuja na inabuja bakabagabanya amahera ku mushara uko bishakiye, hakabamwo n’abasinzikarizwa ubuzima. Ivyo rero birababaje cane !

Ku bwanje rero, ko nzi Leta ifise ubushikiranganji bw’agateka ka muntu, ikaba inahamagarirwa gukingira Abarundi bose, kubera iki ata mategeko ariho mu Burundi akingira abakozi bo mu nzu ? Ku rundi ruhande, ubwo buzi bwo mu nzu bukorwa n’Abarundi batari bake. Nkibaza rero nti, co kimwe n’inganda, imyuga canke ubundi buzi bugengwa n’amategeko mu gihugu, abajejwe kuyashiraho bobikora no kuri ubwo buzi bwo mu nzu. Maze mwene kukaronka akamenya ivyo ategerezwa gusabwa, akanamenya amateka n’amategeko amugenga. Si bo bosigara inyuma.

 


Soma kandi : Ko ibiciro vy’ibitoro vyadugijwe, agashahara k’abakozi ba Leta ko gute ?

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion