Mu Burundi, abatari bake baramaze kumenyera ko ata mufundi avugisha ukuri, na cane cane ku bijanye n’ukwubahiriza isango. Igiteye ubwoba ni uko ako kamenyero kabi gashobora kuja mu mico n’imigenzo vy’abarundi. Iradukunda Laude Ersine Complis ariyamiriza iyo ngendo mbi y’abo badufasha muri vyinshi dukenera.
Uwutarasonesha impuzu, yoba amaze gukoresha ivya nkenerwa vyo mu nzu nk’intebe n’imeza, amaradiyo n’imboneshakure, canke ibindi. Mu Burundi hari abafundi batandukanye ufatiye ku myuga yabo ariko rero ntibatandukanye ku buryo bakora. Ukimwitura, naho woba ukoresha ikintu gitwara umwanya munini, aguha isango ry’imisi itarenga indwi, nawe iyo wihuta ukiruhutsa! Nawe uca urindira ko isango yaguhaye rigera kugira uje kugombora utwawe.
Ugira ngo uratonze ubwa mbere, umufundi agakubita inkoro hasi ngo : « Mbabarira mabuja vyarangoye ! » Akakubwira ko yagwaye canke yagize izindi ngorane maze nawe ukihangana ukagenda. Aho rero aca aguha isango rigira kabiri. Rino rimaze kugera, maze ukihenda ukamuteguza mu kuza kumuraba, usanga atari ho ari. Waza utamuteguje, akakubona utamaje hakurya agaca aca inyuma akanyika, agasiga atumye abo bakorana ngo bakubwire ko amaze imisi yarafashe urugendo, ngo ntari hafi. Bakaguha irindi sango ukagenda, uno nawe akabona kunyeguruka iyo yari yakwinyegeje, nawe ugataha ishavu riniga.
Amayeri bakoresha ni menshi
Bakikwakira, bagira akarimi gasosa cane, wobeshera ba banyepolitike iyo hageze amatora. Nawe, n’agatima keze ukemera, ukabaha ya mafaranga basaba kugira batangure gukora. Umaze kubashikiriza ivyo ukeneye, nk’iyo ari impuzu ugomba gukoresha, baca bafata igitamabara cawe bakagitabagura nk’aho womengo baratanguye gukora. Iyo ari ya radiyo, imboneshakure canke ikindi cuma, baca bagisambura. Aho hose, wogira ngo ibikorwa biratanguye, kumbe ni amayeri yo kugira niwasanga bataraheza ntuzoce ujana ku bandi bafundi.
Ngo « inkuru y’inkuba woyibarirwa n’uwo yahushije » ! Hari umugenzi aheruka kwubaka urwiwe, ivyamubayeko ni amayobera. Akimara kwumvikana n’umukobwa bazokwubakana isango ry’urubanza, yaciye asimbagana aja kuraba umufundi yizeye, amusigira ya mahera y’uruvugano ati: « Urankorera intebe, imeza n’akabati, nimirije kurongora ». Umwana w’umufundi amuha isango, rino naryo rikaba iryegeranye n’imisi y’imanza z’ubukwe. Nk’uko bama babigenza, uno mufundi ntiyahengeshanije guhindagura amasango, kugeza aho uno agira ubugeni ataratahukana utwiwe. Ahava ahitamwo gutira mu bagenzi, ngo bikunde abashitsi ntibamucishemwo ijisho. Erega bimwe yakoresha yagiye kubironswa haciye hafi ukwezi imanza zararangiye!
Aho nta kuntu twogwanya iyo ngeso ?
Batubeshe bakiriko ! Si rimwe canke si kabiri bambesha, jewe nza namaze kumenyera. Igihe cose ngiye gukoresha agahuzu canke ibindi ku mufundi wavyo, ngenda niteguye ko nzobironswa kw’isango rigira gatatu n’imiburiburi. Ico bikoze, nguma niyumvira ingene ubwo bubeshi twobugwanya. Naho abatari bake tumaze kubimenyera, birababaza, kandi ntivyoba vyiza ko biba mu mico y’ikirundi, nka ba bandi bananirwa n’ukwubahiriza isaha bakiregura ngo ni ko kama k’Abarundi. Uko ndabibona rero, biragoye kubirandurana n’imizi. Ariko, iyo biba ibishoboka, hakaba urunani hagati y’amasirahamwe y’abaguzi n’inzego zijejwe guteza imbere imigenzo n’imico kama, maze bakiga uburyo iyo ngeso mbi yotuzwa muri kama k’Abarundi. Gutyo umufundi akaza araguha agapapuro kanditseko isango yaguhaye kugira abashe kuryubahiriza, bitagenze ukwo ukamwitwarira. Kandi ndizeye ko vyotanga umuti urama.
Soma kandi : Burundi : leta ntishoboye gutanga akazi, ariko yofasha urwaruka kukitunganiriza