Mu ntara ya Rumonge, zimwe mu ntambamyi zituma abakenyezi n’abigeme batari bake batinya gukora imigambi yo kwiteza imbere, ni ugutinya kubura abagabo, canke kubatakaza ku bamaze kubaronka. Pascal Ndayisenga arabituyagira
Ejo bundi, ishirahamwe Yaga ryaratunganije mu gisagara cacu ca Rumonge ikiyago ku rwaruka. Twari tugorobeje tuganira ku ntambamyi zibuza abakenyezi n’abigeme kwitunganiriza imigambi ibateza imbere muri iyo ntara.
Bamwe mu bigeme bari bitavye ibikorwa vy’uwo munsi bemeje ko umukenyezi aronse amafaranga menshi asumba ay’umugabo wiwe, hari aho bishika akamugaya. Ngo ivyo bigatuma bica bigenda nabi mu muryango wabo. Coyitungiye Evelyne* ati : « Ugutinya ivyo rero, bituma abakenyezi n’abigeme duheba gukora imigambi itari mike yo kwiteza imbere ; kuko bamwe twobura canke abandi tugatakaza abagabo bacu » ; co kimwe na bamwe bahora bavuga ko umwigeme afise amafaranga atawumutweruka ngo amureshe.
Izindi ntamabamyi zashikirijwe, ngo « hari abakenyezi bafise umuhamagaro wo gukora urudandazwa, ariko bigasaba ko bafata ingendo baja mu mahanga kurondera ibidandazwa. Ivyo abagabo batari bake ntibavyemera ; bibwira ko bashobora kuba bagiye mu buhumbu ». Ivyo bikaba vyashikirijwe na benshi mu bakenyezi bubatse bari bitavye ico kiyago.
Umwumvikano
Idriss Muhoza, umwe mu bari baserukiye Yaga mu kuremesha ico kiyago, abona ko umugore afise umuhamagaro wo kurangura umurimo kanaka, canke akaronka akazi gatanga amafaranga aruta ayo umugabo wiwe yinjiza, bidakwiye kuba intambamyi mu muryango. Akavuga ati : « Vyiza hoba kuganira imbere y’ukwubakana, umukobwa akabaza umusore bazubakana ko hari igikorwa kizotuma biteza imbere azorangura ni bamara kubana. Mu gihe naho yoba asanzwe agifise ico gikorwa, bobiganirako akamubaza nimba azomwemerera kubandanya agikora. Ivyo vyotuma bazogera kubana bavyumva kumwe. »
Uwo munywanyi wa Yaga yarongeye adushingira intahe y’umugenzi wiwe. Uno amaze kwubaka urwiwe, umugore wiwe yamusavye imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi, hama atangura kudandaza indagara ku kivuko ca Rumonge. Urudandazwa rwarateye imbere ; mu myaka ibiri bari basigaye bafise imodokari. Uwo mugabo akaba ashima uko vyifashe mu muryango iwe.
No mu ntara ya Gitega, nk’uko Muhoza Idriss abandanya abivuga, ati : « Hari umupfasoni atunze umuryango kubera urudandazwa rw’impuzu. Mbere umugabo yarahavuye araheba ivyo yahora akora, aja gufasha umugore muri urwo rudandazwa rw’impuzu, kuko yari abonye igisumba ikindi aho kiva. Ubu, umuryango wabo urifashe, abana biga ku mashure azimvye. Ubegereye ukabumviriza, nta kindi gituma batera imbere atari uko bumvikana mu bikorwa vyabo. »
None abagabo babuza abakenyezi babo kwitunganiriza imigambi y’iterambere, ubwo si ingwara y’ukutamenya ?
Ahubwo vyoba vyiza kuruta kuko umugore kuza araza utuntu tumwe tumwe dusaba amahera umugabo wiwe biragabanuka kandi mu buzima ntawumenya hagati y,umugani n,umugore uwuzotangura gusezera isi. Ahubwo vyoba Vyiza kuruta umwe wese akagerageza mu vyo ashoboy.
Haaa!!!! Emwe nukuri hoba kuyaga bikwiye si non abigeme canke abagore bafise amafaranga bafise akagaye kabarengeye kuburyo atamugabo yogasabirako!!!
Abakenyezi Benshi Ntibavyifatamwo Nez. Bigatuma Bononera N’abandi