article comment count is: 17

Ukuresha umukobwa yifise

Mu buzima, iyo umusore ashatse gushinga urugo rwiwe, arafata iya mbere akaja kurondera umwigeme bashobora kubana. Iyo umuhungu akiriko arasaba umukobwa urukundo, agirako amusaba ko bobana, bavyita kuresha. Ukuresha umukobwa rero biranakunda gufatira ku buryo asanzwe afise. Maze umuhungu yabona ko amusumvya amikoro akamureka akareshwa n’abo bangana. Ariko rero Elodie Muco, we, abona ko urukundo rutari rukwiye kuraba ubutunzi canke amafaranga !

Muri bino bihe amajambere yaraje none abapfasoni basigaye bafise ikibanza gikomeye mu kibano ca minsi yose.  Ubu barashingwa amabanga akomakomeye aho atawokwibajije ko ivyo vyoshobotse aho hambere hahise. Abapfasoni b’ubu barashoboye kwibeshaho bo nyene, batarinze gufashwa n’abagabo. Uyu munsi, abasore benshi barahura n’ingorane zikomeye iyo bariko bararesha. Na cane cane iyo baresha umukobwa abasumvya ubutunzi canke amahera.

None izo ngorane ziva kuki?

Tuvyihweje neza, ivyo biva kw’ishusho umugabo afise yo kuva na kera na rindi y’uko ari we ategerezwa kugaburira umuryango, ko ari we yaja kurondera ibitunga umuryango. Mu gihe umupfasoni wiwe yaba yasigaye i muhira arindiriye gutegura ivyo umushingantahe asuma. Iyo rero umusore aresha inkumi yifise kumurusha, iyo shusho dufise kuva kera iraheza ikamera nk’iyitakaye ikava ku gitsina gabo ikimukira ku gitsina gore. 

Ikibano muri ivyo vyose

Mu kibano ca minsi yose, ngaha mu Burundi, haramenyerewe ko umusore aresha inkumi banganya umushahara canke asumvya umushahara ariko igihushane cakirwa nabi cane. Iyo umusore ariko araresha umwigeme amusumvya umushahara, haravugwa amajambo menshi. Abantu benshi usanga bavuga ngo : « Urya musore akunda amaronko ! Nta mugabo wo kubeshwaho n’umugore ! Nta rukundo rurimwo ! Urya mukobwa niwe azokwa umuhungu ! », n’ibindi vyinshi vyerekana ko n’ubu abantu benshi, na cane cane mu gihugu hagati bakibona umugore nk’umuntu wo gutungwa n’umugabo muri vyose. 

Ivyo rero bigatuma haba inzitizi zikomeye hagati y’abakundanye iyo bahuye ari umukobwa yifise maze umuhungu akaba abayabaye. Ku bw’ivyo, imisore myinshi ikaba itinya kuresha inkumi yifise ku gutinya amajambo y’abantu. Tutibagiye n’uko umukobwa afise amafaranga atabonwa neza mu kibano. Baramuvugako amajambo amurtyoza : ko ari umukobwa yataye ibanga kugira aronke ayo mafaranga, eka mbere ko uwo mushahara wiwe canke akazi akora vyose yabironse biciye mu nzira zidatunganye. 

Ico abantu ba none twari dukwiye gutahura

Mu bihe vya none, abantu twari dukwiye kwikubita agashi tukareka abashimanye bakabana kandi tukibuka ko hatubaka amahera. Twari dukwiye kwikuramwo ivyiyumviro vy’uko iyo umukobwa yifise aba yigenza nabi. Canke ko azoganza umugabo wiwe bageze mu rugo, ngo ni kubera ko amusumvya umushahara canke ubutunzi. Abakundanye nibo botegerejwe kumenya ukungene batunganya urugo rwabo. Ayo mahera canke amaronko vyoreka kuba ibibatandukanya ahubwo bakabikoresha mu gukomeza ubumwe n’urukundo rwabo. Na cane cane ko tuzi ko muri bino bihe ubuzima buzimvye, bompi bagafashanya kurondera igitunga umuryango. Gutyo bakibanira neza mu babo n’ivyabo.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (17)

  1. bibaho kubona haba umugore asumvya amikoro umugabo
    kenshi bikunda kuvugwa ko umugore acasuzugura umugabo wiwe
    tuvyihweje,ivyo bikorwa n’abagore bafise indero nke

    Murakoze

  2. Nibishika Ko Abakobwa Bifise,bobana Na Abasore Bakenye,mugabo Ivyotubona,nuko Nomumigenzo Imiryango Itangana Idasabiranira,umuhungu Akenye Yotweruka Umwigeme Womumuryango Ukize,bohurirah?Imigenzo Irabitomora!

  3. Mubisanzwe muburundi haracari intambamyi hama ntitwirengagize ko numugore ashobora kwitwaza ubutunzi mugusuzugura umugabo kuko biramaze kugaragara ko vyabayeho kndi namw kutabayukwirengagiza aho muhereye nimutaba muri mw’ i paradizo murabibona

  4. nukuri kuzima ivyo wavuze niko vyotegerejwe kugenda muga kuko abakobwa benshi ndetse n’abagiriwe amahirwe yo kwiga bagumana mumitwe ko ahubwo uko yiga ariko atwagwa n’umuhungu afise amafaranga niko natwe abahungu benshi basigaye babona ko gutwara umukobwa adafise amafaranga (nshatse kuvuga nk’akazi) ari nkukwihenda kuko n’abahungu benshi bama bahebwe n’abakobwa kuko batifise ninayo mpamvu ubu urukundo ataruhari muri benshi baba abahungu canke abakobwa bose basigaye bikundira ibintu!!

  5. oya nivyo!je numva vyumvikana!erega basha iminwe itareha ntiramukanya!consequemment,iyo umukobwa afita umushahara,sikenshi yirengera ngo areshwe n’umusore afita amikoro make kuri we!kenshi,abigeme bitega uwuza afita umutungo urengeye uwo afita!quand bien meme ico kintu ari intambamyi ku kuresha n’ukureshwa,nuk bimeze!ndumva benshi bipfuza ko vyohhnduka but the world is not so quick to change!le comportement est foncto d la societe especially in these patriarchal communities.

  6. Neza Cne.Ark Muravga Ark Ntimuvra.Jw Ivyo Mbizi Hensh Cn,knd Nanj Vyarangezeho Mbura Uwo Nakundaga Kubera Yize Amashule Meza,afse Agacyiro Kundusha.Urumv Rr Ivyuvuz Ntawobtra Ivyatsi Bibaho.Mu Kirundi Bavgango « uwukoz Munda Y Inka,… »ngaho Shakisha Ubusobanuro Kuvyerekeye Inkwano Mwakino Gihe Tugezemwo.Mukmeze Kuko Bifasha Bensh!

  7. Bivanye nuko imico n-imigenzo yacu abarundi itwigishako umugabo mu rugo
    ariwe agaba akaganza birakeyeko twebwe urwaruka rw-ubu twohindura ingendo kuko ivyo vya kera vyabaye abigeme batariga amashure.
    ku bwanje nk-umwe mu rwaruka rw-Uburundi,nipfuza ko maze kurushinga twese tuzorondera ibizotunga umuryango hamwe.

  8. Nibaza ko kuba umukobwa aba asumvya uburyo umuhungu bitoca bituma umuhungu yisuzugura, kenshi iyo ari umukobwa yarezwe neza afise indero runtu aguma yubaha umugabo wiwe nkuko yategerezwa. Abantu bobo ntiboreka kuvuga kuko niyo umuhungu ariwe afise uburyo ntibareka kugira ico bavuze; igihambaye n’ico umuhungu n’umukobwa baba bafundikanye.

  9. ego cane .nitegereje uwo mwihwezo mwagize,na jewe ni uko ndabibona.ariko ngerageje kubunganira novuga ko rimwe na rimwe ivyo bitahurutse! muti gute? twese dusanzwe tuzi amajambo umusore akoresha mukuresha inkumi.ngo ntaco uzomburana,nzokwima ico ntafise hamwe nayandi menshi nkayo! none ntimuboma ko iyo umukobwa arusha amikoro umuhungu ko bica bigorana? ahubwo rero abakobwa bafise uburyo nibo bakwiye guhindukira bakaresha umuhungu.kugirango habe ukungana nugutahurana nabakobwa barakwiye kubahuka bakaresha abasore.atari uko naho ibintu bizokwama biri uko nyene kuko mukirundi bavuga ngo inkezi ikera urwo bireha.abahungu bake cane bazokubahuka kuresha umukobwa abasumvya statut social!

  10. jewe nibaza yuko ubu muri kino gihe atamusore canke canke inkumi ageze gushinga urugo rwiwe yogumana ivyiyumviro bishaje vya kera aho bavuga yuko umugabo ariwe ategerezwa gutunga umugore muri vyose nahose,kuko ubu ibintu vyarahindutse cane gose mubice vyose vyubuzima,ubu abigeme bariga bakaronka ubuzi bwiza bubaha uburyo bwinshi mbere gusumvya nabasore,ubu abigeme baracuruza,barakora ibikorwa vyo kwiteza imbere bibazanira uburyo bwinshi,none ivyo boca babizira none?ko mbona ubu ubuzima bwazimvye umugabo atokwishoborana wenyene gutunga umuryango wose atagira uwumwuhira?ahubwo gusa nabigeme bageze kubaka izabo ariko batunze nobahanura yuko batoza baragaya abasore ngo nuko babasumvya amikoro,nibisanzwe umuntu ararondera hama akaronka,hakwiye kuba gusa ukubahana no gushigikirana,umwe wese agakora ico ashoboye gukora kibereye kandi akagikorana uburwaneza n’umutima ubikunze!!thx!!

  11. BIRAGOYE KURESHA UMUNTU AGUSUMVYA UBURYO( AMAHERA) KUKO MW’ICO GIHE NTACO URONKA UMUKANGISHA NGO URAFISE KND NAW ANABIGUSUMVYA.MURAZI KO PAS MAL DES FILLES BAKUNDA IVY UMUNT ATUNZ BATITAHO URUKUND NN WUMV USANZ VYOS AVYIFITIY UDACA UJORERWA?

  12. IVYO BIBAHO MUGABO BARI BAKWIYE KUMENYA KO AMAZI ASHUHA ARIKO ATIBAGIRA IBUMBEHO KUKO USHOBORA GUKENA WARI UMUTUNZI BENSHI ABIGEME BAVA MU MIRYANGO YIFISE HARAHO BIYUMVIRA KO UKOBABIBONA ARIKO BIZOKWAMA MUGABO SIVYO NDABAKUYE KU NZIRA RAMBA

  13. Murakoze kumajambo nivyiyumviro vyanyu mudushikiriza kenshi
    Hama nukuri ngaha mu Burundi ivyo biriho kndi biragwiriy umuhungu agatinya umukobwa kumuresha kuko yifise.lvyo bigatuma nabakobw bifise bahagirira ivyo bibazo.

  14. mubisanzw nuko vyatgrzwa kugnda kuko urukundo ruri kumutima ntiruri kuvyo umuntu afit.ndakunz iyi nyigisho ahubwo abantu ba non bajijuk bameny ko abikundaniy batgrzwa kubana atawuravy ngo urya aransunvya ibi cank biriya

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.