Kuri uyu wa 17 Ruheshi, isi yose yaraye ihimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe kugwanya ubugaragwa. Mu ntara za Mwaro na Bujumbura, amashamba arabangamiwe n’abaca ibiti vy’amakara maze ntibabisubirize mu gutera ibindi. Migabo Jean Marie Blaise avyihweje asanga, iyo ngendo idahagaze, ubugaragwa bushobora kudutera mu minsi iri imbere.
Maze iminsi mu karuhuko muri komine Gisozi y’intara ya Mwaro. Umusi umwe ku mugoroba niho, ku rugo rw’umubanyi, numva umwana na se bariko baraharira. Se yagiriza umwana ko yasenye inkwi nkeya hama uwuri uwundi nawe ati nyabuna nazibuze. Bukeye bw’aho, mfata urugendo ngana mu gisagara ca Bujumbura. Umuduga wanyunguruje ukaba uri muri ya miduga itwara amakara bakunze yitwa Fuso. Ni uko turafata urugendo maze tukaza turahagarara duhitana imifuko y’amakara ku nzira. Uri aho duhitanye umwe, ahandi ibiri, itatu canke cumi,… bukebuke kugira barabe ko bokwuzuza umuduga.
Ngize ntya, mbaza nyene umuduga igituma atariko ayakura mu kibanza kimwe. Nawe ati : « Ubu nta biti vyinshi bikihari. Nico gituma tugenda turatoratora kugira ngo turabe ko twokwiza iyo dukeneye ». Arongera ati: « Ubu ni hake wozana imodoka ngo yuzurire ahantu hamwe! Ivyo vyari ivyo mu minsi iheze hakiri ibitara binini binini ». Twarabandanije ukwo gutoratora amakara inzira yose, turinda dushika kw’ibarabara rimanuka mu gisagara ca Bujumbura riciye muri komine Mukike y’intara ya Bujumbura. Aho rero n’aho twari tugenze urugendo rungana gutyo, imodoka ntiyari bwuzure. Nyeneyo abiravye ati: «Reka nce i Mukike naho ndabe ko nokwuzuza». Nanje aho nicaye, nkagenda ntereza amaso irya n’ino, nkabona koko ko imisozi yambuwe ibiti ku rugero rurenze.
Ariko amategeko asanzwe atomoye
Itegeko nomero 1/07 ryo kuwa 15 Mukakaro 2016 risubirwamwo igitabu ntunganyamashamba rivuga, mu ngingo ya ryo y’122, ko « Ukwicira ibiti kwose bibanza gusabirwa uruhusha, uretse ibiti biri ku butaka budashikana igice c’ihegitari ». Urwo ruhusha na rwo rugatangwa ari uko nyene ibiti abanje gutanga « integuro y’ingene azokoresha ivyo biti ku bajejwe amashamba n’ibidukikije muri komine canke mu ntara ». Ivyo biri mu ingingo ya 61. Ingingo y’156 nayo irashimangira iti : « Kwicira ibiti kwose kujana no gutera ibindi bingana, mu bwinshi no mu buringanire n’ivyiciwe ».
Mu gihe atacokogwa, ibintu vyoyangara !
Uretse ko hari abanyagihugu benshi batazi iryo ritunganya amashamba mu gihugu hamwe n’ibirimwo, benshi bafata kwicira ibiti nk’inzira y’ukwikenura gusa. Ibi navyo bikabatuma bicira ibiti aho baboneye hose ko bishobora kuvamwo amakara na makeya. Ikibabaje rero n’uko n’aborisiguriye abandi, ari bo bajejwe intwaro ku nzego zo hasi, usanga bitaho kumenya imifuko y’amakara yabonetse kugira batoze amakori gusa, gusumba ivyo kumenyekanisha iryo tegeko canke guhimiriza gutera ibiti imbere y’ukwicira ibihasanzwe. Ni naco gituma hari hakenewe cane inyigisho zo guhimiriza abanyagihugu ku kamaro k’ugutera ibiti imbere y’ukwicira ibihasanzwe. Niho abantu botahura neza ko bakingira amashamba ku neza yabo.
Abajejwe intwaro nabo bakabihagurukira bivuye inyuma, baciye ku ma komite y’ibidukikije n’amashamba ku mitumba canke mu ma komine, mu kwigisha integuro y’ugukingira ibidukikije nk’ukwo Umushikiranganji abijejwe yabisiguriye Inama nkenguzamateka ku wa 28 Ndamukiza 2016. Turetse ivyo, harakenewe ugusubira gukwiragiza amatuta y’ibiti vy’ingemwe zo gutera kugira uwo wese yipfuza gutera ibiti abikore bimworoheye. Gutyo imisozi igaragara isubire kwambara hama twirinde ubugaragwa gutyo.
Soma kandi : Burya mwari muzi ko ari twebwe twikwegeye uruzuba n’imvura nyinshi bimaze igihe?