article comment count is: 0

#UrwegoNshigwaKirundi: mu mashure, “uwanka agakura abaga umutavu”

Ugereranije indimi zigishwa mu mashure yo mu Burundi, Ikirundi ni rwo rurimi rufise ikibanza gito muri zose; gutyo ikaba imwe mu mvo zihambaye zituma rusubira inyuma cane. None, hokorwa iki ngo ntiruzimangane, rugende amazimayongo ?

Amashure agitangura mu Burundi, atangujwe n’abamisiyonari mu mwaka w’1887, Ikirundi nticari ku rutonde rw’ivyigwa. Catanguye kwigishwa mu 1961, Uburundi bwegereje kwikukira. Mu 1973, ni ho inagurwa ry’igisata c’indero mu guha ishusho ndundi ishure ry’ico gihe, yaja mu ngiro mu ciswe “Kirundisation” canke “Ruralisation” mu rurimi rw’igifaransa. 

Ikirundi mu nyigisho caciye gihabwa ikibanza kinini cane, ndetse kigirwa n’ururimi rw’inyigisho zose. Amajambo mashasha y’Ikirundi aravuka. Aha twovuga nk’ikwadarato, inyabutatu, urukiramende, umwashi, inganamwashi n’ayandi menshi yakoreshwa mu cigwa c’ibiharuro.

Ikibabaje, iryo nagurwa ryamaze umwanya urume rumara. Abarimu b’ico gihe, abavyeyi bifise, ndetse n’amashure amwe amwe yari mu minwe y’abihebeye Imana, ntiyatahuye uwo mugambi, maze ukwigisha mu Kirundi babibonamwo ubujuju kuko bumva ko umwana akuze avuga indimi mvamakungu ari we aciye ubwenge, ashobora no kuzoshika kure akaja kwiga mu mahanga. 

Ico cahaye inguvu izo ndimi mvamakungu, kiburizamwo rya nagurwa, bituma izo ndimi zivogera Ikirundi ku rugero runini cane nk’uko turiko turabibona mw’iki gihe ca none.

Ubu vyifashe gute ?

Gushika mu mwaka wa kane w’amashure matomato, ivyigwa biracatangwa mu Kirundi. Ariko mu bisata nka vyose vyo mu mashure yisumbuye, kiretse ko ivyigwa bitangwa mu Gifaransa, Ikirundi gifise amasaha make ugereranije n’ibindi vyigwa.

Umwigisha wo mu mwaka wa mbere w’inyuma y’ishure shingiro ni we yatuyagiye ko : ” Mu gihe Ikirundi gifise amasaha ane mu ndwi, Icongereza n’Igifaransa vyo vyigishwa amasaha icumi, Igiswahiri na co amasaha atanu”. 

Muri kaminuza ho, uwutagiye mu gisata c’indimi, nta ho basubira guhurira n’Ikirundi.  Eka n’abize muri ivyo bisata vy’indimi, baraduhishutse ko n’indimburo y’Ikirundi bayiga mu Gifaransa.

Ukwo kunena Ikirundi mu mashure ni vyo bica bituma Ikirundi kidatera imbere, ntihabe hakibaho n’ugutorera amajambo y’Ikirundi ibintu bishasha bigezweho, bigakenesha ururimi kubera aboruteje imbere batakiruvomerera.

Dutane n’ikigazuzo ?

Eka da! Burya Ikirundi si ururimi rukene ku buryo rutoba ururimi rw’inyigisho. Ku bw’umwigisha muri Kaminuza y’Uburundi Denis Bukuru, ururimi rw’Ikirundi rushobora gukoreshwa mu kwigisha ivyigwa vy’ubumenyi abandi bakoresha mu ndimi zabo. Ashize amanga, atanga akarorero nko mu vyigwa vy’ibiharuro, aho mu muzingi ijambo ry’Ikirundi risubirira ijambo “rayon” ari “inda”; irisubirira “diamètre” na ryo “indesho”, irisubirira “tangente” na ryo rikaba “amagenge”.

Patrice Ntafatiro na we aremesha ikiganiro Ikirundi c’Abarundi acisha ku ngurukanabumenyi yaratweretse mu mwaka uheze ko amajambo akoreshwa mu bijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi canke mu rukino rw’umupira w’amaguru, yose ashobora gushirwa neza mu Kirundi.

Kugira ivyo vyose tubishikeko, mu guhesha ikibanza gikwiriye ururimi rwacu mu buzima bw’igihugu, nta yindi nzira atari uguhera mu mashure. Ariko, ishirwaho ry’urwego nshingwakirundi ni ntasubirizwa. 

Ni rwo rwofasha mu kwongereza amasaha Ikirundi cokwigishwako, rukagwiza amajambo akwiye gukoreshwa, rugashinga ingene azoza arandikwa, uburyo ibisata bikwiye kwigishwamwo, rugashinga kandi icohinduka n’icokwongerwako ku neza y’ururimi rwacu.

Tugire amahoro ! Ni harambe Ikirundi, co rurimi rwatwonkeje !

Mushaka gusubiramwo uru rukurikirane, mufyonde yano https://www.yaga-burundi.com/dossiers-yaga/urwegonshingwakirundi/

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion