article comment count is: 0

[Iciyumviro] Ababwiriza kworora inkwavu, n’ivyamwa ntibavyibagire !

Bati: “Uwuramvye arabona” ? Aho hambere ivyamwa nk’imyembe, amapapayi, amapera n’ibindi, vyarahira ku biti bikaribwa n’abahita, ibindi bikaribwa n’inyoni. Uno mwanditsi akubitiza amaso ku bihe vyiza vyo mu bwana aho ivyamwa vyamurwa aho biri ata nkomanzi, yaraba ibiciro vyavyo uno musi kw’isoko, agahinda kakamwica.

Wewe uriko urasoma aya marira y’umubabaro n’inkumbu z’ubuto, woba wibuka akembe kagikarishe wagashizemwo akunyu ukuntu kakura ibicumuro ? Ese akembe wamuye katarasha neza ariko gatanguye guhishira ukuntu karyoha! Muntunge mumburane si ukwidoga, ariko ndavyibutse nsanga nagize nti gukura biragatsindwa

Ndibuka nciga mu mashure matomato, mu mezi nk’aya aheza umwaka, ibiti vy’imyembe vyaba bisa neza cane. Vyuzuyeko ivyamwa. Ingene rero vyari vyinshi, womenga nta rugo na rumwe rutagira igiti, n’imiburiburi kimwe. Aha mvuga canecane mu Ngagara aho nize. Aho uciye hose, wamura umwembe. Hari aho waca ugasanga umukozi ariko arayamura, agaca adusangiza twese, hanyuma tukibandaniriza urugendo. Aho simvuze iyo twiyamurira dukoresheje ubuhinga bw’amarenga n’udutsinga, tugakubitako n’akamwanya, imyembe dukweze igakorokeramwo. Ubwo « buhimbiri » bwaraturyohera cane. Imyembe twivye yaba iryoshe cane. Ikindi caba gihimbaye, ni uko twaba turi benshi, dutashe mu murwi munini, tukagenda turasangira vyose, dutera n’inkuru nyinshi. Kari akaryo ko gukomeza ubugenzi.

Ndiko mvuga imyembe, ariko siyo yonyene. Hari n’ibindi vyamwa nk’ipapayi n’amapera. Iyo myaka iheze, inyoni ni zo zahora zidagadura, kuko ibiti vyari vyuzuye mu ngo kandi n’abana ntibabihurumbira cane kurya kw’imyembe.

Abo bigeze ubu, bwarapfuse umunwa

Aho twavyiginye hari kera. Uno musi, ibihe vyarahaye ibindi mugani w’abari aho. Hageze aho umembe umwe ugugwa ibihumbi 5. Iri si ibara ? None ibi vyashitse aha gute? Ya papayi nayo, kugira unayironke uba wacumukuye. Ubuho badandaza utuntu dutoduto ataco tumaze, natwone munsi ya bitanu ntibakunukiriza. Iyo nibutse ko aho hambere zaborera ku biti ata wuzitaho, none uno musi zikaba ari nk’inzahabu, ndavyiyumvira bikansiga.

Ariko ngerageje kuvyiyumvira, hambavu y’uko ibintu muri rusangi vyazimvye, erega vya biti vyaba vyuzuye mu mpangu ubu ntabikiriho. Ubukene bwarateye abantu ku buryo ba nyene amazu bahisemwo kurigita ivyo biti bubaka amazu yo gupangisha (annexes). Ya Ngagara namye mpaya ngo aho uciye bagutera umwembe, ubu urahiga ibiti ukabura. Haba mu mpangu canke bimwe usanga vyarimejeje ahahita, ntibikiri umurengera, kiretse aho bita kwa « Muzungu Shamba ». Aho barabibungabunze nta nkeka ko ari kubera ari umugambi w’igihugu. Ikindi nibaza catumye ivyo vyamwa bibura canke bizimba, n’abantu barabaye benshi cane mu gisagara ca Bujumbura, ku buryo imfungurwa zikenerwa na benshi, gutyo abadandaza bakikika mu kiza bakazimba. Uravye inzoya n’urwaruka bakenera ivyamwa kugira ngo bagire amagara meza uko bangana, iryo kena rica ryumvikana.

Ariko rero n’ubwo biri uko, nk’uko  abarongozi b’igihugu bama batubwiriza ko ata muryango wobaho utagira igitungwa c’urukwavu, harakwiye gushingwa itegeko rihamagarira buri muntu wese kugira igiti c’ivyamwa, gutyo bizoshobora kugwira mu mwanya atari ikirenga kuko ubushakashatsi bw’ubu butanga ivyamwa vyera kare ntibitware n’ibibanza binini, ubona ko amatongo yaze. Aha kandi tuzoba tugarutse no ku kintu gikomeye cane co gukingira ibidukikije, mukaba muzi neza ko ibidukikije ari wo mushinge wo kugira igihugu ciza kirinze impanuka zituruka kw’ihindagurika ry’ibihe. Ivyo ntibiraba igisagara ca Bujumbura gusa, nyabuna ni igihugu cose kuko naho babirima, ntihabuze agasembwa.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion