Au Burundi, le secteur agricole est l’épine dorsale de l’économie du pays. Malheureusement, malgré des efforts dans ce secteur, il n’y a pas de quoi être fier de la productivité.
ibifungurwa
Umutama inzara yari ihatswe gutsinda mu gisagara ca Bujumbura
Hari ikintu gitangaje aho, mu gisagara ca Bujumbura, hari umutama basanze ariko arya ivu avuga ko biturutse ku nzara. Egide Nikiza aratwiganira iyo nkuru akagirako atubwira n’icigwa yahakuye.
Rumonge : ingingo izotuma icamwa ca mandarena kizimangana
Mu gihe haheze imyaka yababa itatu, mu Burundi hasohotse ingingo ibuza gushora ibifungurwa bimwe bimwe hanze y’igihugu, bamwe mu bakomerekejwe n’iyo ngingo ni abarimyi n’abadandaza b’icamwa c’umucungwe wo mu bwoko bwa mandarena, mu ntara ya Rumonge. Ndayisenga Pascal aratwiganira uko […]
Abanyabisagara n’ivyatsi mu mpangu : botera imboga n’ivyamwa naho ?
Aho gutera ivyatsi n’amashurwe vyo gushariza impangu, ngo “abanyagisara boca ubwenge bagatera imboga n’ivyamwa, vyobafasha”; uko ni ko Nimpagritse Patrick abibona. Arabisigura.
Burya mwari muzi ko ari twebwe twikwegeye uruzuba n’imvura nyinshi bimaze igihe?
Imwe mu ngorane zihanze isi muri kino kinjana ca mirongo ibiri na rimwe, ni “ihindagurika ry’ikirere. Iyo Atari igihuhusi usanga ari uruvura rw’umurengera canke uruzuba, ivyo bikama vyakoze ku buzima bw’abantu. No mu Burundi ntidusigara inyuma. Prosper Niyonkuru ati: “imwe […]
Ni kuki abadandaza isukari batubaha igiciro gishingwa na Leta ?
Ku giciro kizwi n’amategeko, ikiro c’isukari kigurwa amafaranga 2340 y’amarundi. Ariko, hari abadandaza bikika mu kiza bagashinga ibindi biciro, ata camira. Nikiza Egide ati : « abadandaza b’isukari boba basigaye bakomeye gusumba leta ? »
Abarundi ntitwari dukwiye kwicwa n’inzara
Haraheze iminsi intara zimwe zimwe ziriko zirakora igikorwa co kwegeranya ibifungurwa vyo kugarukira ku banyagihugu bo mu ntara ya Kirundo bageramiwe na kigoyi. Bisanzwe bizwi ko iyo ntara yari ikunze kubonwa nk’ikigega c’igihugu kuko imera kandi ikimbuka cane iyo imvura […]
Ugutanga ishano mu ntara z’uburaruko
Mu ntara z’uburaruko nka Kirundo, haraheze iminsi bivugwa ko himonogoje gutanga ishano. Ishano rero ngo riranagoye kuvura kuko ngo ntiryibonekeza kumwe ku bantu baba barihawe. Umuntu yokwibaza ukwo barisuzuma hamwe n’ukwo rivurwa iyo basanze umuntu yarihawe. Apollinaire Nkurunziza araducira ku […]
Pome ni ngirakamaro ku magara
Mu Burundi, hararimwa kandi hakimbuka ivyamwa vyinshi. Ivyo vyamwa birafasha cane mu ngaburo y’abantu b’ingeri zose, na cane cane abana. Ariko rero hari icamwa citwa pome bimaze kwibonekeza ko gishobora kuhamera kandi bakagisoroma. Pome rero ni ngirakamaro cane ku magara […]