Intwaro y’abakoloni yari yatunganije igisagara ca Bujumbura hisunzwe ivangura rifatiye ku rukoba, ku buryo abakibamwo baba mu mice itandatu itandukanye, bivanye n’urukoba rwabo; kandi n’itegeko ribishinga ryariho. Abahinga barabituyagira.
Nk’uko bivugwa n’ umuhinga mu vya kahise akaba n’umwigisha muri kaminuza aheruka gukukuruka, i Bujumbura (ico gihe yitwa Usumbura), ivangura mu bibanza vyo kubamwo ryari rirekuwe n’amategeko. Aho, afatira kw’itegeko ryo kuwa 29 Ntwarante 1926 “ryaje rishimangira iryo kuwa 12 Ruhuhuma 1913 n’iryo mu 1915 ry’uwari arongoye Katanga, itegeko ryagenga amakaritiye y’abasangwagihugu”.
“ Mu bisagara bitandukanye, hashizweho amakaritiye yagenewe abantu b’urukoba rutari urw’Abanyaburaya bategerezwa kuhaba bafise uruhusha rwanditse bahabwa n’abarongozi b’intara. Ariko abantu bakorera Abanyaburaya, batarenga babiri ku muntu, barashobora kuhaba n’abakenyezi babo n’abana. Kimwe gusa, bategerezwa kuba mu nzu z’uwubakoresha. Uwuhabaye bidaciye mu mategeko yahanishwa umunyororo w’imisi 7 canke akariha amande y’amafaranga 200”.
Vyongeye, cari ikizira ko Abanyaburaya batembera canke ngo babe mu makaritiye y’abirabure.
Ababiligi n’Abagiriki
Kuva mu myaka y’1930, amakaritiye y’igisagara ca Usumbura yabamwo abantu atakuvangavangana, urukoba rumwe rwose ukwarwo.
Na Piyo Masumbuko, umutama w’imyaka 88, Muganga wa mbere wa Kongo-Belge na Rwanda-Urundi ntaja kure y’ivyo. Ababiligi, Abawalo n’Abaflama bari ku butegetsi ico gihe, bari bafise amakaritiye bisangije bonyene, amakaritiye mezameza yo kubamwo: “barankana kubera badasangiye ubwoko, ariko intwaro ikabategeka kubana”.
Abagiriki, bari bafise amamangazini, amahoteri, uburiro n’ibindi, baba hagati mu gisagara. Kugeza n’uno musi, hari amazina akivugwa mu gisagara nka Paguidas Haidemenos, Dimitracus, n’ayandi. Abagiriki bari barubakishije n’isengero y’Abakatorika bitwa aba “Orthodoxes”, n’ubu ikihari kw’ibarabara ryitiriwe Repubulika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo, imbere y’akabare ka kijambere Arena.
Abarabu bagwiriyemwo Abahindi
Hariho ikaritiye y’Abarabu yari yisangijwe na canecane n’Abahindi: “Bakomoka mu bwami bw’Ubuhindi butaragaburwamwo kubiri, Ubuhindi na Pakistani mu 1947”, bivugwa na Masumbuko.
Hambavu y’iyo, hariho n’ibigwati “vy’abaterambere” vyari bitunganijwe ukwavyo, vyiharijwe n’abirabure ariko batari Abarundi kuko bo bagiye kuza mu bisagara batevye.
Abaswahili
Umwigisha Mworoha avuga ko Abaswahili bari mu makaritiye ya Buyenzi na Bwiza ico gihe yitwa “Kw’ibereshi”, ( Camp Belge mu gifaransa).
“Ikigwati c’Abaswahili” cashizweho mw’itegeko ry’uwurongoye Rwanda-Urundi ryo mu 1941, hagati na hagati muri karitiye ya Buyenzi. Haba abantu bakomoka muri Tanzaniya, icitwa “ Tanganyika territory”, bari babeshejweho n’urudandazwa rusanzwe. Twokwibutsa ko igihugu ca Tanzaniya cavutse hateranye “Tanganyika territory” n’izinga rya Zanzibare mu 1964.
Ariko, abo bantu baba mu Buyenzi baribabeshejweho n’ubundi buzi nk’uko Emile Mworoha abisigura: “Abaswahili bari bafise imirima mu Rumonge, ku Muzinda, eka no mu kiyaya ca Rusizi”.
Ibereshi, ikaritiye y’Abanyekongo
Ku vyerekeye “kw’Ibereshi”, yari ikaritiye yiganziwe n’Abanyekongo bo mu bwoko butandukanye nk’Abaluba, Ababembe, n’abandi. “ Bari abakozi basanzwe bo mu mabanki, amahinguriro matomato canke bagakora mu gikoni, ababoyi b’abakozi b’Abanyaburaya, n’ibindi”; ni ko uwo muhinga abivuga.
Ica mbere caranga iyo karitiye, ni ukwidagadura, umuziki n’intambo. Benshi basubiye mu gihugu iwabo inyuma y’uko cikukiye kuwa 30 Ruheshi 1960.
Abarundi bo baje bate ?
Abarundi n’Abanyarwanda baba muri Usumbura ( umugwa mukuru wa Rwanda-Urundi) baba mu makaritiye yo ku mpera z’igisagara nka Kamenge, yabayeho mu 1952. Ariko imbere y’aho, abo ntibari mu bantu baharurwa mu baba i .
Ariko nk’uko Piyo Masumbuko abivuga, nta tegeko ryababuza kuba mu gisagara, ahubwo kari akaranga k’Abarundi batiyumvamwo kuja kuba mu bigwati. “N’abakora mu gisagara nko ku kivuko ca Bujumbura, bakora bataha iwabo, n’ababa mw’Ijenda”.
Mu 1952, kubera bari bakenewe, abakozi ba Reta b’Abarundi n’Abanyarwanda barubakiwe ikaritiye yabo bita “OCAF”, Ngagara y’uno musi.
@Yaga
Jewe umengo ni nk’ubwa kabiri mbonye iyi foto iri aha hejuru mu makuru yanyu, kandi umengo yerekana inyubakwa y’ubuserukizi bw’igihugu rutura kanaka ntarinze kuvuga.
Jewe nonezerwa munsiguriye ico bihwaniye n’iyo nkuru y’ivangura muri Usumbura (KANDI IYO AMBASSADE YUGURUWE UBURUNDI BUMAZE KWIKUKIRA, LERO ABAKOLONI BAMAZE GUSUBIRA IWABO).
Muzoba mukoze.
None ubwo ntuzi ko iyo ambassade atagikorera muri iyo nyubakwa.kdi nk’aho bayikoreramwo itari rwabo? Bisigurako iyo nyubakwa itamy ikoreramw ubwo buserukizi
Les Wallons et les Flamands ne vivaient pas dans le même quartier. La partie basse du quartier actuel de Kiriri était le Quartier flamand. La limite entre les deux était l’actuel jardin public de Kiriri. Le centre ville était habité par les Grecs, Turcs, Arméniens..
L’actuelle Avenue de l’Université était la limite que les noirs de Bwiza(Belge), Buyenzi, Ocaf(Ngagara), Kamenge ne pouvaient pas franchir après le son du clairon de 6 heures du soir sauf avec une permission spéciale. Les Asiatiques aussi devaient rester dans leur quartier la nuit. Les Rois(Mwami), les chefs et les titulaires de la « Carte du Mérite Civique » pouvaient circuler dans la ville blanche après 6 heures mais ne pouvaient pas y loger même s’ils pouvaient y fréquenter les restaurants et bars. Un fossé profond séparait le quartier Bwiza(Belge) et l’avenue de l’Université actuelle. Il a été progressivement rempli par les ordures de Bwiza jusqu’à devenir invisible à la fin des années soixante. Entre Bwiza et l’avenue Rwagasore se trouvait un « no man’s land », une brousse empêchait le contact entre ce quartier noir et Kiriri, il a été progressivement rempli par des maisons dès la fin des années soixante. C’est dans cette brousse que se trouvait une petite maison où logeait le roi Mwambutsa quand il venait à Bujumbura. Elle a été détruite en 1967-68. Les nouveaux quartiers noirs des années cinquante (Ngagara et Kamenge) ont été placés le plus loin possible des quartiers européens.
Les habitants de la campagne qui se rendaient en ville même pendant le jour devaient en plus de leur livret d’identité et d’impôt(Ibuku) en ordre être munis d’une feuille de route(ibaruwa , ikete ry’inzira) signée d’un représentant de l’administration. Ces mesures ont été levées en 1959. Le jour de la levée de ces interdictions, les bars du centre ville ont été envahis par les noirs en fête, mais d’après un Européen qui avait assisté à la scène(et qui avait l’habitude de se moquer des Africains), le lendemain ils ne sont pas revenus car ils avaient tout dépensé la veille et n’avaient plus un sou.
Cette ségrégation se retrouve avec des nuances dans presque toutes les villes coloniales .
Hhhhhh merci pour l infos
Merci Sef pour votre contribution
Murakoze
Zamutubwira Vyinshi Kur Kahise Kuburundi.
Merci Sef, je pense que vous pouvez même nous expliquer l’origine du mot « uburundi » et sa signification. Je suis resté à ma soif sur un autre sujet qui traitait l’origine et la signification du mot » uburundi »
None usumbura risigura iki,? Uwob abizi yombwira