article comment count is: 2

Ukwandika neza biratanga akazi

Abarundi barayamaze ngo “agatakaye ntaho katabarizwa”, Aminadab Havyarimana abona ko ubu mu Burundi dushobora no kuvuga duti“akazi ntahokatarondererwa canke ntakwokataronderwa”! Muri iyontumbero, kwandika neza birashobora gutanga akazi gashimishije kubabishoboye.

Iyo umuntu avuze ngo kanaka yandika neza, abataribake bacabumva  ko yandika indome nziza ekambere zimwe usanga ziryoshe gusoma kuko bidasaba inguvu mukubona ivyoyanditse. Arikorero burya inyandiko nziza mu nsiguro y’abanditsi isobanura ukuntu umwanditsi asohora neza ivyiyumviro vyiwe, uko abikurikiranya  maze bimwe bigahamagara ibindi hanyuma uwuriko arabisoma akaryohegwa n’ukuntu inkuru yanditswe. Ni naho nkomugisata  c’amayagwa usanga bavuga bati naka n’umwanditsi koko kuko aba ashoboye kwandika inkuru ziwe mu majambo aryohoye bigashimisha abazisoma.

Arikorero, muri kino gihe, mu Burundi, na cane cane mu mashure haribonekeza itituka mu nyandiko inoboye. Ivyo birabonekera mu mashure aho ivyo abanyeshure bandika haba mu kwishura mu bibazo canke n’ibindi nk’amakete hamwe n’ubutumwa buto buto usanga harimwo agahaze. Ni naho usanga benshi mu banyeshure batakariza amanota kuko na bimwe bimwe mu vyigwa bishimikira kunyandiko nziza.

Akanovera mu nyandiko nk’akarusho mu kuronka akazi

Abatari bake ntibaramenya ko no kuryohora inyandiko bishobora kuba mu bitanga akazi kabeshaho umuntu mbere akabeshaho n’abiwe.

Abantu bitaho kwandika amayagwa maze bakaryohora ivyobanditse barakenerwa cane mu buzima bwa minsi yose. Umuntu azikwandika inkuru mu buryo bunoboye aragira amahirwe menshi yokuronka akazi. Kiretse ko no mw’ishure bishobora kumubera intango yokuronka amanota meza maze bikamucira n’inzira yo kuronka akazi iyogatanzwe hisunzwe amategeko yo kurushanwa, no mu buzima bwa minsi yose hari aho usanga akazi gasaba inyandiko isukuye.

Aha twotanga uturorero nko kubinyamakuru n’amaradiyo. Ibinyamakuru, vyaba ibisohoka kumpapuro canke ibisohoka kumbuga ngurukanabumenyi, vyaba ivyigenga canke ivya Leta, birakenera abantu bandika neza. Kuko ababirongoye bama na ntaryo bipfuza gushikiriza amakuru yanditse neza kugirango abayasoma bahimbarwe no kubandanya babasomera ivyo bamenyesha. Amaradiyo nayonyene niko k’ukwo kuko akenera abamenyeshamakuru ahanini bazi kwandika no gusuzuma neza ivyanditswe. Eka noneho hari n’ibinyamakuru bishobora kugura n’inkuru zanditse neza maze abanditsi bagatungwa n’ivyobanditse muri ubwo buryo.

Hambavu y’ibinyamakuru n’amaradiyo dusanga abantu bazi kwandika neza ivyese bashobora kwandika neza n’indirimbo maze abaririmvyi bagashobora kugura izanditse neza bakaziririmba kuko hariho abaririmba batarinze kwiyandikira indirimbo. Muri iyo ntumbero nyene dusanga abazi kwandika neza ibikino rimwe na rimwe bashobora kuronka isoko kubakinyi b’amareresi maze bagakina ivyanditswe n’abandi.

Mu majambo make, abantu, na cane cane urwaruka, baribakwiye kwijukira kuryohora inyandiko yabo maze bakandika inkuru zifise akanovera zikundwa na benshi. Muri iyo ntumbero barashobora gutungwa n’akazi bahawe n’ukwandika. Na kare abasokuru barayamaze ngo “ntamwuga udakiza”.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Murakoze Cane Kunyigisho Za Ngira Kamaro Mutanze! Ego Nivyo Ariko Kwandika Bivana Naho Umuntu Ari Kandi N’ukuntu Abayeho, Aha NShatse Kuvuga Kwishira No Kwizana, Kuko Beshi Barafise Ingabirano Yo Kwandika Bakaryohora Inyandiko Mbere Bakoresha Amajambo Meza Ariko Ntiboroherezwa! None Ndababaze; Ko Mbona Kandi Numva Ko Abanyeshure Batiga Neza Mwumva Ubuhinga Bwo Guhinyanyura Inyandiko Bazobukura He? Akarorera Raba Mw’ishure Shingiro(école Fondamentale); Tutarinze Kubivuza Kw’induru Mubona Turiko Yujahe Tukavahe?? Munyishure!! Mbe Ko Hari Beshi Bandika Ariko IVyo Banditse Bakabicisha Mu Ndirimbo Ariko Bagatotezwa!??? Aha Uburorero Ni Bwishi Ntawobivuga Ngo Abiheze! Murakoze!!!

  2. Murakoze cane kumpanuro muduhaye,ariko icibonekeza nuko n,abazi kwandika batabikora kuko m,uburundi benshi baziko umuntu yiga kugire aheze aronke impamyabushobozi hama aheze aronke akazi muri leta gusa aho gukoresha ivyo bize kugira bashobore kwiteza imbere.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.