article comment count is: 3

Indyane z’amatongo zotorewa umuti gute?

Igihugu c’Uburundi, nk’ibindi bihugu bitari bike, kirafise ingorane zitandukanye zikigeramiye. Prosper Niyonkuru aratubwira ko, iruhande y’indyane za politike, ingorane z’amatongo nazo ziri mu bibangamiye cane abarundi kandi zari zikeneye gutorerwa umuti hakiri kare.

Wishikiye hagati mu gihugu, usanga amatati menshi ari mu miryango afatiye ku ndyane z’amatongo. Izi nazo ziri mu ziteye umutekano muke mu gihugu. Iyo numvirije iradiyo nama numva ngo ku musozi kanaka haraye hishwe umuntu. Babajije abajejwe intwaro ico babivugako, inyishu ikunda kuba imwe: “Twibaza ko ubwo bwicanyi bwoba bufatiye ku matati y’amatongo”. Birateye agahinda kubona nk’abavukana bankana urunuka, n’ukwicana bikajamwo ku mvo z’amatongo. Nama nibaza nti: “Niyo vyabandanya uku biziherera hehe?” Ivyo biri ukwo mu gihe itegeko ryemerera abakobwa gutorana ritaremezwa. Niyo ryemezwa ho bizogenda gute?

Imvo nyamukuru z’izo ngorane

Abatari bake baremeza ko izo ngorane zoba ziva kw’igwirirana ry’abantu ryoba ryarenze urugero. Aho ni mu gihe mu barundi kuvyara ku rugero bikiri ikibazo . Si ivy’imbeshere, amatongo yaraze kandi noneho n’akanovera k’isi ndimwa karatitutse. Tukaba tuzi ko igice kinini gitunzwe n’ukurima hamwe no kworora. Mu gihe rero babuze aho kurima ntakiba gisigaye atari uguhangana n’ubukene buzanana n’ayandi mabi nk’ubusuma n’ubundi bugizi bwa nabi.

Naho Uburundi buri mu bihugu vyambere bikenye, ntacerekana ko biva kw’igwirirana ry’abantu n’ubuto bwaco. Hariho ibihugu bitari bike usanga bifise abantu benshi ariko ugasanga birateye imbere. Aha twovuga nk’igihugu c’Ububiligi gifise uburinganire n’abanyaguhugu bisa n’ibingana n’ivy’Uburundi. Coco kiri mu bihugu biteye imbere muvy’ubutunzi kandi izi ngorane z’amatongo nta kibazo ziteye. Vyose biva ku kuntu igihugu cose gitunganijwe. Nibaza rero ko igikwiye ngaha iwacu ari ugusubiramwo neza politike y’amatongo hamwe n’uburaro bigatunganywa gushasha.

Hokorwa iki kugira ngo dusukemwo mabisi?

Ku bwanje, inzira zitatu nizo twotoreramwo umuti. Imbere ya vyose, birakwiye ko amatongo ava mu minwe y’abanyagihugu akaja mu minwe ya Leta, ikaba ariyo itunganya neza ingene abantu bayarima, ntihagire uwusubira kwiyitirira itongo. Ikindi, n’ukwegeraniriza hamwe abantu bakaba mu bigwati vyubatse ku buhinga bwa none. N’ukuvuga ya mazu agerekeranye. Vyotuma amatongo yo kurima yaguka. Hanyuma tukavavanura no kubandanya twubaka mu biyaya ariho hategerezwa kurimwa kuko ariho horoshe no kuronka amazi yo kuvomera imirima, tukubaka mu misozi hasanzwe hatanamera. Ico gihe ndibaza ko ivyo kugiriranira nabi vyogabanuka. Kandi burya abantu iyo baba hamwe bituma boroherwa no mu migambi y’iterambere nko kuronka amazi, umuyagankuba n’ibindi.

Kandi noneho abarundi baramaze kwerekana ko ari abakozi koko. Ivyo tubibonera muri wa mugambi wo kwiyubakira amashure n’amavuriro vyatanguzwa n’umukuru w’igihugu abicishije mu bikorwa rusangi. Ntacobuza rero ko n’ibirwati tuvyiyubakira muri ubwo buryo Leta nayo ikabandanya ifasha mu bikoresho bikenewe.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Itegeko Ry’uko Abakobwa Barongowe Batorana Kwa Basaza Babo, Ndashaka Mumenyeshe Ko Ryemejwe Koko Canke Ritaremezwa. Iryo Tegeko Kubwanje Ndumva Ritazorohereza Abarundi. Aho Umukobwa Azova Kwitongo Ryumugabo Wiwe Ace Aza Kugurisha Iryo Umutama Yasizemwo Abahungu Biwe Nabuzukuru Biwe

  2. Nashaka Ko Itegeko Ryuko Abakobwa Barongowe Boza Gutorana Kumatongo Umutama Yasizemwo Abahungu Biwe Nabuzukuru? Kubwanje Ivyo Bintu Sivyo Nagato Aho Umukobwa Azova Mwitongo Ryumugabo Hama Aze Kurondera Kuryabasazawe Kandi Ace Arigurisha Kandi? Ico Kibazo Abajejwe Amatati Yamatongo Muraraba Mucigeko Imbere Yo Kubishigikira