article comment count is: 4

«Guhamba ibibazo», «Partee after partee» : we wasamye inda ata gicumuro…dusabire !

Uburuhuko bw’ici burageze. Abanyeshure baraye barangije ibibazo biheza umwaka. Dufate akanya ko kuzirikana ku mugirwa ugisibije ukorwa n’abanyeshure bo mu mashure yisumbuye yo mu bisagara bitandukanye vy’igihugu: “guhamba ibibazo”. Wihweje neza uwo mugirwa, ugera ahantu wibaza uti: “kazoza ka runo rwaruka kameze gute?”

Ni umusi uba udasanzwe, kuko abanyeshure nka bose baba barawiteguriye. Muri uko kwitegura, umwe wese arisuganya mu kurondera amahera azokoresha mu kirori co kuri uwo musi. Hari abayaronka biciye mu nzira zibereye, n’abandi bemera guca mu nzira zitabereye, ngo e mama bagenzi babo ntibabacishemwo ijisho. 

Abahungu bamwebamwe bagurisha ivyo abavyeyi babahaye, canke bakagurisha ivyo muhira. Abakobwa na bo, hari n’abemera gushurashura kugira baronke ayo mahera ; ntibave mu bandi.

Uwo vyashikiye

Kirezi Fides* aba muri zone Nyakabiga. Avuga ko yabona neza ko ashobora gusiba guhamba ibibazo, maze akamaramara. Ni kwo “gukenyura”; nk’uko avyivugira. Ati : “Hepfo y’iwacu hariho umugabo  yakunda kumbwira ko umusi nokwemera tukaryamana yompa ivyo nipfuza vyose. Maze kubona ko naburaniwe, naragerageje uburyo bwose asubira kubinsaba. Marara* wanje ntiyatevye, nanje ndamwemerera ntahigimye, nca mbona kuronka amafaranga 50 000 anshikana mu bandi.”

Amafaranga abo bana bakoresha bayaca mu nzira nyinshi. Bashitse aho basezeranye guhurira, nta muto nta mukuru, umwe wese yigenza uko ashatse, haba mu kunywa inzoga kubatarakwiza imyaka, gutumura agatabi, n’ibindi.

Iyo zibashitse, baca batangura gutamba warumpera iki ; abandi nabo bagatangura gushwana bapfa ibi canke biriya, badakomerekanije bakaba bagize Imana. 

“Partee after partee”, umwanya wo guhona

Amasaha yitereye, hari abaca baja mu butambiro, bagataha bukeye; ivyo bita “after party”. Umuhungu aba afise umukobwa bari basanzwe ari abagenzi, kakaba kabaye akanya kabo ko kwidagadura mu buryo bwinshi. Hari n’aho bashika no ku rugero rwo guhuza ibitsina, biturutse ku bishobisho bishuhuwe n’akaborerwe. 

Igiraneza Sheilla*, ni umwe vyashikiye ; n’agahinda kenshi akatwiganira ati:  “Dushitse mu butambiro, twabandanije tunywa n’aho twari twaborewe. Ni ko gutangura gutamba, dusomana ku matama no ku munwa ataco twinona, biturutse kuri twa tuyoga. Ivyo twahavuye  tubiheba, nyabuna tuja ahikinze kugira twisanzure. Vyahavuye biba nabi ; duhereza kuryamana tutanikingiye, bimviramwo n’inda ntipfuza, ishure tuba dusezeranye uko.”

Urwaruka rwari rukwiye kumenya ko guhurira hamwe mu gasangira atari bibi na gato. Ariko, bari bakwiye kubikora mu rupfasoni, bigenga ubuntu, bakirinda na ntaryo gukora ibidakorwa. Igikorwa nyamukuru batumwe ni ukwiga, mu gutegura kazoza keza. 

Abavyeyi na bo barakwiye kuja baraganiriza abana babo, bakabereka umwonga uhuma n’uwudahuma; na rirya bazi neza ukuntu imyaka y’ubuyabaga itoroshe. Baje baragenzura inyifato yabo, iyo bikenewe “bagarure zitararenga imirambi.”

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. De mon point de vue l’estime de soi est un facteur important pour connaître sa vraie identité car pour ces jeunes la fin des exos doit être un moment de détente de repos avec soi se taper une bonne série télé avec quelques boissons fraîches ne fait aucun mal au lieu de se hasarder dans du n’importe quoi 😉😉

  2. Reta umuvyeyi wa bose yakagomvye gushiraho itegeko rihana abacuruza inzoga n’itabi ku bana batarakwiza imyaka. Nkuko bikorwa mu bindi bihugu uwugiye kugura bene ivyo biketse na gato ko atarakwiza imyaka bo musaba indangamuntu bakaraba imyaka yiwe.
    Itegeko bene iryo ryokingira imiyabaga itari mike.