article comment count is: 5

Ubutinyanka: dukinge ibinyoma mu bayabaga bacu!

Umwigeme wese ageze mu myaka y’ubuyabaga aramara ikiringo kiri hagati y’imisi itatu n’indwi ari mu bihe, ivyo bita kandi “ubutinyanka”. Ico gihe kivugwako vyinshi, ariko kenshi usanga ibivugwa atari ivy’ukuri kuko usanga bifatiye ku miziro n’ibintazi bivugwa kuri ico gihe, bigatuma gitera n’ubwoba abayabaga batari bake.

Igihe c’ubutinyanka kivugwako ibintu vyinshi. Abigira abahinga batandukanye nka : ba rumenyi, abaganga, abahinga, abatohoji, abasesanguzi n’ibindi vyinshi, bakunze kwivugira ibitandukanye kuri ico gihe. Uri abavuga ko amaraso ava muri ico kiringo aba ari indwara ituma umwigeme canke umukenyezi ava amaraso mu nda ; abandi bakavga ko ari urubuto rw’umukenyezi ruba ruturitse hagaca haza amaraso. 

Umwe wese yivugira ico ashatse, ugasanga abayabaga ( eka n’abakangara bipfuza kubimenyako ikintu) baca bagira ubumenyi butari bwo kuri ico kiringo, bakajuragurika. 

…imiziro itaraza

Ico kiringo kandi kiba kitoroshe kuko kijana n’ibintazi vyinshi n’imiziro  itandukanye bivanye n’intara. Nk’akarorero, ku borozi b’inka, bavuga ko umwigeme ari mu butinyanka kizira kikaziririzwa ko akora ku gikoresho kijana n’amata na kimwe. Aba abujijwe gukuya, guhaza, eka mbere no kunywa amata ntabe abirekuriwe. 

Urwaruka twaganiriye rwo mu ntara ya Kayanza ruvuga ko umwigeme ari mu butinyanka kizira ko ajabuka uruzi ; ngo kirazira cane kuko yosanga aciye aguma ava amaraso atemba nk’uruzi nyene. Ni nko guca mu nzuzi, aho bavuga ko zoca zama imyungu mu nyuma ikabora. No mu yindi mirima baraziririza ko ajayo kuko ngo imirima yorumba. Bavuga kandi ko uwuri mu butinyanka kizira ko aca inyuma y’umuntu w’umugabo kuko ngo yoca acika umugongo. 

Ibibazo vy’ukuri

Ivyo vyose tuvuze aho hejuru kenshi biba bidafise ishingiro, ariko ikibabaje ni vyo biguma bivugwa ku mwanya ku mwanya. Naho biri uko, hari ibindi bibazo bifise ifatiro urwaruka ruba rufise ku vyerekeye ubutinyanka, bica bibura inyishu kuko ivyo vyose vy’ibintazi  bivugwa kuri ico  kiringo bica birengera ivyo bibazo vy’ukuri. 

Nk’ikibazo nyamukuru abayabaga bagiye mu butinyanka baba bakeneye kuronkera inyishu ni icerekeye ikiringo umuntu amara muri ivyo bihe n’ingene yokwitwara. Ikindi ni ukumenya igituma hari bamwe bababara bagiye mu kwezi mu gihe abandi bobo ata kibazo bibatera. Barashaka kandi kumenya ingene ikirangamisi cabo bogitegekanya, bazi neza gutandukanya igihe c’agasamo, igihe urubuto ruba rwahishiye, n’ibindi. 

Ni co gituma hatunganijwe aka kareresi, aho twabatororkanije inyishu ku bibazo bimwebimwe vyerekeye ubutinyanka ; mufyonde aha  mubikurikirane, ndetse musabikanye ibintu bitohojwe neza, vyizwe n’abahinga mu vy’irondoka rijanye n’amagara meza.

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Abiyumvir KO ubutinyanka vyoba bigend hamwe n’imiziro je siko ndabibona kuk kugezuyumusi biragoye kumenya KO umwigeme yagiy mwivyobihe atabikubwiy RER nibaza KO tworeka kubiha ikibanza riko tukameny kwarico gihe bagenew kuk uwutobujamwo ari umwigeme biheza bikamuyera ingorane mumubiri