“ Kudashimishwa n’uko umuntu ameze !” Aha benshi bokwibaza bati : “Ivyo birabaho ?” Egome cane birabaho kandi biraraje ishinga abatari bake, na canecane abayabaga n’abakangara. Bibatuma batuntura ku mutima, bakiyanka, bakanagira inyifato zitari nziza ku buzima bwabo. None koko izo nyifato ni zo zari zibereye ?
Uramaze kwumva wiyanse cane, ukagira n’isoni zo gusohoka hanze aho abantu babona, ndetse n’iyo ubonye abantu bariko barayaga wibaza ngo bariko bavuga wewe ; wabona batwenze hoho ukumva umenga bariko bagusogota icumu mu rubavu, ukibaza ko batwenze wewe, ivyo vyose ubitumwe n’uko usa ? Si wewe gusa. Ivyo vyama bishikira abatari bake na canecane iyo bari mu myaka y’ubuyabaga n’ubukangara. Eka n’abakuze hari abo bishikira.
Abatari bake, ico kibazo kiraba umwitwarariko, ugasanga mbere bibateye kugira inyifato zitandukanye rimwe na rimwe zitabereye.
Ukwigunga
Mu gihe c’ubuyabaga n’ubukangara usanga ikibano kiguma kivuga ibitandukanye kw’ihinduka ry’umubiri wa kanaka, bigatuma na we aca aguma yibaza vyinshi ku kuntu asa, akibaza ati: “ Mbe basha ubwo ntibamvuga kuko ntasa neza ?” Canke ati: “Nk’ubu iyo mba nsa nka naka basha mba nkundwa.”
Kubera ko umuntu n’uwundi badashobora gusa, bituma umwe aba abona ko uwundi ari we mwiza. Ni ho benshi baba bibaza igituma bafise amabere manini mu gihe abandi banganya imyaka bafise duto cane, canke bakagira amaguru manini, igihagararo kinini, inguvu,… hagera ku bwiza hoho bamwe bakiyanka kuko babona abo bangana boba basa n’ababasumvya ubwiza. Biba ari vyo koko ?
Kenshi na kenshi biba atari vyo, bivanye n’ico bisunga mu gupima ubwo bwiza.
Hari abo biremera cane bagahitamwo kwinyegeza, ndetse ari mu muryango yahora akera kujana n’abavyeyi kuramutsa incuti n’abagenzi, agatangura kubigabanya kugeza abihevye vyose. Aba yumva atamerewe neza ari ahantu baguma bamubwira ayo majambo, mu gihe hoho adahimbariwe uko ameze, agatora kwigunga. Ari umunyeshure, asohoka yigira agashikira mu rugo canke mu rupangu ntasubire kuhava.
Ingingo zitari nziza
Nk’uko bivugwa na Erika Vargas, umuhinga yanonosoye ubuzima bw’imiyabaga n’imikangara, ibituma abantu batanezerererwa n’uko bameze biva canecane ku ruvugo rw’ikibano. Ni ho abantu baheza bakagerageza kurwana urugamba rwo kwihindura ngo bamere uko batari, bavyibushe bakarondera uko bovyibuha, banamvye bakipfuza kuvyibuha; ntibigera baba mu mahoro.
Iyo vyarenze urugero, hari abaca bafata izindi nzira zitari nziza, bagashaka kuronderera ubwiza aho butari, bakagerageza kwihindura ngo base uko bipfuza. Nk’akarorero, ugasanga bihinduye urukoba, abatindi bagasanga biranabakwegeye akarambaraye, bakahakura indwara canke na bwa bwiza bakabuburiramwo. Abo ni bamwe bahereza kwicuza, kandi imvo n’imvano kari akantu gasanzwe cane: kudashimishwa n’uko bameze.
Ariko none birakwiye ko umuntu yokwiyahura yihora ko afise uduherehere mu maso, canke ngo ni uko atari inzobe kandi azi ko ari umwirabure ? Ni igiki gituma umuntu yitonora umubiri canke atinya kuja mu bandi kandi ari umuntu nk’abandi, tuberwa mu butandukane bwacu ? Biratahuritse cane ko umuntu wese aba ashaka kunyegeza utuntu atari twiza kuri we, kandi ko twese twama twipfuza kuboneka neza ; ariko mu gihe bitagenze uko tuvyipfuza, hari izi nyifato dusanga muri aka kareresi ni zo nziza, zikwiye kuturanga tukazigendera na ntaryo.
Ivyo bavuga nivyo..narabiciyemwo mu buyabaga aho niraba nkasubira mu kiyo kubera amaherehere yaba yansaranye, abagenzi nabo bambaza »ngo uwo ni inde? )..Kenshi bavyitirira ko aba ari umuntu uba wiyumvira cane yabigutumye, sinzi kwanza n’ivyo vyiyumviro vy’abantu iyo vyavuye.
Ico nakoze narageragej kwiyakira uko ndi. Naho bitaba vyoroshe.
komeza