Ni ko imyidogo yarabayeho, ingingo zirafatwa ku neza y’ingo zasambuka bikagirizwa abapishi boba bigarurira abaroyi. Icakurikiye, ni amarira, inzara n’ubukene bwinjiye mu miryango y’abo bapishi. Ariko none hari habuze izindi ngingo zari gufatwa kugira abo bapfasoni babandanye bakora, ubona ko […]
#Abapishi
#AbapishiBugariwe: “abaterekwa” ni bo bahatoreye akoyokwe
Si agaseseshwarumuri ko abarovyi bama bakeneye abantu babategurira imfungurwa bafungura iyo bavuye mu kiyaga. Kukaba nka ko, baza barushe, bashonje kandi banyotewe, batoshobora kuvyitegurira bo ubwabo. Ni co gituma rero naho abapishi bari bahejeje kubuzwa kudandaza, haciye haza abandi bakora […]
#AbapishiBugariwe: abahora bakora uwo mwuga babayeho gute ?
Abakenyezi barenga ijana batakaje akazi ku mweha wa Rumonge gusa. Aho ni inyuma y’ingingo yahagaritse abapishi gukora akazi kabo kubera imyidogo y’abatambukanyi b’abarovyi bavuga ko bano babatwara abagabo. None ubu babayeho gute ?
#AbapishiBugariwe: umwuga nyabaki, ukomoka hehe ?
Abakunda kujana mu ntara canke mu burere haberamwo uburovyi, barakunda kwumva abantu bita « Abapishi », ariko ntibashobore kumenya iyo iryo jambo risigura canke iyo uwo mwuga wazananye. Twaragerageje kubatohoreza ukuntu uwo mwuga ujanye n’uburovyi wavutse hamwe n’iyo watanguriye.
#AbapishiBugariwe : “Nta mwuga udakiza, kiretse uwo kuroga”
Buramatari wa Rumonge yarafashe ingingo yo guhagarika abapishi, haraciye imyaka ibiri. Hagati aho hari abakenyezi batari bake bari batunzwe n’uwo mwuga. Inyuma yo guhagarikwa, bagiye mu kangaratete, imiryango irasambuka nyabuna kubera kwinjiranwa n’ubukene.