Umushikiranji w’indero, amakaminuza n’ubushakashatsi aheruka gufata ingingo ihagarika indirimbo zimwe zimwe zahora ziririmbwa mu mashure mu mwanya wo kuduza ibendera ry’igihugu. Ndereyimana Félix akaba yasanze ingingo yo kuziririmba itari yavuye mu bushikiranganji, yahisemwo kwandikira uwo mutegetsi amukengurukira kubw’iyo ngingo.
Nyakubahwa mushikiranganji, haraciye imisi mufashe ingingo yo guhagarika indirimbo zimwe zimwe twahora turirimba imbere y’ukwinjira mu birasi, mu ntara ya Gitega. Ndetse ko ingingo yanyu yabaye ngirakamaro kubw’inyigisho, ariko kandi vyarantagaje cane maze gusanga ingingo itegeka kuririmba izo ndirimbo itari yavuye mu bushikiranganji mujejwe. Nkaheza nkibaza nimba abari baciye inyuma ubushikiranganji mu gushinga iyo ngingo batazobihanirwa.
Sokuru ati: “abahigi benshi bayobeza imbwa”
Ni ko ngo “umugani ugana akariho”; ba sokuru barayamaze bati: “abahigi benshi bayobeza imbwa”. Tukiririmba izo ndirimbo, akajagari ni ko kari gasigaye karanga ibikorwa vy’abarimu. Ehe! Wasanga kubw’ubwinshi bw’izo ndirimbo, akenshi icigwa co kw’isaha ya mbere catakaje hafi iminota mirongo itatu canke irenga. Ivyo biraheza bigasigura ko umwimbu w’impera z’igice uca uba muto cane, kuko na none tuba twataye umwanya munini mu bikorwa bitaba biwugenewe.
Ku rundi ruhande, birateye amakenga kubona ko ingingo itegeka kuririmba izo ndirimbo mu mashure itari yavuye mu bushikiranganji bw’indero. Ibibazo umuntu aheza akibaza bikaba ari vyinshi: abo bafashe izo ngingo boba barusha inguvu leta? Mbega mu gufata mwe n’izo ngingo zihungabanya intonde z’ivyigwa, boba bafise intumbero nyabaki? Uko biri kwose, abo bantu nta mutima wo gukunda igihugu bafise, kuko na none bari bahisemwo gutesha umwanya w’ivyigwa urwaruka, Burundi bw’uyu musi n’ubwa kazoza.
Ukudahana gusasira indava ikibi
Nyakubahwa mushikiranganji, be n’abo bantu biha uburenganzira bwo kuvogera ubushikiranganji, leta muri rusangi, vy’ukuri bari bakwiye guhanwa. Kira noneho! Hamwe abo bantu batoronderwa ngo bahanwe, nta cemeza na kimwe kw’ejo canke hirya y’ejo batazosubira kugaruka gutanga izindi ngingo, mbere ivyo bikomeze gusubiza inyuma umwimbu mu mashure, no gutuma ibikorwa bicumbagira mu bushikirnganji murongoye.
Ku bwanje, abantu nk’abo bari bakwiye kwikubita agashi, bagashira imbere inyungu rusangi gusumba inyungu zabo gusa. Vyongeye, ubushikiranganji bwari bukwiye kumera magabo, mbere be n’abo bantu bagashengezwa imbere y’intahe, bagahanwa, kuko na none baba bariko barasubiza inyuma iterambere ry’igihugu cose bishimikije imirimo y’ubushikiranganji kanaka.
iryo kete niryo?
Twese Ntitwobibona Kumwe. Kugira Abana Baje Kare Barindire Abatarashika Mumunezero Urabatondekesha Ukabibutsa Uturirimbo Twa Kera Kuv7h1o~7h25. Ni Nk izi: Burundi Gihugu Ciza…, Ewe Burundi urafis igihugu c’amata…, wangenzi utazi uburundi nyegera ndabukuyagire,… Burundi Nkuririmbe Mbarire Abatakuzi… Akaranga Kaho Hambere!
Hahahaha Numvise Vyish Ariko Sinatahuy Neza. Mbega Niga Ntaraheza Ko Twaririmb Burundi Bwacu Niyo Bahagaritse? Mwoba Mugiz Iki? Izondirimbo Zoc Atakamaro Niba Arizindi! Muhezagirwe
nne izondirimb zavugwamw ibik?
Nizihe Ndirimbo Zidaciye Mumategeko Zaririmbwa Zidategekanijwe? Twebwe Ivyo Kwishure Ahomperereye Ntayindi Ndirimbo Turirimba Atari « Hymne Nationale »
MURAZ IVYO NAJ NDABISHMY AMASHUR YIGENGA AMWE AMWE USA ARI UKUDANDAZ GUSA