Nshimirimana Claudia ni umukenyezi amaze igihe kitari gito yubatse. Kuva yinjiye urugo, hari ingendo zimwe zimwe umunega wiwe asa n’uwahagaritse, nko kumusohokana, maze ivyo bikamutera amakenga. Ndereyimana Felix yaraganiriye n’uwo mupfasoni.
« Nama mbona abandi bakenyezi bari kumwe n’abagabo babo, batambuka intambwe ku yindi, batwengatwenga, bafatanye mu ntoke. Nanje aho ndi, nkibuka ko kuva umusi anshira mu nzu, ntarasubira kwiyumvira ko twova muhira, tukaja gusangirira ahandi hantu turi babiri. Turacari muri vya bindi ngo umugore ni munyakigo, umuzenzwanzu, si uwo kuja ahabona », iyo ni intahe ya Nshimirimana Claudia.
Akibimbwira, wamengo turiko turafyina, ariko nasanze ari ikibazo gihambaye cane mu migenderanire hagati y’abubakanye, kuko na none nasanze bishobora kugira ingaruka zikomeye.
Claudia arabandanya ati : « birashika nkiyumvira ko yoba asohokana n’abandi bakobwa, kuko naho atanjana, wewe yama yagiye incuro nyinshi, akambwira ngo arikumwe n’abagenzi ».
« Ukwubaka si ukugereka ibuye ku rindi »
Abagabo batari bake rero, iyo bakiriko bararesha, wama usanga barikumwe na bene kuronderwa. Bamaze kubashikana mu nzu, imvyaro zigaha izindi uko ibihe bigenda, usanga batera baheba uwo mugenzo wo gusohokana n’abo bashimanye.
Mfatiye ku kiyago na Claudia, vyampaye gutahura ko bwa bundi umuntu ashobora kwisamburirako nk’intungwa, kandi biturutse ku kantu gato. Nanje ngaheza nkibaza nti none iyo bidatewe n’ukubura uburyo, bigenda gute ngo umugabo ntiyiyumvire kuja gusangira n’umugenzi wiwe, kumwe vyahora kera bakireshanya?
Mwa bagabo! Turetse ico vyobungura, vyokwonona iki mugumanye wa murindi wa kera mukibaresha, rimwe na rimwe mukabajana mu kirabo, abegereye ibiyaga bakabajana ku musenyi? Birakomeza ukwiyumvanamwo hagati y’abasangiye urugo, mbere bakabana mu munezero ntangere. Ni kwo kwubaka!
Kubasohokana ni vyiza. Ariko jewe nshigikira cane gutahurana. Ni tuze twishira mukibanza c’abandi twibaze tuti: » MBEGA KUKI YAHORA ANSOHOKANA ARIKO UBU ATAKIBIGIRA. » Uruhande rumwe hari aho dusanga ari ikosa ry’umugabo; urundi nagwo rikaba iry’umufasha wiwe. Igikuru ni gutahurana ivyo navyo bihera mukiyago. Hari ingo nyinshi basohoka washaka gatatu canke karenga mundwi ariko ugasanga umubano wagumye utituka. YAGE MWUBAKE
Nibyiza gusohokana n’umufasha wawe.