Iyo bariko bararangiza umwaka, abanyeshure mu mashure y’indaro ndetse n’ayandi bararonka akaruhuko k’indwi yose barindiriye kubwirwa umwimbu baronse. Iyo ndwi rero, umunyeshure wese aridagadura mu co ashatse narirya imisi mikuru irangiza umwaka iba ari myishi. “Ico gihe kiba kiryoshe naho hari abagisozera barira” ; bano banyeshure barabitwiganira.
Abaciye ku ntebe y’ishure ntibabiyobewe ; umwaka wose umutwe uri mw’ikaye si icoroshe. Ari naco gituma ya ndwi ihera abanyeshure baruhutse kuko baba bariko barategurirwa amanota iba irindiranywe igishika kidasanzwe kuko iraryoshe.
Muri ako karuhuko, ivyo abanyeshure bajamwo mu kuryoherwa biri kune biri gutanu. Uri abakina inkino zitandukanye, ababa baronse akanya keza ko kuresha inkumi, abaraba agahoro (imboneshakure), abiryamira barindira gusa ko indya ziboneka n’ibindi. P. I, umusore yize kw’ishure ry’indaro mu Rumeza riri mu ntara ya Bururi, aho hari mu myaka ya 2016-2019, agira ati : “Indwi ya “chômage” nayimara niturutsa nkicura, ncunganwa n’uko hagera kurya gusa, kuko n’amakaye twakurirwamwo amanota y’indero yaba yabitswe.”
Si uwo wenyene yahimbarwa n’ico gihe. P.B, umusore yize kw’ishure ry’indaro ry’i Buhiga muri iyo myaka nyene, atwiganira ati : “Jewe naba ndonse umwanya wo kuryama, ndushe nkaja kuraba agahoro, nkavayo hageze gufungura, ku mugoroba nkaja kwironderera agacupa hanze, nkavayo mw’ijoro hageze gufungura nyene.”
Uwo musore, kubera kwibuka ingene iyo ndwi yamuryohera, ariko aranyiganira yanyujijemwo ati : “Reka kubinyibutsa ahubwo, nciye nkumbura abagenzi twarikumwe ico gihe.”
Mu misi mikuru indiri, “uwishinze ikirori yarahagwa”
Iyo ndwi ya nyuma yo kubana, ni wo mwanya mwiza wo gukora imisi mikuru yo gusezerana hagati y’imigwi itandukanye nk’imihari y’abakatorika, imigwi y’abasenga mu madini atandukanye, udushirahamwe tw’abavuka mu mihingo imwe, n’iyindi. Iyo misi mikuru yakoreshwa amafaranga yatanzwe n’abanyeshure nyene. Umwigeme A. I, yize kw’ishure ry’indaro rya Rutana ati : “Erega amahera yo gutanga mu misi mikuru iheza umwaka nayiyumvira ngitangura umwaka, nararwana hasi hejuru sindayabure. Nemera kuziganya dukeduke kugira simve mu bandi.”
Muri ico gihe, uwuri mu migwi canke imihari myinshi ntiyoroherwa, kuko yasabwa amahera menshi yo gukora imisi mikuru. Wa mwigeme nyene abandanya ati : “Ndibuka abana bemera guhenda abavyeyi amahera babasavye atari vyo, kugira gusa baronke ayo bakoresha imisi mikuru.” Eka ntihabura n’abafata amadeni kugira ntibahombe ikirori hamwe n’abagenzi babo bamaranye umwaka. A. I ati : “Uwishinze ikirori co muri “chômage” umufuko warahatobokera.”
Bamwe ni amarira abandi umunezero
Ng’iyo ya ndwi yo kwiryohera irarangiye. Muri ico gihe ubutigu bwaba bugeze. Imitima yaca itangura gusubira kwibuka uko umwimbu mw’ishure wifashe. Kuri bamwe, ibisaka vy’imbwa vyaba bihiye, abandi wari umunezero.
Umunyeshure yiyemera ko yakoze neza we yaba atekanye, uwacumbagije wewe umutima waba uri mu kirere, uwahebuye ivyo kumenya we yaba yariyakiriye.
P.I, yize i Buhiga ati : “Ico gihe giheze, wamengo abanyeshure si bamwe bahora mu misi mikuru baryohewe nk’uko umenga bazomenya bose.”
Naho rero haba habaye indwi ihimbaye yo gukora imisi mikuru no gusezerana, umusi wa nyuma hari abataha badasezeranye, umwe wese aba afise umutwaro yisangije. Bamwe ari amarira abandi ari umunezero.
Muri bino bihe, “chômage” iherutse kurangira. Bamwe batahanye umubabaro bayobewe, abandi batahana umunezero bamenye. Hari rero n’abagiriwe amahirwe, ubu bariko barasubiramwo ivyigwa ivyo twita mu gifaransa “repêchage”. Eka no mu gihe nk’iki, umwe wese aba arajwe ishinga n’ivyiwe gusa, asigaranye amahirwe ya nyuma. N’ivyamuryohera muri ya “chômage” bisigaye bimururira.
Emwe burya bamwe kwaba Ari kwiha amahoro muriyo misi mikuru kko ku mutima kagumayo ndibuka nanj ico gih nubwo naba niyizey narashobora gusinzira nkishika mugitanda uwundi mwanya nkawumara niyumvira nka hamwe nisanze muri mondial uko vyogenda,cank ntash mubampere,ivyo rro naca nka muri kabaza itiro ngo fye,no mukuryoherwa rro umuntu aryoherwa igipande ntakwibagira