Imyaka 15 iraheze, Abarundikazi baracahabwa ibice vyababa 30 kw’ijana mu nzego z’igihugu. Ntibikiri agaseseshwarumuri ko na bo bashoboye mu guteza imbere igihugu. Muri Reta yaraye ishinzwe, vyaraye bibonetse ko n’ubu ata kigiye guhinduka. Kanatsinda, hisunzwe ibwirizwa nshingiro ryo mu 2018, ivyo bice biguma uko nyene. Bizoguma uko gushika ryari ?
Ugereranije n’uko vyari bimeze imbere y’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka w’i 2005 riha abakenyezi ibice 30 kw’ijana, uno mwaka hasa n’ahari akarusho kaboneka. Harabonetse umukenyezi aramutswa Inama nshingamateka. Abakenyezi barajejwe kandi n’ayandi mabanga akomeye mu gihugu, nko kurongora ubushikiranganji bw’imigenderanire, ubw’Ubutungane, n’ibindi bisata bikomeye mu gihugu.
Ivyo bice 30 kw’ijana, Ivyo bice vyagiye gushirwa mu ngiro mu Burundi inyuma y’imyaka 10 yose.
Agakuru keza kagaragaye mu matora aheruka, abakenyezi bahawe ibice 40 %. Ariko, muri Reta yaraye ishinzwe, vyasubiye kuba musi.
Ntibishimishije
Biratangaje cane kubona abakenyezi baserukiwe ku bice bike cane, kandi mu bisanzwe, ari bo bagize umuce munini w’Abarundi batora iyo hageze gusubiriza inzego. Dufatiye nko ku matora aheruka gutunganywa,
Vyongeye, umuntu yihweje muri kino gihe, abakenyezi bashoboye guserukira abandi bakaja mu mabanga y’igihugu, kandi bagakora bigashimwa, barahari; n’amashure barayize, mbere hari n’abasumvya abagabo batandukanye. Mu rukurikirane rw’ibisomwa twaheruka gusoma ku rubuga rwa Yaga, twarabonye ko Uburundi butabuze abakenyezi batari bake b’akarorero.
Baracakumirwa
Ivyigwa n’ivyegeranyo bitandukanye biragaragaza ko umukenyezi adashirwa imbere nk’uko vyategerezwa hano mu gihugu cacu. Nk’akarorero, ku ntonde z’abitoje mu bashingamateka mu matora aheruka, uretse no kuboneka ku mutwe w’intonde z’abitoza, n’ikibanza ca kabiri abakenyezi bakizamwo bari imparurwa mu migambwe yitoje.
Bati: “nta kabura imvo”; umuco wacu uha ikibanza kinini cane umugabo, ukirengagiza umukenyezi; na bo abagabo bakaba basukiwe mu coze. , umuhinga mu bijanye n’intwaro, avuga ko n’abakenyezi bishika bagatezwa imbere mu bihugu biri munsi ya Sahara ari ba “ni iryo”, “ntirumveko”, abadashobora kubangamira inyungu z’abagabo. Ku bwiwe, ngo abakenyezi (bake) bashobora kugera kure mu ntwaro, nta nkeka baba bashigikiwe n’abagabo; ngo atari uko, ntibikunda.
Vyumvikana ko kuba abakenyezi bafise ikibanza gito, abagabo babifisemwo uruhara runini.
Impinduka
Integuro nyinshi mu migambi ya Reta zategekanya ukunganishwa kw’ibitsina mu bice vyose bigize ubuzima bw’ igihugu. Ariko rero, ikibazo kihari kandi kigoye gutahura, ni ukuntu izo nteguro ataho zishika ; abakenyezi b’Abarundikazi bafise ibibanza bike cane.
N’aho kumbure muri Reta yaraye ishinzwe ata karusho kagaragara kw’iserukirwa ry’umukenyezi kaboneka, mu bindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu, birashoboka ko ako karusho kaboneka. Inzego nshasha zirashobora gufata nkama ico kibazo, kugira umukenyezi aronke ikibanza kimubereye, kandi nawe agire ico aterereye mw’iterambere ry’igihugu.
Jewe nipfuza gukeza umufasoni Imelde Sabushimitse ava mu bwoko bw’abatwa kandi agiye kuyobora ubushikiranganji bwo gufatana munda.
Jewe ndabibona nka « revolution sociale au Burundi ».
Nizeye ko n’ibindi vyiza vyishi bizokurikira.