article comment count is: 2

Uburaro rusangi : umuti nyawo woba uwuhe?

Gupanga amazu mu bisagara, na canecane i Bujumbura, mu kuzimba vyigera hejuru. Ikibazo c’uburaro kikaba gihagaritse umutima na Reta. Twarabibonye igihe yanasaba abantu ngo biyandikishe kugira ngo bazoshobore kuronka amazu bariha, akazoruhira kubegukira, ariko nta kirakorwa. Kugira ngo umuntu ntarindire ngo amaso ahere mu nzira, ehe turabe uyu muti ko wofasha. 

Gupanga mu gisagara ca Bujumbura, naho n’ahandi bitoroshe, ni amananiza. Si  ukuzimba ahubwo birasize ubwenge. Hari n’amazu uja ubona nyeneyo agwije na kabiri ayarihwa ku kwezi. Kubera ko umuntu ata kundi aba ari bugire, barapfa kwemera. Amazu n’ukubaho birazimba mugabo ugasanga amikoro y’abantu si ko bigenda. Uko biri kwose abantu bafise imishishahara canke amikoro yiyongera ku rugero amazu apanzwe azimbako, boba ari imparurwa. Igitangaje, abaduza ibiciro vyo gupangisha ico bisunga gisize ubwenge.

Tugumye mu gisagara ca Bujumbura, turabire muri komine ya Mukaza, ariyo iri hagati mu gisagara. Amazu yaho si ukuzimba gusa, harimwo no kurenza urugero. Aha ni mu makaratiye nka Buyenzi, Bwiza, Jabe, Nyakabiga n’ahandi. Ico twohurizako, amazu y’aho hantu biraboneka ko muri rusangi yubatswe kera, hakabamwo ayashaje. Aho ntawuvuze ko mu mpangu hari ahubatse mu kajagari. Insiguro ya mbere itangwa kugira izo nzu zizimbe, ngo hegereye mu gisagara hati. 

Mu gihe Reta itarashinga ibiciro amazu apangwako, ntiyohagurukira abapangishije na canecane abitwaza ngo hegereye igisagara? Mu vy’ukuri babitumwa n’iki? Mbega ibikoresho bubakishije bafise isoko rizimvye biharije? Amakori batanga si nk’ayabandi? Nimba hatari abatavyandikisha neza? Kira noneho n’ayo amazu menshi aramaze imyaka ibarizwa muri za mirongo, kwegera igisagara si co cotuma zizimba.

OBUHA, ya mazu, ya mazu…

“Mbega basha umuntu agipanze vyamugendeye gute? Ewe OBUHA urangarukiye”. Ivyo vyavuzwe n’umugenzi akunda gutebura, yari azanye igipapuro cerekana ko yiyandikishije mu bazoronka inzu mu mugambi w’uburaro rusangi (location-vente). Yarumva neza ko agiye gusezera ivyo gupanga, akazosigara ariha Reta. Kanatsinda, yonamwegurira inzu kandi itamudugirizako ayo azoriha buri kwezi. Uwundi mugenzi wiwe yaratwenze arakumbagara amubwira ko adapfa yiyandikishije muri ivyo bintu, ngo ntavyizeye. 

Uwo mugambi wazananye akariro kenshi, agacere kari mu bijanye na wo na ko ntikavyoroheje. Ntagakacira. Aho vyankiye ntiturahamenya, ariko birumvikana ko ari umugambi usaba amafaranga menshi, igihugu na co ugasanga ntikiyafise. Mugabo rero urumva ko abantu bari biteze ko bija mu ngiro, bumiwe. 

Ibaze nk’uwo mwizero uwo mugenzi yari abafitiye kugeza aho arota ahagaze, abona ko ivyo gupanga kuri we bisigaye muri « Harabaye« ! Mugabo ntiduhendane yapfa kuvuga uko atazi n’uko yari gushoka ashikirwa naho uwo mugambi wari kuja mu ngiro. Mu kirundi ciza « yayihiganye irobe« . Ni ukuvuga umuntu yaja guhiga impongo canke igikoko abaga, agasiga bacumvye, ngo agiye kuzana inyama zo kubukoza kandi atazi n’uko hari igikoko yubura. Naho yocubura, gishobora kumusiga, eka mbere, « n’uburi ku munwa burakoroka« .

Uyu muti tuwuvugute?

Kugira ngo dutahure neza ivy’inyubako rusangi, ico guherako ni ibiciro izo nzu zitwara, ibibanza, hamwe n’uruhara rwa Reta. Twikoze kuri Fablice Manirakiza, asanzwe yubaka akagurisha inyubako. 

Yaradutomoreye ati: « Kugira ngo inzu ije mu rugero rw’inyubakwa rusangi, ni uko Reta hari uruhara iba yashizemwo. Reta yotanga ikibanza, igakura amakori kuri uwo mugambi, igatanga aho bakura ibikoresho. Aha twovuga nk’amabuye, umusenyi n’ibindi. Bitagenze uko, inzu ica izimba cane ».

Avuga ko ikizimbisha inzu ari ubutaka (parasera NDRL). Ati : « Nko muri Miroir, « are » imwe ni imiriyoni 60. Ushizeko kwubaka, amakori n’ibindi uca usanga izimvye cane. Ubu ho hagiyeko itagisi nyongeragaciro (TVA) y’ibice 18% ».

Fablice Manirakiza amenyesha ko naho ifaranga rihungabana, Reta ikoze ivyo vyose, inzu y’ivyumba biri, iri mw’igorofa ry’inyubakwa rusangi nk’iziri mu Ngagara karitiye ya 6, i Gitega muri Shatanya n’ahandi, wosanga naho yoja kuri menshi itorenza imiriyoni 150 z’amafaranga y’Uburundi.

Ku bijanye n’uko ikigo OBUHA cigeze kwemerera abenegihugu inyubakwa zirihwa makemake, we avuga ati: «Reta mu bisanzwe ntiyategerezwa kwubakwa. OBUHA ni igisata ca Reta. Kirasuzuma inyubakwa. None OBUHA yubatse izokwigenzura, isanze ibitubatse neza bice bigenda gute?Reta yokwihana? No mu bihugu vyo hanze hubaka amashirahamwe, Reta irasuma, ikagenzura.»

Agasaba ko Reta yofasha abantu bose bashoboye kwubaka, iborohereze, hanyuma zubakwe. 

Ibi biharuro tubikore uku ?

Buri mwaka Reta iragena amafaranga izokoresha. Dufashe ko ishizeko imiriyaridi ijana zigenewe uburaro. Mugabo ayo mafaranga araheza agasubizwa, kuko ni co bita «location-vente». Kuri izo miriyaridi 100, inzu imwe yose iri ku miriyoni 150, dusanga buri mwaka hubatswe inzu zirenga 600 canke zababa 700.

Aha si ndi umwubatsi, ndiko nkoresha ibiharuro bisanzwe. Dufashe ko izo nzu zoba ziri mw’igorofa igeretse kane, imwe yose ikagira inzu 16, haca hakenerwa amaparasera arenga gato 40. Mwumva mu myaka 10 twoba tugeze he ? Ico ni iciyumviro c’umwanditsi, abahinga mwogereko. 

 

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)