Mu gice ca kabiri c’ikinjana ca 19, Uburundi bwashwawe n’abanyamahanga baturutse i Buraya: ba mukerarugendo hamwe n’abashakashatsi. Umuhinga muri kahise, Emile Mworoha, aratubwira uko umuzo wabo wagenze, n’uko Abarundi babakiriye.
Abenegihugu
Igwirirana ry’abantu : imvyaro n’iterambere, duhitemwo kimwe
Haraciye imisi indwi, isi ihimbaje umusi mpuzamakungu wahariwe abanyagihugu. Uwo musi wampaye kwiyumvira ku bavukagihugu b’Uburundi. Kuva mu mwaka w’2001, ibitigiri vy’Abarundi vyagumye vyiyongera, ariko kandi, bigaragara ko bitariko birasubira hasi vuba. None iryo gwirirana ryoba ritumwa n’iki ? Ingaruka zaryo […]
Hokorwa iki ngo incabwenge zame zija imbere mu buzima bw’igihugu ?
Mu bindi bihugu, incabwenge zama zatumiwe ku mboneshakure, ku maradiyo, tugasoma ivyo banditse, bakavugwa mu binyamakuru ; ariko, abo mu Burundi, ibikorwa vyabo ntivyibonekeza cane. Kubera iki ? Ng’izi inyishu za Pascal Niyonizigiye, incabwenge akaba n’umuhinga mu vy’Imigenderanire n’Amakungu.