article comment count is: 1

Umupira w’amaguru : imboneshakure y’igihugu irakwiye kujana n’ibihe

Ku wa 31 Kigarama 1984, ni ho imboneshakure y’igihugu cacu yatangura ibikorwa vyayo nyezina. Muri Ruheshi 1985, iyo mboneshakure yerekanye urukino  rwa mbere rw’ikibiriraho, rwahuza  Vital’o na Sogala, umugwi wo  mu gihugu ca Gabon. Uyu mwanditsi wa Yaga akibaza ati : “None inyuma y’imyaka 36 uwo muvyeyi w’izindi mboneshakure mu gihugu yerekanye urukino rwa mbere rw’ikibiriraho, vyankiye he kugira uyu musi ntishobore kwerekana inkino mu buryo buhuye n’ibihe tugezemwo” ?

Sinzi ukuntu ejo mu gatondo navyibutse nkivyuka, mbonye isanamu nafashe ku mboneshakure, haraheze ukwezi. Wari umusi umugwi nserukiragihugu w’Uburundi, Intamba mu Rugamba, wakira umugwi nserukiragihugu wa Centrafrique mw’ihiganwa ryo kurondera imigwi nserukiragihugu izokwitabira inkino za nyuma z’igikombe ca Afrika mu mupira w’amaguru (CAN) zizobera mu gihugu ca Kameruni. Urwo rukino  abatashoboye gushika ku kibuga citiriwe Intwari barukurikiraniye ku mboneshakure y’igihugu aho rwariko rwerekanwa ikibiriraho. Kukaba nka ko, ikiza ca koronavirisi nticorohereza abashaka kuja kururabira ku kibuga. 

Ico gitondo nibutse utunenge twaranze ukwo kwerekana urukino ikibiriraho ndababara cane.  Abo twari kumwe, barababaye cane babonye ukuntu ubuhinga bwagoranye n’ukuntu amasanamu atari meza na gato. Si ico gusa. N’ingene ibiganiro biba bitunganijwe kuri iyo mboneshakure yacu, biragaragaza ko hari agahaze, gakwiye kunonosorwa. 

Intambwe yo gutera

Biramenyerewe ku mboneshakure zitandukanye. Mu kwerekana inkino z’umupira w’amaguru, imbere yuko urukino rutangura harabaho akanya kahariwe abasesanguzi aho basesangura ku rukino rugira rube. Ivyo bishira mu mpwemu y’urukino abagira barukurikirane ndetse bakamenya n’ibitari bike ku migwi n’abakinyi bagira batane mu mitwe. Hasigaye akanya gato ngo urukino rutangure, nk’abakinyi bariko barinjira mu kibuga, barerekana urutonde rw’abakinyi 11 batangura mu rukino n’abasubirizi babo, bakerekana amazina y’abamenyereza ku mpande zose ndetse n’amazina y’abahagarikizi b’urukino bishobotse n’ibihugu abo bahagarikizi baturukamwo.

Urukino rutanguye amagana hejuru k’uruhande rw’i bubamfu rw’imboneshakure y’umunywanyi hategerezwa guca haboneka akantu gaharura umwanya w’urukino ndetse n’uko ibitsindo vyifashe. Ako kantu nyene kaba kariko amazina n’amabendera y’imigwi iriko iratana mu mitwe. Hagize igitsindo c’injira, umukinyi  akoze canke akorewe ikosa canke iyo habaye ikindi kintu gikomeye mu rukino, abari mu buhinga bw’ivyuma barasubiza inyuma amasanamu kugira abariko bararorera babibone neza uko vyagenze. Eka, nta kantu na kamwe kabera ku kibuga baterekana. Ariko ku mboneshakure y’igihugu cacu, si uko tubibona. 

Bikwiye guhinduka

Jewe ndavyihweje, hariho agahaze. Gashobora kuba ari abakozi batavyigiye, hamwe n’ivyuma kumbure bidakwiye. Ariko uko biri kwose, birateye isoni ku mboneshakure imwe rudende iharurwa ku gihugu cacu, no kw’ishusho y’igihugu. 

Abarongoye imboneshakure y’igihugu barakwiye kurondera abahinga mu vyo gufata  amasanamu  y’inkino ndetse no kuyavangavanga,  bagaheza bakigisha abasanzwe  bakora muri ivyo bisata uko bikorwa ku rwego mpuzamakungu.  Kumbure  abahakora bafise uburambe ahanini mu gufata no kuvangavanga amasanamu y’amakuru n’ibindi biganiro atari mu nkino. Bishobotse hotunganywa n’ingendoshure bakabona uko mu zindi mboneshakure bikorwa nakare ubwenge burarahurwa. 

Abatanga uburyo kuri iyo mboneshakure na bo nyene bari bakwiye kwongereza uburyo, kugira iryo tunga dufise ari rimwe ritere imbere, maze n’abahakora bumve bisanzuye kandi banezererewe kuba abakozi b’iyo mboneshakure. 

  

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Ico ni ikijanye n’a évolution technologique hariya hakorayo abatama ivyiterambere ntibabwire il faut qu’il y ait une génération dynamique pour tout corriger hari nibindi biba nkurutonde rwibiganiro rugum ruhindagurika umenga nta grille de programmes bafise ikindi ibiganiro vyabazung ni vyinshi cane kurush ivyo ngaha sinzik abumva igifaransa muburundi ari benshi ivyokosorw nivyinshi kweli