Mu kwezi guheruka, kuri uru rubuga rwa Yaga, haraciye igisomwa kibaza igituma abapadiri bo mu Burundi batorekurirwa kurongora. Ukugira abahabara n’ukuvyara abana mu mpisho, bikaba ari vyo vyashimikiweko nk’imvo. Vyatumye nja kubaza ico abapatiri n’abepiscopi b’i Burundi babivugako; bati: “ico gisabisho si rwacu”. Barabitwibwirira hano.
Kuva bikivugwa, Musenyeri Yohani Ntagwarara, umwepiscopi wa Diyoseze ya Bubanza yavyiyamirije avuga ati : « umusaseredoti arongoye, ntiyoba acisanzuye mu butumwa bwo kumenyesha inkuru nziza; kuko yosanga abibangikanije n’ivy’urugo, kandi Yezu yadusavye ko twoheba vyose tukamukurikira. »
Ku cerekeye abana bavutse ku bapatiri, uyo mwepiscopi ahanura abo basaseredoti ko « bokura umutamana bagakinjura mw’iryo banga, ku neza na kazoza keza k’abo bana. »
Ico ciyumviro kirashimangirwa na Musenyeri Stanislas Kaburungu, yahoze arongoye diyoseze ya Ngozi. Nawe nyene, ntahakana ko hariho abapatiri batazigama ibanga ryabo, mugabo, ntashigikiye ko bofatira kuri ico mu gusaba abapatiri ko borongora. Atanga ingereranyo ati : « Ni nk’uko bovuga ngo ko abagabo baca inyuma abakenyezi babo, ni habe ukwabira abagore benshi. Iyo si inyishu na gato. »
Uguhemuka
Kubwa patiri Museminari*, umusaserdoti amaze imyaka itatu mw’iryo banga wo muri diyoseze nkuru ya Gitega, igikuru ni ukumenya ibanga umuntu yemeye, agatako akarigendera. Avuga ati : « nabaye patiri ata gahato, nzi neza ko ivyo kurongora ata birimwo; ku buryo ubu atari ho noca kubiri n’ico natoranye, bitumwe n’uko uyu n’uriya bahemutse. »
Akongera ati : «ikindi bibagira, umuti w’abapatiri bahemuka kw’ibanga batoranye ntiwoba uwo kurongora, kuko n’abarongoye ntivyama vyera ngo de! Hari abaca inyuma abo bubakanye. » Wewe rero, agirako avyunyura ko n’umupatiri yaruguyemwo akavyara bitotuma arongora; ati « kuko hari igihe biba vyavuye kw’irari ry’umubiri, ata rukundo rurimwo, ku buryo yemeye umwana n’ibizomutunga, ata kwirirwa arita mu bigeragezo vyo kurongora uwo adakunda. »
Ni uguhitamwo kimwe
Cleophas Nduwimana yamaze imyaka umunani mw’ibanga ry’ubupatiri, mu nyuma ahitamwo gusubiza umutamana, aja kurongora. Uyo rero, ico ciyumviro ca patiri Museminari ntakinywa no mu mazi. Ati : « kubw’intege nke, vyarashitse ndavyara, ariko, siniyumvira ico kuva mu bupatiri. Umusi umwana wanje yaja kwiyandikisha kw’ishure, mu kibanza ca se bakandika ko ata wuhari, vyaranse ko nigumya, niyumvira ka gahinda n’amaganya uwo mwana ashobora gukuriramwo, vyo kwitwa ko atagira se amuvyara kandi ndahari, ni ko gufata ingingo yo gusezera nja kwitaho umuryango wanje. »
Uno musi Cleophas afise abana bane, kandi yemeza ko n’aho ubuzima butoroshe, ugereranije n’ubwo yari abayemwo akiri umupatiri, yumva atekanye kubera yavuye mw’ubwo buzima bwo kwiyorobeka. Umutima uratekanye, ntagitambikije kandi ntacihishahisha; yaratoye inzira imwe.
Abarundi barayamaze bati: « nta kumira igikoba utasezeranye n’umuhogo ». Abapatiri bomenya ico batoranye n’ico bemeye. Mu gihe naho bishitse bakagwa, bokwakira umwana baba bibarutse, ntibamwihakane canke ngo bamutererane nyina wiwe gusa, ahubwo bakamwemera, bakamwitaho ndetse bakamenya ko kumuha ibimutunga bidahagije gusa, nyabuna n’ukumuha urukundo rw’umuvyeyi ntibisigare inyuma.
Ndemezany namw kuk ntanumwe bakura iwab kandi nta muryang utagira urutonde bishitse hakagira uwuca kubiri nivy yiyemej yoc asubiza umutamana kuk ntaba akiri munzira aba asa nintama yazimiye itakigira kumategeko namabwirizwa yumwungere
Mu Ntango Za Ekleziya Katorika Birazwi Neza Ko Abapadiri Barongora.Ntampamvu Yokwiyemeza Kutarongora Ntaho Bihuriye N’ubwami Bw’ijuru Na Gatoya, Hamwe Vyob Uko,Bamwe Muri Nibo Boja Mw’ijuru Bonyene.Hari Izindi Mpamvu Zabateye Kubihindura.Nimba Bashaka Kuvuga Ubutumwa Bwiza Atamitwaro Bafi Vyumvikana Ko Batabikorana Ukwizera Imana Ariko N’ukugerageza Kwabo.Rero Ikindi Abapadiri Birengagiza Nuko Basezerana Ikintu Bazi Neza Ko Imibiri Udakunda Bagapfa Kwemera Ibinyuranye N’ijambo Ry’Imana.Ni Nk’uko Bovuga Ngo Ko Mbaye Padiri Sinzocumura Ivyo Ntivyotuma Kamere Umubiri Baremanywe Ihinduka.Barakwiye Kumenya Ko Icaha Atarico Umuntu Akora Ahubwo Nico Agendana Mu Mumutima, Kw’ivyo Navyo Ntatandukaniri Rihari Ku Bantu Bose,niko Ijambo Ry’Imana Rivuga.
Katorika Mubisanzwe Ntiyatanguriye Mu Burundi.Aho Yahereye Birazwi Neza Ko Abadiri Barongora.Hari Izindi Mpamvu Zabateye Kubihindura Kubw’inyungu Atawopfa Kuzimenya.Ntaho Bihuriye N’ubwami Bw’ijuru Rero Kuko S’ubwabo Bonyene.Kwiyemeza Kutarongora Kandi Umubiri Ubigusaba Ni Nkaho Wovuga Uti Ko Mbaye Patiri Sinzocumura.Ivyo Navyo Ntivyotuma Kamere Y’umubiri Twakuye Kuri Adamu Ihinduka.Kuvuga Ko Kurongora Naho Vyotuma Batavuga Ubutumwa Bwiza Neza Sivyo,Vyumvikana Ahubwo Ko Batabikoreshwa No Kwizera Imana Ahubwo Bashaka Kugerageza Babanje Kwikurako Imitwaro.Icaha C’umuntu Rero S’ibikorwa Bibi,ivyo Biba Ari Ivyamwa Vy’icaha.Icaha Kiba Mu Mutima Misi Yose Na Ntaryo Gishatse Kwama Kirama.Kandi Ntatandukaniro Ririho Ku Bantu Bose,Niko Ijambo Ry’Imana Rivuga Ntibavyirengagize.N’ico Gituma N’inzira Yo Kwozwa Ivyaha Ku Bantu Bose Ari Imwe: Ni Yezu Kristu.
Ibi bintera kwibaza nimba kuba badafise abakenyezi vyoba arivyo bituma abapatiri bigenza nabi, bakavyara n’abana mumpisho. Mbega ntabagabo bubatse, mbese n’aba pasteurs boba baca inyuma abakenyezi babo bagasambana canke bakavyara hanze? Umuntu asanzwe bimugora naho yoba yubatse vyomugora.
Gusa ico niyumvira nk’uko umupatiri hako yoba mubwiyorobetsi akaguma atirimutsa abantu, yumvise atabishobora yosaba akabangira kw’iryo banga. Bishitse bakavyara naho, naho vyoba bivuye « kw’isanganya », yokwiyumvira ibintu bitatu :
– ineza y’umutima wiwe. Ntazigera aronka amahoro mumutima azi ko ariko aba mubihushane. Ashobora kuba ariko aroha umutima wiwe aho kuwurokora;
– ineza y’umwana. Umwana azonezerwa n’ukubona se wiwe, ntiyitwe umwana w’igisanze. Aronke mumwisanzuro ivyo amategeko y’igihugu n’akaranga bimuhera uburenganzira;
– ineza y’uwo mwigeme. Umwigeme avyaye atubatse kiba nk’iceyi. Bose baramutwenga, ivyo yakoze bica bimera nk’ivyiyanditse mugahanga iwe. Bishitse rero uwamuvyayeko akamutwara aba amuteye iteka, akamukura mumenyo y’abatwenzi. Kandi ndibaza ko n’imbere y’Imana aba akoze neza. Kuko Uwo umuntu naho yoba ahevye ubutumwa, Imana munyakigongwe yandika ibigororotse mumirongo igoramye iramugirira ikigongwe nk’uko yakigiriye Dawudi n’abandi…
Inzira Zibiri Zananiy Imfyisi . Bishits Umusaserdoti Akavyara Umwana Yosubiza Umutamana Kuko Nta Muntu Agira Imihamagaro Ibiri Icarimwe (kubaka No Kwihebera Imana) Kand Bavuz Kwiheba Ngira Ngo Iryo Jambo Rirumvikana . Nta Pasteur Ndumva Ngo Yihevy !!! Ahubw Avuga Ubutumw Bwiza Gusa Ntiyiheba .Rer Wihevy Ntuba Ukij Kuvyara Uvyay Uba Uhejej Kubona Ko Utariwo Muhamagaro Waw Vyiza Woca Uvayo Ukaja Kurushinga Ha Kuvyara Abatagira Se !!!