article comment count is: 81

Ukuresha inkumi biciye ku butumwa bugufi

Ukuresha n’umugirwa wamyeho kandi noneho wateye imbere cane muri ino minsi. Umusore, ashaka kwubaka canke yipfuza inkumi bakundana, ashobora kubikora biciye mu buryo bwinshi tutibagiye no kwifashisha ubutumwa bugufi bw’amatelefone. Elodie Muco aratanga impanuro ku basore bihenda ugasanga bavyitwayemwo ukutari kwo maze bakabengwa.

Ubutumwa bugufi bugufi buradufasha mu buzima bwacu bwa minsi yose kuko bunyaruka kandi buzimbutse. Kenshi na kenshi, ubwo butumwa baranabukoresha mu kureshanya. Ariko rero, rimwe na rimwe, nk’uko abigeme bakunze kubibona, birashika ugasanga ubwo butumwa bukoreshwa nabi n’iyo misore mu gihe baba bariko barabaresha.

Amakosa manini manini imisore ikunze gukora

Ukuresha inkumi birafise uko bigenda. S’ugupfa kuvuga ibintu uko uvyipfuza canke uko bikujemwo mu mutwe. Oya namba, hariho inyifato umusore ategerezwa kwisunga. Hariho amajambo ategerezwa gukoresha. Eka mbere hariho n’ubuhinga ategerezwa gukoresha kugira uyo mwigeme amwemerere. Birashika rero ugasanga uyo mwigeme aramwankiye atari ukubera ko amwanka ariko bivuye ku buryo uyo musore yavyitwayemwo. Ku butumwa bugufi bugufi hariho amakosa abiri manini manini iyo misore ikora bivuye cane cane kukutamenya. Ivyo rero bigatuma badashika ku cipfuzo cabo.  

Ica mbere na mbere kenshi gikunze kwica ibintu bigatuma n’umukobwa akwankira n’uburyo bwo kwandika ubwo butumwa bugufi. Umusore yiyubashe ntiyandika uko yishakiye iyo ariko aresha inkumi. Harabo usanga bakoresha utumenyetso tw’amungane, twa kabaza canke gatangaza kurusha amajambo. Ivyo navyo kenshi bikerekana ko uwo musore atazi kuyaga. Umusore rero atazi kuyaga ntaba azi no kuresha.

Ikindi ca kabiri gikomeye gituma inkumi ikubenga, n’ukutamenya umwanya mwiza wo kwandika ubwo butumwa. Imisore myinshi kenshi irihenda mu kwibaza y’uko kwandika kenshi ariko gutuma umukobwa yemera. Haba namba! Iyo uguma wandikira uyo mwigeme umwanya wose, biramubuza amahoro, akumva uriko uramurambira canke uriko uramuruhisha ntabe akikwishura, eka akumva ko umubujije amahoro.

Ni gute imisore yokoresha neza ubwo buhinga?

Uko wandika vyerekana uko uri. Imisore yari ikwiye kumenya neza ko ubwo butumwa bwerekana ishusho yabo ya mbere. Ivyo bituma umwigeme amenya uko umeze biciye mu biyago mugirana hakoreshejwe ubwo buhinga.

Ica mbere umusore uwo ari we wese yokora n’ukumenya kwandika amungane meza yisoneye kandi akwiye. Uko uvyitwaramwo ni vyo bimuha ugushaka kukumenya gusumba bikanavamwo ico wari wipfuza. Ica kabiri naco n’ukumuha umwanya wo kukwishura, ntumucishe ku biti no ku mabuye ngo akwishure! Ikindi n’ukwibuka kumuha umwanya wo kugukumbura.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (81)

  1. Murakoze.Mbe Niyih Mpanuro Mwompa.
    Mfise Umukobwa Nshaka Gukunda,ariko Kenshi Ndamubwiy Ko Ndamukeneye Ngo Tuganire Mfise Ico Twoyaga Ntamwanya Ampa.Ariko Iyo Duhuy Par Hazard(surprise) Turayaga,akanyereka Ko Umengo Arankunda Ahubwo Umengo Sindamwitayeho!Ndamwandikiy Msg Arishura Ariko Atari Imisi Yose.Ndamutefonye Aritabana Igishika C’ucuko Umenga Arankunda (Ariko Nanje Sinshaka Ko Twobiyagira Kuri Telephone).Mwongira Inama Iyihe Se?Murakoze

    1. nimba akwitaba kuri terefone, umunsi wasubiye kumu terefona akakwitaba uzoheze umusabe gahunda yuko mwobonana. yanse uzumubaze igituma hama uzoheza umenye ico ufata.

      1. J mfise umukobwa dukundanye kandi vyukuri, ariko ikibazo mfise n’uko ndamwandikiye kuri facebook atanyishura mugabo ngiy kuri compte yiwe nkasanga abandi bose arabavugisha, n’ifoto ziw nshizeko commentaires ntiyishura, est ce que arankunda ?

    2. j ndibazak nimb aguh umwany wahand hos akank k mubonana afis igitum fo rero k ubimubaz ukameny igitum ??? ushobor gusang agukund me umutera isoni muhagararany donc utar nkuk abagenz biw bifuz bigatum bam bamutuk iy murikumw naw bikamuter ison arik bikank kaguheb kuber ww agukund !!! vyiz rero nukumeny coz yivy vyos

      1. Brox ivyo akeshi birashika muga bifise objectif , kuko naje vyarambayeko narinkunze umukobwa je nari niga 8 e année nawe yiga universite vyukur yagomba kwo twama tuyagira aho abantu batatubona ngontagomba ko dusarisha mukumwegukira na namuteye imbanyi niho yabonye ko ntakimutera isoni nawe urakwiye gufata décision

    3. Urega wew uriko uramwihutisha ahubwo uraza uramwandikira kugeza akwiyumvisemwo ureke kwibwira ko akwitabana igishika wew wumva utijajaye wibwira kagukunda genda gahoro gahoro nirwo rugendo burya niyakwiyumvamwo bivanye nibiganiro muzoba mugiriranira vyiza azogutanga gushika ahowamubwiye muhurira kuko nuguma umuhatiriza azobona ko arico umushakako ok

    4. Geragez bishobok umusabe umwany wo kuzoganir kand ntuz ukor ikosa ryo kubimubwirir kwi simu kand wirind cane kumwereka ko umengo uramukeney cane abubu uberets ko ubakunda cane aca agomb kugukoresh(kukugaya)

  2. Murakoze nanj nasabimpanuro nanj mfisumukobw nkunda kand naw arankunda arik j ingoran mfis niyivy vy telfon harigih twandikiranira kuburyumeng ninkabarikumw nikind gih rer umengo twarahbany nkamwandkir ntansubze nanj nkac niyumvamw kumengo nyen vyahze kand mwico gih tuyag dutyo nij mb naguz ayo m unut nkimpanuro lw muzivyurukundo arikanyandkir kur msg namuguriy twovug koharimw urukundo cank kub arukugir yishur gusa bihere aho j niho hancinteg impanuro zanyu muzob mumfashij

    1. Kubisanzwe abantu batari bake hari ibintu bakora ariko bikaba ukutamenya. Muvyukuri nagomba ndakubwire ko urukundo rwanyu rutazopfa ruteyimbre mugihe muzoshira imbere kwandikiranira ariko mutabonana. Bivanye nuko kuntu mwandikiranira kenshi kandi ulwanya munini uyo mukobwa wewe arateba akarambirwa niyo mpamvu wavuze yuko mushobora kumara igihe mutandikiranira nibaza ko biva kuko kuntuu usanga akanovera kanyu kagabanuka. Ngarutse kuruyo mukobwa naho numva ari ibintu bogoye kwumva kukuntu wewe utamwandikiye wewe atavyiyumvira ngo akwandikire kuko uwo ukunda wama ushaka ko muvugana mugihe rero mwebwe atariko bimeze nukuraba neza hariho agahaze. Mugusozera nagomba ndaguhanure uzo propose uyo mukobwa ko mwobonana mukayaga mukanasangira naga.fanta hama vyoseubiyage burya ibintu vyose bitorerwa inyishu mukiyagoo. kandi ugerageze muze murabonana mugihe vyoba biborohereza

    2. Elvi,urakoze kuri ico cipfuzo ufise co kumenya igituma mwe n’uwo wakunze mwandikiranira nk’uko muri kumwe ahandi n’aho ukandika ntiyishure.Ico womenya ni uko abakundana ni vyo barayaga mu buryo bwo kurunikiranira ubutumwa bugufi ariko ivyo ntibikwiye kuba umwanya wose.Uno musi arashobora kuronka umwanya ukwiriye ariko ejo ukabura bivanye n’udukorwa nawe uhora uvyibonako.Ico noguhanura ni uko bishitse mukaba mufise ikintu mwoyaga umwanya muremure,banza umusabe umwanya ukwiye atawo afise aguhe isango.Nawe Elvi nk’ubu uri umunyeshure ukaba ufise ibikorwa baguhaye kw’ishure n’ivyigwa utegerezwa gutegura vyokugora.Nimuyage imbere y’uko mufata umwanya urenga nk’iminuta 15.Ic’uko akwandikira ku mafaranga umuhaye naco ni ciza kuko ntaho vyanditse ko umuhaye ama unités ategerezwa kuyakwandikiramwo arashobora no kuyandikiramwo abandi igihe ari umukobwa mubi atanagushaka.Ntiwibagire ko abarundikazi bafise ibanga ryo gutinya guha ibinu abahungu batarabana kuko bibaza ko bohava bababenga ngo ni ukwihoma.

  3. Uko ibihe bigenda bihinduka na mind zabantu zigenda zihinduka.
    Akenshi twumva bavuga KO abakobwa bakunda uwubaba hafi.sinari nzi rero KO kumwandikira cane bimurusha.ariko kandi ndibaza KO atari kuri Bose kuko aho vyoba bigoye.
    Mugabo ico maze kandi kubonana abakobwa bino myaka bakunda abantu bababesha kuko ugiye kubiraba usanga bakunda uwuvuga KO afise birya na biriya.ce qui fait même que hari nabitesha umugabo wumutima bamuhoye Kora adafise ibiguruka.
    Uzodutegurire aka article kuriyi sujet.

  4. Murakoze Cane! Keshi Ayo Makosa Arakorwa, Ariko Nabigeme Bafise Amakosa Mesh Cane! Ukaja Ubna Aragututs Akakwambika Ibara Canke Ntakwishure, Aho Kuguhakanira Murupfasoni! None Bobo Aho Ntibohakosora?

  5. Murakoze cane kuri ayo majambo Madame Muco adushikirij kumw nibindi vyinsh iyi page mutugezaho.
    Nanj nagomba ngaruke kubigeme usanga muriko murayaga muri SMS ukaaandika na tableau ukuzuza harimw ibibazo nka 10 cnk izindi suggestions ukabona yishuy *mr6*, OK, Poa,… Usanga umenga biraca intege umusore.mubivugako iki? Cnk bitumw Niki?
    Merci de votre réponse !

    1. Jewe nibazako muricogihe ubonye inyishu ije imezuko mbonako atagaciro abayahaye ivyowamubajije ntaba avyitayeho.mbona atampamvu rero yokuguma umutako umwanya namajambo yawe.woheza ugakawuka.

  6. yego me nivyo ivyo mwanditse,yemwe naha murwanda birashika umwigeme akanka umusore arukubera amajambo ataboneye mugabo.
    ni Fabien guturuka mu Rwanda.

  7. Murakoz can,ark biraberey KO imisore ikoresha ubwo butumwa na can can iyo yamaze kwemererwa gukundana n’inkumi runaka,ark mu misi yambere sivyiza kuk indabo+imvugo+inyifato+…ni kirumara

  8. Nakunzumukobwa Arimuguhezamashure Duhoratuyagabisanzwe Mugamajambo Agacangerana Ndabigenzegut Jenaciyendayaheba Ncanjakudandaza Ncandahombakandamaforanga tarimake Ubusimbonakazozakanje

    1. Nkundumukobwa nawe akanyerekakwankunda umusumw ntora fn yiwe nsoma ivyoyanditse nsanga yandikiye umuhungu ibijanye nogukundana ndabibonye yihuse kunsaba imbabazi mwombwira icobivako ivyo murakore

      1. Mfise Akabazo : Burya Ukunze Umukobwa Ukamusab Ko Mwokunda Akanka Ariryambere Ubufis Amahirw Yogusubiray Kand ?Nkeney Akaniyish

  9. Jemfis umukobwankunz kwifond uwomukob twahuriy kur face namusavy urukund ararumpa.nkab ntaramubon ndamubona kwifoto.nanj nkab mfis nuwund twahoz dukundany.nkab naramuhevy atacodupfuy,ne nubu akab aguma ambwir ngo aracankunda,kand nanj mfise uwund mukobw shaka kuzokwaka urukund.nimumfash mungir ninam yiconofata niconoreka.

  10. Nagomb munfash kur iki kibazo j nfis uwodukundany ark mur fone yiwe nama nsangayo ama sms yuwund musore ndabimubajij ambwira ng ntibakundanye uwo akunda ngo nijew nanj nkagira amakenga kand nkamwerekako ndamukund kand ntamuvanga nn mwumva novyifatamwo gute?

  11. Vyukuri Abigeme Bubu Haraho Mpora Niyumvirako Atarukund Bafise Ahand Nkabona Hara Bemerana Ubirabishije Amaso Nkaca Ntangura Kwibaz Ati Mbeg Kuk Umwigeme Iyo Umwerekak Umukunda Naw Akavyirengagiza Aza Kubibona Iyo Mwahebany Ariho Abona Ico Warumaz So Wew Bitware Buhoro Ntubishuhemwo Abonek Umeng Ni Proj Yohava Ihomba Oya Sha Urukund Urinago Kand Mugihe Uwo Atagwakiriy Uzoronk Uwurushak Muri Mak Adakunz Uwundi Ntabwo Ari Murukundo Meny Uko Uvyifatamwo

  12. jw nakunz umukobwa ariko twaravugany ndamubwira ko ndamukunda mugabo inyishu yampaye yambwiye oya ngontitwokundana ndamubaza ati kubera iki utanshaka ati kubera atavyo nshaka ndamubaza ati cnk ufise uwundi ati oya knd mtanuwo nshaka knd naramukunze nn mwompa inyishu iyahe??Sawa ndarindiriyd inyishu

  13. Nanj nasaba ubufasha ndafise umukobwa dumaranye imyaka 7 turabagenzi ariko ubu dusa nkabakundanye kubera ndabibona ko ankunda navyo ambwira nanje arabibona ko ndamukunda mugabo sindamuhishuke, umwe wese aratinya kurivuga kandi nanje nabuze aho mpera mu kubimubwira.Nkore Iki.

  14. Umva we clovis nagir nkubwir mukuresh iyonkumi utari gutuma uwundi ahubw warikugerageza ingene womwishikirira mukavugan nay umenye ko watumye mugenzi we ntah bihuriy nukowewe wari kubimubwira weniwitegur kubengwa ntakabuza kuk ntacizere nagito abifitiye .mbe ese uwowatumye niwe azogum akurehereza ??

  15. Jewenkunze Umukobwa Iyondamwandikiye Hahera Nk 5mnt Ataranyishur Anyishuy Anyishurana Igishikacinsh Rer Namubz Ivyoyarimwontambwira Akambwirango Arankunda Arikonanjenkiyumvirako Uwomwanya Awumara Arikoyandikir’abandi Kandinanje Ndamukunda Cane.Ikibazo Ahokiri Abakureyanje.Ndamubwiyekomukeney Arampumwany Nkajakumurab Ariko Sindenza 30mint Kand Umukobwa Agashavura Ukamengayombwirasintah? Aho Ambabariza Ndamubwira Mariag Ntavyemer Ngombakure Vyomutwara Uburyo Bunin Nkabura Ukondamwishur Kandi Arankund Nanj Nkamukund Ndamuheb Cank Mwompanuriki?

  16. NANJ NIMUNGRE INAM.MFISUMUKOBWA TWIGA HAMW ARAKUND KUNYAGSHA CNE KAND ARANYANDIKIR BUR MUSI.ARKO NGZE NG NDAMUSAB K TWOYAGA HAKUNYEMERER AC ATANGUR KUNYAGRIZA ABAND KUBER ABNA ABAKOBW BENSH AR ABAJAMA GUSA.NDAMWIHOZ CNKE?

  17. umv musor wew nyamb ubon muvugan kur telephon akank komwoganir face to face urac ugum umuganiriz kur telephon ugumubwir koharic ushak kumubwirmwicay ahant murikumw atar kur telephon mbes umwerek yuk umwitayeh munyum niwamusab komuganir azobikwemerer

  18. Nkeney impanuro.mfis umukobw nshaka gukunda arik akab yama ari busy akensh naj nkabibon kuk aradandaz asamay bomucamwo.ndamwandikiy ambwir ngo ntakany aronk acambwir ngo nkeney kumwandir kugir tuyag ngo nzokwandik kuva matin-11h akir home ataraz kudandaza.1jr naramwandikiy duhor tuganir ncandamubwir ko ndamukeneyek ubugenzi kugir ntiyibaz vyinsh ngwahav anyankir.aca ambaz ngo ubugenzi nyabaki?ngo arubugenz busanzw ngo ntangorane kuk ngo nkivyo ngo ntanivyo ntahura.mbandanye ndamusatira?nzobigenz gt mukumusab urukund nyakur?arik nibazako azohav yitwaz kwatamwanya aronka.nimumpe réponse SVP

  19. Nanje Nshaka Mufashe Iyukunze Umukobwa Akemera Mugihe Umuhaye Randëvu, Nayahemajambo Wokoresha Kugira Akudyoheregwe Murikumwe Ntarambirwe?

  20. nfise umukobwa dukudanye ariko turi mubiyago ambwirako adakunda umuhungu avugana nabandi ario iyo tutarikumwe nsanga barikumwe nabandi ariko ndamusavy umwanya ntawampa

  21. Jenama Nibazacane Impamvu Umukobwa Ushobora Kumusaba Urukundo Akarukwima Yamara Akama Akubwira Ngo Aragukumbuye Muga Ashaka Akabariwe Aguha Umwanya Wokuganira Cagwa Akakubwira Katamwanya Yifitiy Kand Ataco Ariko Akora Uyomuntu Abamez Gt?Nimumpe Iciyumviro

  22. Mbaje Kuramutsa Abakunzi B »imbuga Ngurukana Bumenyi.Naje Ndashaka Mumfashe Mfise Umukobwa Dukundanye Imwaka2.Ariko Muriyo Myaka Yose Ntamwanya Ungana 2h Turabonana Ngotuyage Amaso Muyandi.Mubwiye Kotwohura Ambwirako Aho Abaye Bamufatira Kandi Banamukarira Cne.Ariko Nkazambona Anyandikira Ngo Jewe Mpanura Hari Umuhungu Aguma Aza Kundaba Muhira Kandi Ngakahamara Umwanya Munini..Unite Dukoresha Nije Ndazigura Ariko Nyimba Nguze 80 Nsanga Twandikiraniye 30 Nyishi 40.Namubaza Akambwira Ngo Nazandikiye Abagenzi. Mumfashe Bavukanyi Uyumwigeme Yoba Ankunda! Impanuro Zanyu Ningira Kamaro Kandi Zizonyubaka.

  23. Mungire inama bavandimwe. Mfise umukobwa vyatanguye ari ubugenzi busanzwe turakomeza arambwira ubuzima bubi yaciyemwo ataco ampishije. Arambwira ukungene yakundany n’umuhungu hama azakumuhemukira amuteye inda, vyos aravyihanganira gushika umwana acuke atazi sewumwana uko asa gushka nubu umwana amurereye iwabo umuhungu ngo baherukana akimutera iyo nda . Igitangaje nuko yansavye umubonano hama nduwumuha abona kubimbwira amaso muyandi atuje kuko yarabonako umengo ndamufiseko agatima kokumunda. Dusezeranye acambwira ati nase kuguhisha konavyaye unkunda unkunde, unyanka unyanke. Ariko gusa ndamukunda gusa bintera isoni ukungene notwara umugore kndi inkumi zihari?? Mumfashe mungire inama bavandimwe biranduhije

  24. Nanj Mfitikibazo Nakundany Numukubwa Nyuma Yamezi 6 Umuhungu Twigez Gutemberanayo Acagenda Kumubwira Ngo Navuz Ngo Sinopfandamukunz Ngo Arishima Ngo Ntaco Amaz Ngo Aronz Ngo Kandi Nabaken Kwari Kumubesha Kugira Amukunde Jew Duhuy Ntaranamushikira Namambona Yanukiw Ndamubajij Aranka Kuvuga Ndagenda Kumuraba Muhira Aranka Kuza Cambanza Kumureka None Ubunamutumyeko Umugenzi Wiw Amubwire Amuhe Ibikoresho Narinamutij Yarasengo Ntavyo Yifitiy None Jew Nkoriki Kontashaka Gushwana Nawe Kandi Nivyobintu Numva Ntobiheba

  25. but?mwiriw nez?nanj mfis umukobw uyomukobwa nkama ndamusab kotwobonan akank nikuberik ngah arankunz cank?mug uyund mwany nkamusangana aband bahung arankunz’cank?ndabasavy inyishunziz mump

  26. HELLO,Mfise ikibazo,je mfise umukobwa vyukuri nkunda kandi cane.ariko we iyo turiko turayaga arambwira ko ankunda uwundi mwanya akambwira ati ntavyo yiyumvamwo.none nkore iki,mbigenze gute kugira tube mu rukundo.yarambwiye ko atamuhungu numwe yari bwakunde,none ndabigenze gute?

  27. Nimungirinama. jewe nkunze umukobwa. ariko kur téléphone turaya neza na vis-à-vis nyene tukayaga akanyemera kwankunze. Nanje nkamubwira ko namukunze. Ariko abagenzi banje bamubajije kwa nkunze abwira kwatankunze. Ariko jewe ndamubajije abwira yuko atawundi akunze atari jewe vyoba biva kuk?