Tumaze imisi tubayagira ku rubuga Yaga ibijanye n’ububabare bwo mu gihe umuntu ariko ararangura amabanga y’abubatse. Abatari bake bagiye baradusabikaniriza ico biyumvira kuri ico kibazo. Umupfasoni Anita* w’imyaka 30, we yashimye kudushingira intahe ku ngorane zamushikiye.
Kuresha
Ngo “nta mwigeme wo kuresha umuhungu?”: sigaho !
Uko tubimenyereye, umuhungu ni we yama atumbera umukobwa, agaheza akamubwira ko yamugomwe, yipfuza ko bokwubakana. Abakobwa barashobora gushima abasore, mugabo bagapfana isoni, ntibavuge. Ariko ukwo ni ukwihenda. Burya umukobwa arashobora kubivuga kandi rukaba urugo rw’iteka. Tubirabire hamwe, twisunze amatohoza yakozwe […]
« Ingendo y’uwundi iravuna » : narahimbaje umusi w’abakundana ntabishaka
Ni uwa 14 Ruhuhuma. Benshi bawita umusi wahariwe umweranda Valentino, uwuzwi nk’umuvunyi w’abakundana. Abatari bake ntibazi inkomoko z’uwo musi, ariko nyene bakawuhimbaza. Ngo « nzogira nk’uko abandi bagira » ; ugasanga ni agakuku gusa. Intahe y’uwo vyagendeye gutyo.
Amajambo akunda gukoreshwa iyo umuhungu yatevye kurongora
“Ikirumbire” canke “akamaramaza” ni amajambo y’ikirundi akoreshwa iyo umuhungu vyamugoye kurongora, ariko insiguro zayo ziriko zigenda zibagirwa uko imyaka itaha. Egide Nikiza aratuyagira insiguro yahawe n’abize ivy’imico y’ikirundi.
Ugutera intobo nk’ukurenga ibigo mu muryango
Turamenyereye kwumva umugenzo wavugwa mu Barundi b’aho hambere witwa « ugutera intobo ». Uwo muco rero wari ushingiye ku buhumbu kandi ugahuza abato n’abakuze ku buryo wasanga umukazana na sebukwe bishitse bakarenga ibigo nk’uko Caritas Ninziza abituyagira.
Ico kutabana neza mu muryango biturukako
Hirya no hino aho umwe wese aherereye, turakunze kubona ingo zitubatse neza. Ugasanga mu muryango nta mwumvikano uhari, eka mbere ugasanga zimwe zimwe birashitse zikanasambuka. Ivyo vyose rero biba bifise ico biturukako nk’ukwo Vincianne Nizigiyimana abituyagira.
Inkomoko ya « kira ngeni » no « kugwa mu gahundwe »
Mu mvugo ya minsi yose, hari amajambo canke imvugo zigoye gutahura. Ni naho hahera kuvuga ururimi nabi, maze ugasanga abantu bamwe bamwe ntibariko bavuga ibintu ukwo vyategerezwa. Akarorero ni nko ku bantu bavuga ngo « gira ngeni » aho kuvuga « kira ngeni ». […]
Ubugeni bwo mu bihe vya none
Ugishinga umuryango n’ibanga rikomeye, haba ku muhungu canke ku mwigeme. Kera, iryo banga ryaritonderwa, rigategurwa umwanya ukwiye. Aho rero niho umuhungu yitora akaresha umukobwa hanyuma bagapfundika kwubakana. Ariko rero, ubugenzi bwo mu bihe vya none busigaye butangaje kuko, haba mu […]
Ukuresha umukobwa yifise
Mu buzima, iyo umusore ashatse gushinga urugo rwiwe, arafata iya mbere akaja kurondera umwigeme bashobora kubana. Iyo umuhungu akiriko arasaba umukobwa urukundo, agirako amusaba ko bobana, bavyita kuresha. Ukuresha umukobwa rero biranakunda gufatira ku buryo asanzwe afise. Maze umuhungu yabona […]