Mu masengero atandukanye, hari abakozi b’Imana dukunze kwita abavugishwa. Abo na bo, abakirisu barabisanzurako cane, bakabayagira ibibabakiye ata n’ico bisigarije, kuko babizera bikwiye. Ariko muri bo, hari abo bishika bagahemuka, uwo bita umuhamagaro ugacika umukenyuro wo kwihimbariza umubiri wabo, nk’uko tuvyiganirwa n’uyu mugenzi wa Alice. Intahe.
Mu mwaka uheze, twiga mu mwaka w’icenda, umugenzi twigana yitwa Alice* yaradutumiye mu masengesho nk’abana bigana, natwe turemera, tudahigimanze. Vyaraturyoheye mbere dufata ingingo yo kubigira umugenzo, tuja turasengera hamwe kuri uwo musi. Vyaratwubaka cane, tugashinga intahe ko twabonye ukuboko kw’Imana mu batwigisha.
Umusi umwe, haza umushitsi yitwa Mike* kutwigisha. Ni we yakora ibikorwa vyo kw’isengero kwa ba Alice, eka mbere yari mu barongozi. Uwo “mukozi w’Imana”, yari umusore akiri muto kandi, ku jisho asa n’uwusenga koko. Emwe ! Yaratubwiye ubutumwa tuva ngaho tunyuzwe.
Ntivyahereye aho ; yaja araza kutwigisha, gushika n’aho umusi umwe dutegura amasengesho yo kurara twicaye dusenga, amwe bita “amakesha”. Yatangura ari ku wa gatanu, agahera ku wa gatandatu mu bucagucagu. Mike twamufata nk’intumwa y’Imana y’uwo mugwi w’amasengesho.
“Ndagukozeko uca ukira !”
Umusi umwe, twari twateguye gukesha. Hageze mu gicugu, ndafatwa ndarwara, ntangura kumererwa nabi mu nda. Naragerageje kwihangana ndasenga ngo bihere biba ivy’ubusa. NI ho nava mu bandi ninjira mu cumba co hirya ngo ndabe aho nokwubika inda.
Ni ho Mike yaza, ansanga aho ndi, ambaza igituma nikuye mu bandi, nca ndamubwira uko meze. Ati: “Ivyo ni bito cane, imbere y’Imana nta kinanirana. Ndagukorako gusa uca ukira.” Ashira ukuboko kwiwe kw’i buryo ku nda yanje, aho namubwiye ko mbabara, atangura “gusenga”. Nanje kubera ingene namwizera ndahumiriza nsengana na we. Ingene yaguma atembereza amaboko yiwe ku nda yanje nibwira ko ariko atuza amadayimoni nk’uko yariko arabivuga. Ngize ntya, numva ariko arankwega nk’uwuje kunsoma, umunwa yateze, ukundi kuboko na kwo atera amanura hepfo.
Ni ho nakanguka, ndajumararirwa. Sinemera ko ivyo mbona ari ivy’ukuri. Sinatahura ingene “umukozi w’Imana” yaraye kw’ijoro asenga ashobora kumpenda ngo ariko aransengera, na ho ariko yiyumvira ibindi.
… barayogeye !
Icambabaje gusumba vyose, Alice ndabimubwiye ntivyamutangaje canke ngo abababare. Atekanye ati: “Ni we wari usigaye kandi weho ntaco yakugize watomboye. Iyo ngeso arayifise kandi amaze kubigirira abakobwa benshi.”
Uwo mukozi w’Imana yarayogeje abakirisu. Mu nyuma nagiye kwumva ko igihe cose ateguye amasengesho nk’uko, ari gake avayo ataryamanye n’umukobwa, canke n’imiburiburi ngo amarane akanya na we amukuyakuya. Abigeme nka bose bari mu rushengero rwiwe, ni bake cane batararyamana. Hari n’abahavuye basama imbanyi, bivugwa ko ari iy’uwo yiyita umuvugishwa w’Imana.
Ivyo nabonye kuri uwo muvugishwa vyarantesheje ukwemera. Ubu nta mukozi w’Imana, nta muntu asanzwe, bose ndabafata kumwe. Ndetse no kw’isengero, ubu sinshuha ngo ntegerezwa kujayo. Iyo numvise nshaka kugenda, ndagenda ariko ikizira co sincipfuza kuja mu masengesho. Ndabica kure kuko kuva ico gihe naciye numva ndabanka, nta n’abo ncemera kuko barankomerekeje ku mutima. Mu masengero, abakirisu b’ukuri bari yo, ariko n’abo vyanse kwivangura n’umubiri baracariyo.
Ikibi si icumba c’amasengesho mugihe cokoreshwa ico cagenewe.rero nikujanayo ubwenge bwo kumenya iciza n’ikibi mukumenya Abo bataye umurongo mugihe igihano cabo kitaragera.dayimoni nazone ntizikangwa ivyumba.
Nivyo Koko Hari abihisha inyum yuguseng kugir bashik muvyifuz vyab Gus sibose bameze gutyo nicogitum utoc ufat inging yokutaz uraseng.
A BON ! NORMALEMENT NI ABANTU , BARASHOBORA GUKORA IVYAHA ! HARIHO NUWATEYE INDA ABAKOBWA 10 MURI BAMWE BIYITA ABATAWA ! MWITONDE MUJE MURAGENDA BUKEBUKE ,EJO UTOZOBESHERA KRISTO ,ABO SI ABAKOZI BIWE AHUBWO NI ABA SATANI BIYAMBIKA URUSATO RW’INTAMA INDANI ARI AMABINGIRA Y’INKAZI ! NIVYINSHI NOVUGA BIRENZE IVYO : NONE WEWE UMUNTU ARABA UMUSAMBANYI AKAJA KUGURUZA IDINI MUGIHE AHO YARARI BAMUKENYUYE ! KANDI KUKO AFISE INOTI ,AMAPARADO ,BAMUYOBOKA VUBA VUBA , URUMVA ABAKOBWA N’ABAGORE AZOBAMARA ! HANZE AHO HARI BENSHI CANE MWITONDE MWITONDE !
NDUMIWE
Kuki abo bigeme basanzwe bazi izo ngeso ziwe bavyiyobagiza nkibisanzwe, hagukinga canke ngo baburire ab bagenzi. Kutumira abandi mu masengesho si bibi muga kukeburana birakenewe kand si icaha. Et puis je pense que tout le monde devrait mettre un peu d’intellignce ,surtout dans ces jours ci, où la religion est devenue quelque chose de virale,de tendance chez la jeunesse. Merci
Kuzinukwa ivyo gusenga siyo nyishu kuko n’umunyeshure iyo ayobewe mw’ishure ntaca abiheba.ingorane ubu zihari nuko bizigira abantu kurusha uko bizigira Imana
Ivyo ni ivy’ukuri hariho abiyita abavugishwa arik barondera inyungu zabo kuk bameze nk’ibingira yiyambitse nk’intama irondera kamwe irotsa. Ivyo biva ku ngeso baba bari basanganywe batarakizwa bityo bikanka KO bayiheba bagaca babikora mu mayeri yabo.
Nihatar Kwl
Nibatubwire iryo shengero maike arongoye kugira ashengezwe.guhanurwa mbere bikunze agahanwa sibibi nagato.uwubizi akabinuma ntamushengeze abantu bose bazosambanwa bazoja kumutwe wiwe bimuhumiwe we n uruvyaro rwiwe.TANGA ADRESSE Y IRYO SHENGERO BAKEBURE UWO MIKE.
Umukozi w Imana yabwiye abantu bi kolosayi ati « mukovye mugusenga ariko mukubemwo maso » kandi Satani ararwanya cane abasenga kandi aca mubantu muntu nasenge ariko asabe Imana Imuhe amaso y Impwemu