article comment count is: 0

Imbuga ngurukanabumenyi: aho umukene anyagwa na duke asigaranye

Muramaze kwumva abantu bibwe hakoreshejwe imbuga ngurukanabumenyi? Bica mu buryo bwinshi, ariko hano turababwira butatu tumaze kwibonera. Muragabe!

Abarundi benshi, na cane cane urwaruka, turi kuri za Facebook n’izindi mbuga, ariko si ko ari twese tuzi gukoresha neza ubwo buhinga. Ni co gituma benshi bahibirwa, na kare ngo “uja mw’ishamba utazi, ukahaca inkoni utazi”. Ariko rero, ngo “inkoni yakubise mukeba uyirenza urugo”. Ndamaze kwibonera uburyo butatu ivyo bisuma vyo ku mbuga bikoresha, ari nabwo nahisemwo kubayagira.

Hakoreshejwe ubukene buguhanze

Ejo bundi, nagiye mbona umugenzi wanje, asanzwe yiga kuri kaminuza imwe yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura, ansaba ngo ndamufashe kugurura bwa buhinga bwo kurungikirako ubutumwa « email ». Ndamubajije ico ashaka kuyikoza, ati hari « idili » yubutse nshaka kwikorera.

Vyakabaye kera, arampishuka ati : « Hari umuntu  wo hanze yamwemereye kungabira  ibintu vyinshi nk’imashini nyabwonko, izo gufotora nibindi. Yambwiye ko ari umuzungukazi ari mu bwongereza, none ivyo bintu yabisize iyo yahora akora mu gihugu ca Bénin. Aha rero yansavye ngo nuguruze iyi ntwarabutumwa kugira tuzoze turayagirako. » Kandi rero, bano ta handi bari basanzwe bazinanye ; kiretse kuri iyo Facebook nyene.

Naciye  nibuka uwundi mugenzi yibwe muri ubwo buryo. Uno nawe yaragiyeko arakora ivyo nyamuntu yamusavye, gushika aho amubwira ko kugira ivyo bintu azomugabira bimushikire ategerezwa kurungika amadorari arenga ijana yo kubipakiza indege. Kandi ga arikokora abigenza uko nyene ; na ya mikoro make aranga urwaruka rutari ruke uyu musi !

Ariko rero si abakene gusa. Abakurikirana amakuru ku maradiyo n’imboneshakure, mwarumvise canke mwarabonye abasuma mwe n’abo baheruka gushirwa ahabona n’igipolisi. Bano bakaba bakarira cane abagwizatunga, kuko babesha ngo badandaza inzahabu.

Mu kwihagira indondozi z’abategetsi

Mugihe akazi gasigaye gakenye abagerageza kubivyaza umusaruro bo nti babuze. Nk’akarorero, ugiye kurubuga rwa Facebook ukaja hamwe baronderera  ivyo bakeneye kuraba, ukandikamwo izina ry’umukuru w’igihugu, uratangara usanze abantu bitwa iryo zina utonabaharura ngo ubamare.

Abatari bake rero bariyitiriye amazina y’abategetsi benshi  kandi baramaze kwiba abatari bake babahenda ko bagiye kubaha ubuzi.

Muti none nabo babikora gute? Iyo bagusavye ubugenzi bakabona uremeye, baca batangura kukwandikira bakubwira ko bashaka baguhe akazi canke bazoguha amahera mu nzira izi canke ziriya. Baraheza bakaguha iyindi nomero bita ko ari umunyamabanga wabo, kugira umuterefone maze akubwire  ingene ako kazi ugiye kukaronka. Emwe uramutse umurondeye ntateba kukwitaba, kandi akakubwira ko wotonda ku biro witwaje imashini nyabwonko canke iterefone yo gukoresha ikibazo. Uhirahiye ukabitwara uba uhejeje kwibwa.

Amasanamu atari aya bo arakoreshwa

Mu masanamu yashize ahabona ku rubuga rwa facebook Kw’igenekerezo rya 5 Nzero, 2019, abicishije ku mboneshakure arongoye Humuriza TV chaine 2, Perry Saxe Gateka   yaravuze ingene hari abashoboye kwibisha amafoto yiwe maze biba umukobwa aba mu gihugu ca Arabiya saoudite.

Nyene kwiba yiyita Gateka, maze amusaba urukundo hama nawe amukunda yibaza ko ari we. Haciye igihe, ni ko kumusaba amahera ngo bategure urubanza, uwo mukobwa arayarungika. Amaze kuyabona niho yamubwira ko Atari Gateka Perry saxe, ariko ari umu uwugendesha ikinga. Umukobwa amaze kuvyumva niho yamenya ko yibwe.  

None rero, Abarundi na cane cane urwaruka, turakwiye kuhagabira mu gukoresha izo mbuga, tukirinda abantu botwemerera ibi na biriya kandi tutazinanye. Ikindi naco, imbere yo gukora ikintu tubwiwe n’uwotutazi, tubanze kucitondera kandi duhanuze n’abagenzi boba badusumvya ubumeyo mu vy’imbuga ngurukanabumenyi.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion