article comment count is: 9

Muragabe ! Za Wasapu n’umwana w’uwundi !

« Kwigera mu barembe utari umurembe… » ; umugani wa ca gisokozo. Matayo, umutama w’imyaka irenga 60, akarungikira amasanamu y’ubushegabo Padiri ! Ng’uku uko vyagenze.

Si kera nk’ejo bundi, umutama Matayo yagorobereje mu kabare, ngo yivune akanyota hamwe n’abo ahasanze. Ngo agire atya, yumva abo bagenzi nta kindi bamubwira atari amakuru mashasha kandi agezweho, kuko bo bayasoma umwanya wose kuri za Whatsapp. Umutama utanka arinamura ati : « Nabaye iciro ry’umugani pe! Ubu rero ni mwe bo kuncira umugani n’imyaka ndabarusha ! » Niko gushaka kugura za ngendanwa zigezweho, nazo iyizimbutse ikaba itari musi y’ibihumbi ijana.

Yavyiyumvriye kuva kera, ariko yari yararahiye kugurisha agaka kamwe kiwe. Ati : « noba nasaze ; inka impa amata antungiye umuryango, ikampa amase y’imirima yanje, njeko ngurishe ! Oya ! » Muga bikamwanka mu nda, igihe cose agiye mu kabare, akabura ico aganira n’abandi.

Haciye igihe, Matayo yigira inama yo kwikura ako kagaye. Aca asimbira hagati mu gihugu iyo aturuka, agurisha impene zine mu zo yari asanzwe yororeyeyo. Umutamakazi wiwe ntiyari yabimwemereye, ariko uno mutama acisha ahiwe ; ubona ko mu kibano c’ikirundi, abagabo bamwe bamwe biganza. Yaronse amafaranga ibihumbi 190. Aca aragura ya ngendanwa !

Isanamu zikoza isoni no kwa padiri ngo ba !

Ni ko, umutama yaronse ico umutima wiwe wari ushashaye. Icambere yihutiye ni ugushiramwo inomero za whatsapp padiri wa paruwase akoresha, be no kwinjira muri wa mugwi wa ba banywanyi biwe ; ngo bikunde nawe aze arasangira amakuru agezweho n’abandi. Ariko, ino ngendanwa ntaramenya neza kuyikoresha, tube turaretse ivy’ubuhinga ngurukanabutumwa nka Whatsapp. Naho biri uko, yarihutiye kumenya ingene bandika ubutumwa n’ukuburungika.

Ntibwakeye kabiri atanguye kuyikoresha, yari amaze kuja mu migwi itandukanye y’abo banganya imyaka. Akenshi muri iyo migwi, baganira ivya politike. Ariko rimwe na rimwe, hari abarungika ya masanamu y’ibiterasoni, ubona ko hagati y’abangana ataco bari butinye kuganira.

Umutama arugurura araraba, ati reka ndakarungikire ba bagenzi bahora bankora kw’itama iyo tugeze mu kabare. Iyo sanamu yamara iminota 2, yerekana umutama anganya imyaka nawe ariko aragoka ku mwana w’umukobwa agikura. Umutama aho kurungikira ba banywanyi biwe, asanga yafyonze ahatari ho, isanamu no muri Whatsap kwa padiri mukuru ngo ba ! Abona Padiri amwandikiye amwishura ati : « burya nawe uraraba mwe n’ivyo bitera soni ! »

Ukutamenya gukoresha imbuga ngurukanabumenyi bizokwegera benshi. Kandi ba Matayo ni benshi. Muragabe.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (9)

  1. Si abatama gusa n ‘abandi vyobashikira .iciza nuko hoba ukwitonda mukuzikoresha kuko harigihe worungika ibintu ugadanga bigutesheje agaciro

  2. Iy nyigisho irakoze kubantu benshi kuko hari abakoresha imbuga ngurukana bumenyi ukutariko barungika ibintu bidakenewe

  3. None vyaciye bigenda gute ga yemwe?
    Ngira Patiri yaciye amuca amasakramentu kabisa,canke mutama yaragiye kwisigura mu ntebe ya penetensiya?
    Biratwengeje ariko birababaje!!

  4. Biratwengej kweri! ngira niyamenya kuyikoresha ntazosubira kwihenda. ikimbabaj ni uko yarinze kugurisha impene zotanz umwavu zisahiriza umunyokuru wiw.

  5. Eeh,birashika na Can Can ko bitamenyerewe kubatama ko bakoresha Ama réseaux sociaux ! arko nugwaruka rubimenyereye,birarushikira Kuko,se tromper est humain!! gusa, persévérer c’est diabolique

  6. Birababaje cane!!mbega izosanamu kuzirabakwo bitanga icigwa ikihe kuburyo wotanga kurubwo bumenyi uba waronse!ivyiza mbona uwovyokundira nukubiraba yovyihoza kuko ni shetani yigendera murya masanamu.Uwo matayo wewe ndumva nahaca ataco acambariye imbere yuwo mupadiri ntakundi araja gusaba imbabazi,azocabaza uko bakoresha ubuhinga bwa none.