Mu gihe urwaruka rwugarijwe n’ikena ry’ubuzi, umusore Eric Nshimirimana we asa n’uwatoye inyishu kw’ico kibazo: yiyumviriye umugambi womubeshaho, ugateza imbere n’igihugu cose. Prosper Niyonkuru aratuyagira ku mugambi wa Eric wo gukora amashiga ya kijambere benshi bita “Imbabura”.
Eric Nshimirimana aheruka guheza amashure yiwe ya kaminuza. Wewe, ikibazo co kwicara ngo yabuze akazi yaragitoreye umuti. Nk’uko avyigana, ngo yarihweje ikintu ngirakamaro yokora, asanga yohingura imbabura ifasha mu kuziganya amakara. Ku bwiwe ngo iyo mbabura ije gufasha vyinshi.
Inkomoko n’itunganywa vy’uwo mugambi
Nashatse kumenya igituma Eric Nshimirimana atarindiriye ngo leta imuhe akazi, canke ngo amashirahamwe y’abikorera utwabo amuhamagare, ahubwo agahitamwo gukora imbabura. Yishuye ati: “vyose ni ugushiruka ubute n’amazinda. Jewe narihweje, nsanga buriya imbabura zikoreshwa zikozwe ku buryo butorohereza ibidukikije, kuko zitwara amakara menshi. Raba: amashamba yarahonye kubera uguca ibiti vy’amakara, kandi n’igiciro c’umufuko w’amakara kiguma kiduga. Naciye ndondera umuti kuri izo ngorane zose, nsanga hariho ubuhinga bushasha bwo gukora irya mbabura, bigatuma urugero rw’amakara ikoresha rugababanuka kugera kuri 50%, kandi ikanaramba cane.”
Uyo musore abandanya kugira umwete naho ata bamufata mu mugongo baraboneka. Eric ati: “Naho nyene ntarashika kure, indoto nini zo ndazifise. Ndifuza ko uyu mugambi woba munini cane, mbere ugafasha igihugu muri rusangi. Kanatsinda, ninashobora gutera intambwe ikomeye, abakoresha amakara bazoshobora kuziganya uburyo butari buke, ibidukikije bikingirwe, jewe n’abo tuzoba dukorana twikenure”.
Urwaruka mwe n’urwo turarukeneye
Abadukurira bakunda kuvuga ngo “rwaruka, nimwitunganirize imigambi, nta buzi bukiriho muri leta”. Nivyo! Ariko, ndabona ko hari ubundi buryo leta canke abafasha igihugu boshobora gushigikiramwo urwaruka: nimba bidakunda ko hubakwa amahinguriro n’iyindi migambi yotanga akazi kuri benshi, mbona ko vyoba ngira kamaro hamwe urwaruka rufise ivyiyumviro n’umwete nk’uwa Eric Nshimirimana rwofatwa mu mugongo.
Kanatsinda, vyoha akazi benshi, bigasaba n’uburyo buke. Kira noneho, urwaruka rufise ivyiyumviro birashe n’ingabire zitandukanye vyo guteza imbere igihugu ni rwinshi.
Niyirambire, ndamwipfurije gutera imbere.. Nibaza ko bizobera akarorero urundi rwaruka ruguma rwiteze akazi ka Reta.
Umve Imigambi Tuyifise Mumutwe Arko Kubura Aho Umuntu Agirir Formation Ni Ikindi.
bon courage Eric nshimirimana
muga ntimwashizeko ces contact naho twogurira izo mbabura
merci
NIVYIZA BIG UP
Burya Uwo Mumbi Wodufasha Mubitari Bike;mur Enviroment N’amatungo.
naho mbonumenga zahahora ndamushimye ahubwo nakomeze ndayikeney ingozi
gukora imbara n’abatwa bavuka babizi mbere bobo barimwo batera imbere barimwo baheba kuzikora!Ubu abatwa bakora mu mahinguriro akomakomeye!Rero uwo musore Eric yasubiye inyuma nk’imyaka ijana!Aregera abandi bamwiganire aho ubuhinga buteye!
Eric ari nico afashij mu buzima bwa misi yos bwa barundi kubona yariyumviriye gukora Imbabura.ww umariy’iki i gihugu.ba wiga kuvuga neza bizogufasha.