article comment count is: 0

Jocelyne, umwigeme agendana ubumuga, ariko asumvya ubukerebutsi benshi

Ni agaterantimba kubona ingene abasegerereza badasiba kugwira mu bisagara. Ariko kandi, biba akaroruhore iyo ubonye uwo benshi bibaza ko ataco yohereje iminwe, ari we abereye akarorero abandi. Martial Hariyongabo araturatira akarorero ka Jocelyne Itangineza.

Ni nde yavuze ko abagendana ubumuga ari nta kimazi ? Kuki hari urwaruka rukwije amaguru n’amaboko, ndetse n’umutwe ukora neza, ariko rukitwara nk’imburamaboko ? Be n’abo bantu barakwiye gufatira akarorero kuri uyu mwigeme.

Jocelyne Itangineza ni umwigeme w’imyaka mirongo ibiri n’itatu. Yavukanye ubumuga bw’amaguru, kandi ntivyamukundiye ko aja mu mashure rusangi nk’abandi bana. Amaze gukwiza imyaka cumi n’itandatu, yarigiriye inama ku kugene kazoza kiwe kagiye kumera, aca asanga akwiriye gukura amaboko mu mpuzu. Wa wundi ngo « uwutarimye ntamira », Jocelyne ntiyashimye kuja mu vyo kwirigwa arasabiriza, kuko na none ngo « amazi masabano ntamara imvyiro ». Niko guhitamwo kwiga ishure ry’imyuga.

Ukuzira ubute

Jocelyne yaciye aja kwiyandikisha mu kigo “Jeho kuki” cigisha imyuga abagendana ubumuga, mu ntara ya Ngozi, aca ahitamwo umwuga wo gusanasana impuzu, benshi bita “gushona”. Yakize kurangiza ivyo vyigwa, aca ahitana bagenzi we babiri, mbere babifashijwemwo n’ico kigo cabigishije mu kubaronsa umutahe, baca batanguza uruganda rwabo rwo gusanasana impuzu.

Intambwe bamaze kugerako ni yo iteye igomwe. Jocelyne ati: « Dusigaye turonka amasoko na cane cane iyo umwaka w’ishure ugira utangure, kuko haza abava ku mashure yigenga atandukanye bakaduha tukabashonera imyambaro y’ishure. Kuko mwe n’ayo masoko usanga asaba imyambaro myinshi icarimwe, turaheza tukaharonkera akunguko gafadika, gutyo ibikorwa vyacu bigatera imbere mu buryo bunyaruka. Turageze aho dushobora kuronka isoko ritwinjiriza umuliyoni w’amafaranga y’amarundi ica rimwe ».

Intwari nka Jocelyne si ikirenga.

Mbe ndaretse abagendana ubumuga canke mbere n’abataciye ku ntebe y’ishure, hari na benshi bize usanga babaye mu buzima bw’ukutagira ico bimariye. Aho twovuga nka rwa rwaruka usanga rwirigwa rwicaye mu buteramiro benshi bita “amaligala”. Abandi nabo ugasanga bahisemwo kwihereza ibiyovyabwenge no kunywa inzoga z’ubwoko bwose aho bazironkeye hose, ngo bikunde bibagire ibibazo vyabo.

Uri uwundi ati « uwushaka umubira abira akuya », ingendo y’ubunebwe ni iyo kwamirira kure; na kare ngo “icamwa c’umugisha camurwa ku giti c’umuruho”.  

Ku bwanje, abantu b’umwete nka Jocelyne Itangineza ni abo gushigikirwa koko. Gutyo, ndasaba leta ngo, ibicishije mu bushikiranganji bujejwe urwaruka, ishireho ikigega co gushigikira urwaruka rufise imigambi n’umwete nk’uwo mwigeme w’akarorero.

Hama urwaruka natwe, turakwiye gutahura ko kazoza kacu kari mu minwe yacu nyene, hama tugafata ingendo yo gukora mu nzira idushikana ku buzima n’iterambere twifuza. Kanatsinda ngo “umwana w’umunebwe rirenga ariye rimwe”.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion