Ku giciro kizwi n’amategeko, ikiro c’isukari kigurwa amafaranga 2340 y’amarundi. Ariko, hari abadandaza bikika mu kiza bagashinga ibindi biciro, ata camira. Nikiza Egide ati : « abadandaza b’isukari boba basigaye bakomeye gusumba leta ? »
Ukurondera isukari mu gisagara ca Bujumbura ntaho bitaniye n’ukurondera umuzi w’ibuye muri ino misi. Iyo ugiriwe ibakwe ukayironka, usanga hamwe igurwa ku giciro c’amafaranga 3500 y’amarundi, ahandi ugasanga iranayarenza. Isigaye umengo ni nk’uko yoba iri muri vya bidandazwa bibujijwe n’amategeko, aho twovuga nk’urumogi n’ibindi ; kuko na none igurishirizwa mu kinyegero.
Ntibikiri agaseseshwarumuri, ukudandaza isukari ku giciro cashinzwe na leta bisa n’ibidashoboka. Kandi ivyo bikaba hariho inzego zizwi ko zijejwe guhagararira ishigwa mu ngiro ry’amategeko. Ikibazo umuntu yokwibaza ni : Mbega abadandaza b’isukari ni bo bakomeye gusumba leta ? Kuko na none ibiciro bishingiye ari vyo bikoreshwa.
Leta irashinga ibiciro, abadandaza bagashinga ibindi
Biturutse ku nteguro y’amafaranga leta itegekanya gukoresha mu mwaka w’2017, aho ibice birenga 70% bitegerezwa kuva mu banyagihugu, ibidandazwa bitari bike vyaraduze ibiciro, maze isukari iva ku mafaranga 1900 ija ku 2200 muri Nzero uyu mwaka, imbere y’uko isubira kuduzwa ku mafaranga 2340 y’amarundi, kuva kuwa 20 Ntwarante uyu mwaka nyene.
Haraciye imisi cumi, umudandaza wo mu Nyakabiga nagiye gushorera iyo sukari, ngasanga agurisha ikiro kimwe ku mafaranga 4000 vy’amarundi, yansiguriye ati : « Isukari irazimvye cane. N’iyi turiko turadandaza kuyironka ntibitworohera. Nta n’ico turiko turayungukako. Twayirondeye hasi hejuru kugira ngo imikate n’ibitumbura vyacu bishobore gusohoka » ; ivyanteye kwibaza ko bwa bundi, ibintu bishobora kuba vyugariye mu badandaza bo hejuru, bamwe baranguza iyo sukari.
Kira noneho ! « Ukagira ngo uhereye mw’ihinguriro SOSUMO ugashitsa mu bushikiranganji bw’ubudandaji ntibazi ko isukari itagurwa kuri kirya giciro leta ishinga ? », uko niko uwo mudandaza yabandanije ambwira. Aha nkibaza nimba vy’ukuri abadukurira boba babibona bakishirira agati mu ryinyo.
Harabaye, ntihakabe
Mu ntumbero yo gutorera umuti ikibazo c’ikena ry’isukari, leta yarafashe ingingo yo kurekurira abadandaza kuzana iyivuye mu mahanga. Ariko no ngaho nyene, nta wokwiyobagiza ko igihugu gisanganywe ubukene bw’amafaranga y’agaciro. None twokwizigira ko iyivuye hanze ari yo izozimbuka gusumba iya hano iwacu ?
Ku bwanje, mu gihe rero leta itegekanya kubeshwaho n’uburyo buva mu banyagihugu bayo ku rugero nk’ururi hano (ibice birenga 70%), yategerezwa kwitaho uburyo babayeho, na cane cane mu kuronka ivya nkenerwa. Rero, ntibibereye ko mu gihe iyo leta nyene iba yashinze igiciro, haheza hakaza abandi bantu bishingira ivyabo, hama ntihagire icamira.