article comment count is: 0

Burya mwari muzi ko ari twebwe twikwegeye uruzuba n’imvura nyinshi bimaze igihe?

Imwe mu ngorane zihanze isi muri kino kinjana ca mirongo ibiri na rimwe, ni “ihindagurika ry’ikirere. Iyo Atari igihuhusi usanga ari uruvura rw’umurengera canke uruzuba, ivyo bikama vyakoze ku buzima bw’abantu. No mu Burundi ntidusigara inyuma. Prosper Niyonkuru ati: “imwe mu mvo ni igwirirana ry’abantu”.

Hirya no hino twama twumva ngo ibihuhusi vyahitanye abantu n’ibintu, canke tukumva ngo uruzuba rwatumye hatera amapfa.

No mu Burundi nyene, mwe n’izo ngorane ziriko ziraza bukebuke, noneho tumaze imisi tubibona. Iyo hatatse uruzuba rurengeje, harwa imvura irenze urugero. Ingaruka zavyo zitera ziyongera kuko n’abantu batari bake bamaze kuhasiga ubuzima.

Nagerageje gutahura impamvu iryo hindagurika ry’ibihe rikomeza ritugirako ingaruka, mpava nsanga imwe mu mvo ari “igwirirana ry’abantu”. Ari nakwo kwibaza nimba ababijejwe nabo boba babizi, kugira bafate ingingo zibereye.

Uko ikirere kimaze imisi gihindagurika n’ingaruka zavyo

Mu mwaka uheze havuzwe cane ikiza bise “El nino”, ico naco kikaba kirangwa n’imvura nyinshi. Iyo yarahitanye ibitari bike, hamwe hamwe mbere n’abantu barahasiga ubuzima; aho hakaba hari mu gihe c’urushana.

Mu gihe c’ici naho havuzwe icitwa “Lanina”, coco kikaba ari igihushane ca El nino, kikarangwa n’uruzuba rwinshi cane.  Ingaruka z’ico kiza rero tukaba tutarazikira, kuko nko mu gihugu hose, umwimbu wagenze nabi cane. Ivyo bikaba vyatumye inzara iba ndanse aho mbere hari n’abahunze igihugu kubera yo.  Vyatumye kandi ibiciro  ku masoko bigwizwa na kabiri canke karenga.

Ata n’igihe kinini kihaciye, imvura yaciye yongere gusongera isibe.  Mu kwezi kwa Ntwarante, umwaka w’2017, ibintu bitari bike vyarononekaye mu mihingo myinshi y’igihugu bitumwe n’iyo mvura: Nko mu gisagara ca Bujumbura, mu mazone atandukanye, amashure n’amazu y’abantu vyaratwawe. Hagati mu gihugu nko mu ntara za Cibitoke, Muramvya, Bururi n’ahandi, imirima itari mike yarononekaye.  Abantu benshi rero bakaba bari mu kangaratete batagira ayo bacira n’ayo bamira. Hejuru y’ivyo hiyongerako abantu batari munsi ya munani bashobora kuba barahitanwe n’iyo mvura nyene muri utwo turere navuze.

Aho ivyo vyose bihurira n’igwirirana ry’abantu

Abahinga n’abashakashatsi baramaze kwerekana ko imirimo ya kiremwa muntu ishobora gutosekaza aho abaye, mbere ivyo bikagaruka kumuzanira ingaruka mbi.

Naregereye Theophile Ndarufatiye, umwe mu bakozi bo mu bushikiranganji bw’ibidukikije, niwe yansiguriye ingene “iryo hinduka riva ku vyuka bibi birungikwa mu kirere, biciye mu nzira nyinshi nk’amahinguriro n’ibindi”. Sabushimike Jean-Marie nawe, umwigisha wo muri kaminuza yambwiye ibitandukanye n’ivyo gato; Ati “ahubwo biva kw’igwirirana ry’abantu hamwe n’ukwonona ibidukikije. Kuko na none, uko abantu biyongera niko bakenera aho barima hanini, aho bubaka henshi, kandi isi nayo itigera yaguka”.

Gutyo, mbona gutahura ko kumbe, mu Burundi, igwirirana ry’abantu rirashobora kuba rifise uruhara rukomeye mw’ihindagurika ry’ikirere rimaze imisi ridukorako.

Hakwiriye uguhindura ingendo, be n’amategeko abereye

Uguhonya amashamba, ukwonona inkengera z’inzuzi, ukwubaka tudakwirikije amategeko na cane cane mu bisagara, n’ibindi. Ivyo twama tubigira twibaza ko turiko twiteza imbere, ariko tukibagira ko ingaruka zavyo nazo zishobora kudukwegera akarambaraye.

Ku bwanje, mbona hakwiye politike iboneka y’ukugene ibisagara bitegekanywa kwubakwa mu gihugu. Kuko kugeza ubu, biragoye kumenya amategeko bamwe n’abandi bisunga mu kwubaka, ndetse no mu gucagura ibibanza bubakamwo.

Ku rundi ruhande, sinovuga ngo leta yoshiraho politike yo kugabanya imvyaro, ariko harakwiye imigambi iboneka y’ukuntu abanyagihugu bakorera iterambere rirama, mbere iyo ikaza yisunga umurindi bagwirirako n’uburyo umwe wese ari buronke aho aba n’ukuntu ari bubeho, kanatsinda isi tubayeko yo ntiyaguka.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion