Twaravyiboneye mu mihingo itandukanye y’igihugu. Inyuma y’aho hatangiwe uruhusha rwo gusubira kubaga inka n’ibitungwa bitobito nk’ihene, Abarundi batari bake barerekanye urukundo bafitiye akanyama. Hari n’abatevye basaba ko iryo genekerezo ryocika umusi mukuru wahariwe akanyama mu gihugu cacu.
Ndi ku rugendo manuka nja mu gisagara ca Bujumbura. Isaha zitatu z’agatondo, imodokari irahagurutse. Aho turi mw’ibarabara bita RN1. Abo turikumwe mu modoka amaso aguma ari hanze. Muti hoba ari kuki ? Ni kubera uwo musi ari ryo sango Reta yatanze kugira abantu basubire babage inka. Nico gituma twese muri iyo modokari twagenda twarikanuye n’amarara menshi kugira turabe ko hari ahamanitse ka mushikaki tugahitane twumve ko kakiryoshe nka kera.
Abamaze kugendera muri iryo barabara barazi ko umuntu agenda arabona aho bamanitse inyama. Aka « brochette » usanga abantu bariko barakihereza canecane amasaha yo ku mugoroba. Icababaje benshi, mu nzira twazibonye hake. Twaguma tubona ingurube gusa.
Gushika mu Kamenge, aho bita kuri « Gare du nord », amaso aguma hanze. Twese umengo turindiriye ko tubona inka imanitse, kugira twizere neza ko i Bujumbura, turara turiye ka « brochette ». Imana yose nja mbona tuyituyeko amaso. Abari muri iyo modokari bose bariruhutsa, bakomera amashi rimwe, akaneza katwuzura mu maso.
Rwoba ari urukundo gusa ?
Ku mbuga ngurukanabumenyi, mu gihe hari hafashwe ingingo yo guhagarika kubaga inka, abakunzi b’inyama baraboroga. Mu ma « groupes » WhatsApp, nta muntu yoba yarabajije aho yokura akanyama ? Ku ruhande rwanje, kari kenshi…
Uwuzibonye ahantu, yarigora agakoma akaruru, asemerara aho azikuye nk’uko twabibonye kuri uyu muntu yabisemereye ku rubuga rwa Twitter.
Impene kwa Ntiba 😭😭😭😭 pic.twitter.com/6nk6iG3dnc
— KK. Dar🇧🇮 (@KGDarrr) July 29, 2022
Umusi Abisiramu baronka uruhusha rwo kubaga inka, kabaye akaryo ko kwihereza agatigu canke agasoso. Emweee, mwakunda inyama.
Umusi w’isango ry’uruhusha rero, benshi bariruhukije. Abaronse akanyama, babwira abandi, ngo: « mutevye zirahera ! ».
Uwagiye kw’isoko, yahasanga isinzi ry’abantu. Iyi sanamu yarazungurutse, yerekana uko abantu banigana kugira baronke inyama.
Inyamaaaaa inyamaaa inyamaaa🤣🤣🤣🤣🤣🤣 pic.twitter.com/HZVD0jQOmS
— Jean Michel Jamy😎 (@JamyMichel1) August 3, 2022
Benshi ntibanarindiriye ko hagera ku mugoroba (nk’uko vyari bimenyerewe) kugira barye « brochettes ». Batanguye kuzerekana mu masaha ya kare cane.
Midi ya Mercredi le 03/08/2022
Mpaka tuziteranye!🤣🤣🤣
Mwiriwe @gwagaphoto 🙌 pic.twitter.com/08aBIbZIX8
— Jean Michel Jamy😎 (@JamyMichel1) August 3, 2022
Abatarazishikira nabo sibo babona barazishikiriye.
Ndi nakamwemwe kenshi ko mpagaze mu marembo ya Medina. Nije nugurura ibirori vyo #turyedusandabe nukuri uno munsi turikura umwansi mu nda. Nkaba nashaka gushimira abarongozi bumvise gutakamba kwacu kwinshi, Murakoze cane🙏🏾
— #turyedusandabe (@AyinkamiyeBella) August 3, 2022
Akabare « Inbox » ko mu gisagara ca Bujumbura, aho basanzwe batazira Kwa Ntiba, guhera nk’isaha imwe z’ijoro, imiduga yari yuzuye. Ferdinand* yicaranye n’abagenzi biwe, yavuze ko yahageze kare nk’isaha cumi na zibiri z’umuhingamo kugira ntasange « inyama bazimaze ». Akagira ati: « Naje kare kuko nari ndabizi neza na neza ko mpava nsanga bazimaze ». Ntiyavuga busema kuko nk’isaha zitatu z’ijoro zirenga, inyama zari zaheze kuri « Restaurant Bar Inbox ».
Nta nkeka, uwo munsi wa gatatu uzoba ntibagirwa mu Barundi. Umusi Abarundi basubiriye kurya akanyama. Hari n’uwusavye ko woshirwa mu minsi mikuru igihugu guhimbaza.
La date du 3 août, restera gravée dans la mémoire des #burundi-ais, comme étant une fête nationale de la viande. Est-il possible d'en faire une journée chômée et payée ? @KazozaFM, @JimbereMag,@YBurundi @akezanet pic.twitter.com/kjMRJQjeHK
— Jean Renaud Niyonkeza (@RNiyonkeza) August 3, 2022
Ariko mu kirundira ko umusi wa gatatu, igenekerezo rya 3 Myandagaro ushirwa mu misi mikuru ihimbazwa ku rwego rw’igihugu, ukaronka uko wiha akanyama, kihe ! Ni inde yari azi ko hazogera aho Abarundi bakumbura umushikaki ku rwego nk’urwo rwose ?