Josiane* ni umwigeme w’imyaka mirongo ibiri n’ibiri; yamanutse i Bujumbura afise imyaka icumi n’itandatu, aje kurondera akazi. Yahora yumva bavuga ko i Bujumbura amahera yisesa, akibaza ngo azotunga atarushe. Yamara uko yavyibaza si ko yabisanze. Aratuyagira ayo yahaboneye.
Navukiye mu muryango ukenye cane. Naciye mpeba ishure kare, kugira mfashe umuvyeyi wanje udukorwa two mu rugo. Yamara kubera ubuzima bwatera bwanka, naciye nigira umugambi wo kumanuka i Bujumbura kurondera akazi. Natanguriye mu muryango ubayabaye, nkarera abana babiri bato, ngahembwa amafaranga ibihumbi mirongo ibiri ku kwezi.
Vyarashika ukwezi kugahera simbone agashahara, nkakaronka ntevye rwose. Abo nakorera nabo bari bafise amikoro make cane. Nahavuye nigira inama yo kurondera akandi kazi, kuko ubuzima nari mbayemwo muri uwo muryango bwasa n’ubwo nari mbayemwo ruguru iwacu. Ivyo na vyo akaba ari vyo nari narahunze.
Maze kukaronka
Muri uyo muryango wa kabiri naronsemwo akandi kazi, inarugo waho yakunda gukorera ruguru. Vyaranashika akamara imisi atariho ari. Iruhande y’aho nakora, hari uwundi mwigeme. Na we nyene yarera abana, yamara we yari yatanguye ako kazi kuva kera.
Umusi umwe turiko turatera inkuru, ni ho yacishamwo ati: « I Bujumbura, udakanuye manini, ntaco uzohanoba ! Nta terefone ukeneye canke utundi tuntu twiza? Kanura, ntukiri umwana.»
Ayo majambo yangumye mu mutwe. Naritegereza nkabona uyo mukobwa asa neza, yambara neza, eka mbere afise na ngendanwa, nanje nkumva ndavyipfuje. Ntivyatevye, uyo mukobwa atangura kunyibira “akabanga” k’ukungene novyifatamwo, kugira nanje ndabironke. Uko kuvyifatamwo si ukundi, kwari “ukuryosharyosha” umukoresha wanje kugira aze arampa amahera. Biba bitanguye uko.
Uwubundabunda…
Mabuja yaduze ku kazi, mba ari je nsigara mu kibanza ciwe. Muca mwumva ivyo twasigaramwo na databuja. Mu kirundi barayamaze bati ‘‘Imisi y’igisuma iraharuye”. Ivyo nakoze vyarangiriye ingaruka mbi.
Nahavuye ntwara imbanyi, ndetse n’ivyo nakoze biramenyekana mu kibano. Ngo ngire ndaja kuganyira umwe nita ngo ni umugenzi wanje, na we aho kugira ico amfashije, arantwenga.
Kubera ko ata kundi nari kubigenza, naciye ntekera utwanje nsubira i muhira ku gatumba kwibarukirayo.
Hapfa akokize
Mu bisanzwe, umukoresha n’umukoreshwa basangiye akazi, kandi habwirizwa kubamwo gusoneranira, kwubahana hagati yabo. Erega umukoresha aryamanye n’uwo akoresha, ni ikintu kibi cane; kuko akazi ntikaba kakigenze neza. None uwama arakubona ubwambure, azogusonera biciye hehe? Uzomubwiriza ikintu akwumvire?
Ku rundi ruhande naho, kuryamana n’uwo ukoresha, biboneka ko uba wakoresheje ububasha umufiseko. Yamara ashobora no kuguta muri uwo mutego, agaca akwitwarira, kandi ugahanwa n’amategeko.
Si ivyo gusa, biragutesha agaciro; ku buryo aho uciye bagutunga urutoke ngo urya aryamana n’abakora iwe. Ivyo kandi ntibiraba ingo gusa; no ku yindi mirimo ni ko kw’uko.
Ivyo vyashikiye Josiane, vyama vyabaye. Hari abigeme benshi bamanuka i Bujumbura bizeye ko bazohatungira batarushe. Yamara, baza biteze gusomera, bigahera barumanze. Umuntu yorya bike akaryama kare, akarya utwo yabiriye akuya, kandi mu nzira nziza. Iyi nkuru yobabera icigwa.
*: izina ryahinduwe
murakoze cane
Commentaire *indero yabarundi iragoye,umwana wiburundi umubwiye ati ca munzira yaga;ntavyemera. Kwiga ngo biragoye,uwukiri muto yigira umuhinga agahingugwa nuwundi. Nuko niko bimeze ivyo mwisi.